IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Burundi : Ikigo kijejwe guhingura no gushingura ibivuye mu vyimburwa kigiye (...)

Burundi : Ikigo kijejwe guhingura no gushingura ibivuye mu vyimburwa kigiye kwubakwa

lundi 18 Myandagaro 2014

Mu mubonano , umukuru w’igihugu c’uburundi yagiranye na mugenzi we arongoye igihugu c’ubushinwa , ico gihugu cemeye ko kigiye kuwbaka ikigo kijejwe guhingura no kubika ivyimburwa hamwe no gutanga imfashanyo izofasha mu matora.

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza akaba yabonanye na Xi Jinping arongoye igihugu c’Ubushinwa, mugenzi we arongoye igihugu c’ubushinwa aho baganiriye ahanini ku vyerekeye aho imigenderanire y’ivyo bihugu uko ari bibiri igeze ndetse no mu gisata c’indero n’ubuhinga. Umukuru w’igihugu c’ubushinwa yaciye yemere kwongereza igitigiri c’abanyeshure b’abarundi baja kwiga muri ico gihugu bava kuri 35 baja ku mirongo itanu buri mwaka. Ico gihugu kandi cemereye umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza ko kigiye kwubaka ikigo co guhingura hamwe no kubika ivyimburwa.

Umuvugizi w’umukuru w’igihugu c’ Uburundi Léonidas Hatungimana ari nawe yatanze iyo nkuru, amenyesha ko Ubushinwa bwemeye kandi kwubaka urugomero rw’umuyagankuba ku ruzi Ruzibazi kandi ko igihugu c’Ubushinwa kizoshigikira amatora yo mu mwaka w’2015, mu gutanga imfashanyo ingana umuriyaridi w’amafranga y’amarundi.

Hejuru y’iyo mfashanyo kandi igihugu c’ubushinwa kizotanga imfashanyo yindi ingana imiriyaridi 10 z’amarundi.


Floxella Karire

Messages

  • Ubu shinwa nisawa kweli barabemeje aba pinzani bo mu kibiri Mbega basha izo mfashanyo zoba zasabwe nawa mugabo atimwesha umushatsi n ubwanwa ?wamwungere ata intama ziwe w umunyabwoba (SINDUHIJE SHA IKIBIRI NGOKIGUHAYE AKAZI EWE MWABANTUMWE!!!)

  • KORAKAZI MUTAMA, NTIWISHINGE KANDI NGO WUMVIRIZE ADC-IKIBIRI NA ZA SOSIYETE SIVILE ZABO BIRIRWA BARIKURUTA MURI STUDIO YA RPA BAVUGA AYAMUHE NGO NIHO BAZORONKERA AMAJWI!!!!!!!!!!!!

  • Sosiyete Civile mudakazanije mugakora iyobwabaye mukurondera ibintu vyogutuma amatora atazoba turiloturabona umukuru wigihugu ivyoyavuze kwamatora atakibuza nivyo! Ndasavyerero mukazanye kuvugacane ko Mbonimpa afungurwa atanakimwe gisabwe Gabriel wa OLUCOM asemerere cane avugango: kuberiki uburundi bukomeza guterimbere? (Vugubwobutunzi iyowabukuye)

  • ewe mama nawe uragowe kumutima uzohava usara mumutwe utaravye neza, umwana yanka niwe akura ,ngo aho ufise agakiza mutima ? ewe yesu we !!!!!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.