IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > EAC : Abakenyezi bagendana umugera wa SIDA babangamiwe n’ikumirwa

EAC : Abakenyezi bagendana umugera wa SIDA babangamiwe n’ikumirwa

vendredi 4 Ndamukiza 2014

Gukumirwa mu kibano, kwinubwa, kutagira ijambo, guhohoterwa ubuzima n’abafasha babo, ni zimwe mu ntambamyi zugarije abakenyezi bagendana umugera wa SIDA mu Burundi.

Mu gihe umunsi mpuzamakungu wahariwe abakenyezi kw’isi wama uhimbazwa kw’igenekerezo rya 8 Ntwarante, abakemyezi bagendana umugera wa SIDA mu Burundi bifadikanije n’abandi bakenyezi bo mu muryango wa Afrika y’ubuseruko basanzwe bawugendana bahimbaje uwo munsi mukuru w’abakenyezi kuri uwa gatanu wa 4 Ndamukiza 2014.

Mw’ijambo ryo gutanguza ibikorwa vyo guhimbaza uwo munsi munsi mukuru w’abakenyezi, Christine Bizimana, yaserukiye abakenyezi bagendana umugera wa SIDA mu Burundi yamenyesheje ko abakenyezi bagendana umugera wa SIDA mu Burundi bakiri inyuma cane ugereranije n’abandi bo mu muryango wa Afrika y’ubuseruko.
Zimwe mu ntambamyi bagihura nazo akaba ari ugufatwa ku nguvu mu gihe baba baramaze kwandura umugera, gukubitwa n’abo bubakanye kubw’umugera bagendana, kubura uruhara mw’itunga ry’umuryango, hamwe no gukumirwa mu kibano yaba mu kuja mu mashure canke mu kuburabuzwa mu buzi bwa minsi yose.

Uwaserukiye abakenyezi bagendana umugera wa SIDA mu Burundi akavuga ko bahuriye hamwe kugira barabire hamwe icohinduka kugira agateka k’abagendana umugera wa SIDA mu karere ka Afrika y’ubuseruko kagarukirwe.

Kubwa Dorothée Namutamba, arongoye abakenyezi bari mu muryango w’abagendana umugera wa SIDA muri Afrika y’ubuseruko, ihuriro ry’abagendana umugera wa SIDA rirakenewe kugira rifashe gutorera inyishu hamwe z’ingorane abagendana umugera wa Sida bahura nazo.
Intumbero y’ihuriro akaba ari uko ingorane zose abakenyezi bagendana umugera wa SIDA bahura nazo zoranduranwa imizi. Abakenyezi bose bakumvirizwa, bagatahurwa bakaronka uburenganzira n’agateka kabaranga.

Ama Reta agize umuryango wa Afrika y’ubuseruko akaba ahamagariwe gukora uko ashoboye kwose kugira afashe abakenyezi bagendana umugera wa SIDA mu bikorwa vyo kwiteza imbere. Gushinga amategeko yubahiriza agateka k’abakenyezi, ntibongere gukumirwa mu kibano hamwe no gushinga amategeko abanganisha co kimwe n’abagabo mu kubaronsa ibibanza bimwe mu buzi bikaba arivyo vyoshirwa imbere.

Mwomenye ko mu matotohoza yakozwe kw’isi yose kubagendana umugera wa SIDA, ibice bigera ku 60 kw’ijana ari abakenyezi.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.