Accueil > Amakuru > u Burundi > Burundi: Amashirahamwe y’abamenyeshamakuru yandikiye Umukuru w’Igihugu
Burundi: Amashirahamwe y’abamenyeshamakuru yandikiye Umukuru w’Igihugu
mardi 23 Ndamukiza 2013
Amashirahamwe y’abamenyesha makuru arikumwe n’amashirahamwe ataho yegamiye muvya politike, yandikiye yandikiye Umukuru w’Igihugu c’u Burundi nyakubahwa Petero Nkurunziza.
Muri urwo rwandiko ,bamusaba ko itegeko rigenga umwuga wo kumenyesha amakuru riherutswe gutorwa n’inama nshingamateka na nkenguzamateka, ko atoriterako umukono.
Nkuko bivurwa na Vincent Nkeshimana umwe mu barongoye amashirahamwe yo kumenyesha amakuru,ngo basaba Kizigenza ko atotera umukono kuri iryo tegeko ,ngo kuko ritubahiriza ibwirizwa nshingiro be n’amategeko mpuzamakungu agenga umwuga wo kumenyesha amakuru u Burundi bwateyeko umukono.
Tubibutse ko bimwe mubiri muri iryo tegeko ari nko kuvuga aho umu menyeshamakuru yakuye inkuru,gutanga ihadabu ry’umurengera mugihe ururimi rwanyereye n’ibindi.
Egide Nduwimana
Messages
25 Ndamukiza 2013, 03:36, par HAKIZIMANA jean marie
Iryo hadabu,gutanga inkuru iyo yavuye bizotuma amakuru menshi atamenyekana.kubera benshi bazotinya.,urakoze.