IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Burundi: Amashirahamwe y’abamenyeshamakuru yandikiye Umukuru w’Igihugu

Burundi: Amashirahamwe y’abamenyeshamakuru yandikiye Umukuru w’Igihugu

mardi 23 Ndamukiza 2013

Amashirahamwe y’abamenyesha makuru arikumwe n’amashirahamwe ataho yegamiye muvya politike, yandikiye yandikiye Umukuru w’Igihugu c’u Burundi nyakubahwa Petero Nkurunziza.

Muri urwo rwandiko ,bamusaba ko itegeko rigenga umwuga wo kumenyesha amakuru riherutswe gutorwa n’inama nshingamateka na nkenguzamateka, ko atoriterako umukono.

Nkuko bivurwa na Vincent Nkeshimana umwe mu barongoye amashirahamwe yo kumenyesha amakuru,ngo basaba Kizigenza ko atotera umukono kuri iryo tegeko ,ngo kuko ritubahiriza ibwirizwa nshingiro be n’amategeko mpuzamakungu agenga umwuga wo kumenyesha amakuru u Burundi bwateyeko umukono.

Tubibutse ko bimwe mubiri muri iryo tegeko ari nko kuvuga aho umu menyeshamakuru yakuye inkuru,gutanga ihadabu ry’umurengera mugihe ururimi rwanyereye n’ibindi.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.