IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Igisata c’indero n’ubutungane biritaweho n’Ububirigi

Igisata c’indero n’ubutungane biritaweho n’Ububirigi

mercredi 29 Rusama 2013

Kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 29 Rusama 2013, umushikiranganji wo gufashanya k’Uburundi n’ayandi makungu Lawurenti Kavakure arikumwe n’uwuserukira Ingoma y’Ububiringi mu Burunndi Marc Gedopt, bashize umukono ku masezerano y’imfashanyo igenewe ibisata vy’indero n’ubutungane mu Burundi.

Bahejeje gushirako imikono kuri iyo mfashanyo, uwuserukira Ububirigi mu Burundi hamwe n’Umushikiranganji bose bagize ico bashikiriza. Kubwa Lawurenti Kavakure, yamenyesheje ko kwizina rya Leta y’Uburundi, bashimishijwe n’imfashanyo igera ku mafaranga y’amanyaburaya imiriyoni 8.628.700, azofasha mu mugambi w’igihugu wo kwigisha abana bose ku buntu ndetse n’ugufasha abakuze kumenya gusoma n’ukwandika, iyo mfashanyo kandi ikaba igizwe n’ikindi gice c’ugusanura sentare ntahinyuzwa y’Ibujumbura na sentare z’intango za Muramvya na Bubanza.

Umushikiranganji Kavakure yarangije amenyesha mu ncamake ko iyo mfashanyo ije hageze kuko izofasha mu nyigisho zagenewe urwaruka rwose rw’ Uburundi, mu bisata vyo kunagura ubumenyi bw’abigisha bo mu mashure matomato, gufasha mu guha akanovera inyigisho zitangwa mu gisata c’indero, gufasha kwigisha abakuze gusoma n’ukwandika. Uburundi rero burashimishwa n’ukwitanga kw’Ububirigi mu mfashanyo butanga mu bisata vy’indero n’ubutungane. Umushikiranganji akaba yijeje abatanze intererano ko amafaranga batanze azokora ico yagenewe ndetse akazogira n’umusaruro mwiza cane cane muri ivyo bisata bibiri vyaronse imfashanyo.

Uwuserukira Ububirigi mu Burundi Marc Gedopt yamenyesheje ko ugufashanya hagati y’Uburundi n’Ububirigi ari ivya kera ati kandi nta nkeka ko iyo migenderanire myiza izohaguma. Gedopt yabandanije ashikiriza ko imfashanyo batanze bipfuza ko yoshigikira cane ibisata vy’indero n’ubutungane. Yongeye amenyesha ko iyo bavuze ubutungane baba kandi bavuze ubwigenge bw’abacamanza.

Ku bijanye n’igisata c’indero, uwuserukira Ububirigi yavuze ko igice c’imfashanyo kigenewe indero kizofasha mu mice itandatu ari iyi ikurikira :Umugambi wa Leta wo kwigisha abana bose ku buntu, guteza imbere ikingirwa ry’abana hamwe n’indero ku bana bato, ukungana kw’abakobwa n’abahungu mu mashure, gufasha igisata c’indero mu nzira yo guha akanovera indero mu Burundi, gufasha abakuze kumenya gusoma n’ukwandika, gufasha abakuze n’urwaruka kumenya ibijanye n’iterambere.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.