IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Insamirizi mpuzamakungu y’abashinwa yatanguye gukora icese

Insamirizi mpuzamakungu y’abashinwa yatanguye gukora icese

mardi 14 Rusama 2013

Iradiyo mpuzamakungu y’abashinwa yatanguye gukora ku mugaragaro, ku murongo wa FM 89.2 hano i Bujumbura, kuri uno musi igenekerezo rya 14 Rusama 2013. Ikaba yari yatanguye gutanga ibiganiro vyayo mu kwezi kwa Ruhuhuma umwaka w’2013.

Ibirori vyo kuyitanguza ku mugaragaro bikaba vyari vyitabwe n’abategetsi batandukanye, aho twovuga nk’umushikiranganji w’urwaruka, inkino n’imico kama, Adolphe Rukenkanya yaserukiye Leta, uwuserukira Ubushinwa mu Burundi, Ambasaderi YU Xuzhong, umunyamabanga mukuru mu bushikiranganji bwo gutumatumanako amakuru n’imigenderanire hamwe n’inama nshingamateka, Frederic Francois Sigejeje, abahanuzi bo mu biro vy’umukuru w’igihugu, no mu biro vy’ivyegera vyiwe, umuyobozi w’urwego rujejwe kugenzura itangazamakuru CNC, Petero Bambasi, umuyobozi mukuru wa ARCT, umuyobozi w’imboneshakure y’igihugu, umuyobozi mu karere ka Afrika w’iradiyo mpuzamakungu y’abashinwa, umuyobozi wa Star times mu Burundi, n’abandi.

Iyo radiyo mpuzamakungu y’abashinwa (RCI),ni iradiyo y’igihugu c’Ubushinwa. Ikaba yari yatanguye gukora igenekerezo rya 3 Kigarama 1941, ubu ikorera mu bihugu bitari bike kw’isi, igatanga n’ibiganiro mu ndimi zigera kuri 43 aho mbere ikavuga mu rurimi rw’igifaransa mu bihugu bisanzwe bikoresha urwo rurimi.

Icipfuzo cayo ni ugushira hejuru umwumvikano n’imigenderanire hagati y’abashinwa n’abandi bantu bose bo kw’isi nzima. Iyo radiyo igengwa n’ubuyobozi bukuru bw’insamirizi, imboneshakure n’amareresi vy’igihugu c’Ubushinwa, ikaba ifise kandi n’ibindi bitari bike ikora.

Hano mu Burundi iyo nsamirizi RCI (Radio Chine Internationale) izokora mu rurimi rw’igifaransa n’igiswahili, aho mbere hari n’ibiganiro vyayo bizoja birerekanwa ku mboneshakure y’igihugu. Nayo urutonde rw’ibiganiro vyayo, ruzoza ruratangura kuva isaha 12 zo mu gitondo gushika mu gicugu.

Uwaserukiye umukuru w’insamirizi n’imboneshakure vy’igihugu, Nestor Bankumukunzi yakeje iyo radiyo ku kugene yakoze ibikora inka mu gutanga ibiganiro vy’ingira kamaro, biyaga neza igihugu kuva muri Ruhuhuma 2013 gushika uno munsi itangure ku mugaragaro.

Yongeye amenyesha ko ije kwongereza imigenderanire yari isanzwe iri hagati y’Uburundi n’Ubushinwa kuva mu mwaka w’i 2011, kuko hari n’ibiganiro vy’umurongo w’imboneshakure CCTV vyari bisanzwe vyerekanwa ku mboneshakure y’igihugu c’Uburundi.

N’Umukuru w’igihugu mw’ijambo ryiwe ryerekanwe ku masanamu, yakeje iyo radiyo, yongera akengurukira n’igihugu c’Ubushinwa ku kugene kidahengeshanya mu gushigikira Uburundi mu bikorwa bitandukanye.

Umuyobozi w’iyo radiyo RCI, yashimiye nawe abanyecubahiro bari baje gushigikira ivyo birori vyo gutanguza iyo radiyo ku mugaragaro mu Burundi.

Uwaserukiye Leta y’Uburundi, umushikiranganji w’inkino, urwaruka n’imico kama, Adolphe Rukenkanya, nawe nyene yakeje iyo radiyo mpuzamakungu y’abashinwa yaje gukorera hano mu gihugu c’Uburundi. Leta y’Uburundi ikaba ishimishwa n’ibikorwa vya Leta Y’Ubushinwa kuko ibashigikira muri vyinshi.

Kubwa Leta y’Uburundi, iyo radiyo ije mu gihe igihugu c’Uburundi kigira cinjire mu kiringo kidasanzwe co gutegura amatora. Akizera rero ko izorushirizaho kubashigikira no kubafata mu mugongo mu gutanga amakuru abereye na rirya iyo radiyo ije ifise intumbero yo kuvuga neza igihugu c’Uburundi.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.