IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Burundi : Amashirahamwe atatu yararonse imfashanyo

Burundi : Amashirahamwe atatu yararonse imfashanyo

mardi 20 Myandagaro 2013

Amashirahamwe ABUBEF, Floresta n’ishirahamwe rijejwe gutabara imbabare mu Burundi yaraye ateye umukono ku maserezo yo gufashwa Leta zunze ubumwe z’Amerika biciye ku buserukizi bwazo mu Burundi. Ayo masezerano yateweko umukono ku munsi w’ejo kuwa mbere.

Amafaranga agera ku miriyoni 346 niyo yaraye atanzwe kuri ayo mashirahamwe atatu kugira azofashe kurwanya amabi akorwa afatiye ku gitsina, gufatwa ku nguvu, no gohoterwa. Igice cayo mafaranga yatanzwe kikazofasha gushigikira abahungutse bo mu Burundi mu bijanye no kwiyungunganya canke kwibeshaho.

Uwuserukira Leta nzunze ubumwe za Amerika mu Burundi, Dawn Liberi akaba ariwe yishiriyeko umukono kuri ayo maserezerano, imbere y’abaserukira ayo mashirahamwe atatu agiye gushigikirwa.

Mu Burundi bwose, amabi afatiye ku bitsina vyaragaragaye ko ariyo akorwa cane ku rugezo rwo hejuru. Abakenyezi batishoboye harimwo n’abigeme bakiri ku mu mashure yisumbuye akaba aribo babangamiwe cane gusumba abandi.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.