IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Nyakabiga :Haratowe Ibirwanisho

Nyakabiga :Haratowe Ibirwanisho

jeudi 2 Rusama 2013

Ivyo birwanisho vyatowe harimwo ama gerenade 8, inkoho ntoya iri mu bwoko bwa pistole, iyo nayo ikaba yari ifise ikimenyetso cerekana neza ko ari iyo mu gipolisi c’igihugu, iruhande y’ivyo birwanisho hakaba hari hafashwe n’ipikipiki 2 zo mu bwoko bwa TVS.

Ico gikorwa kikaba ca kozwe n’igipolisi c’igihugu gifatanije n’abanyagihugu baho muri komine Nyakabiga. Umuvugizi w’igipolisi c’Uburundi Eliya Bizindavyi akaba yashimiye abakoze ico gikorwa ndetse aca aboneraho no gutera akamo abanyagihugu ko boza baravuga ahari inkozi z’ibibi kugira zifatwe kandi zihanwe n’amategeko.

Yongeye kandi amenyesha ko hari aho ibikoresho vyo mu gipolisi bitangwa na banyenevyo kugire bikoreshwe mu manyanga amwe amwe, avuga ko uwuzofatwa yatanze igikoresho ciwe ngo kije gufasha mu bindi azohanwa bimwe bishimishije.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.