IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Burundi : Reta yatanguje ikigandaro c’iminsi itatu

Burundi : Reta yatanguje ikigandaro c’iminsi itatu

vendredi 6 Kigarama 2013

Umukuru w’igihugu c’Uburundi yahojeje umuryango wa Nelson Mandela, igihugu ca Afrika yepfo, eka mbere n’amakungu yose iyo ava akagera ku rupfu rwa Nelson Mandela yaryamiye ukuboko kw’abagabo.

Mw’itangazo ryasohowe n’ibiro vy’umukuru w’igihugu c’Uburundi, risomwa na Léonidas Hatungimana, umuvugizi w’umukuru w’igihugu kuri uno munsi igenekerezo rya 6 Kigarama umwaka w’ 2013, Reta y’Uburundi yamenyesheje ko uruhara rwa Nelson Mandela mu buzima bw’isi yose ari ntangere.
"Isi yose ikazokwama yibuka igenekerezo rya 5 Kigarama nk’umunsi mubi, umunsi wayihekuye, wayitwaye imwe mu mfura zayo, umunsi wayitwaye Umugabo w’ijunja n’ijambo.

JPEG - 57.3 ko
Léonidas Hatungimana, umuvugizi w’umukuru w’igihugu

Reta y’Uburundi yamenyesheje ko izokwama yibukira kuri vyinshi umuhisi Mandela, na cane cane ko ariwe yatumye haba ibiganiro hagati y’abari bashamiranye mu Burundi, bitera intambwe kugeza n’aho amasezerano ya Arusha aterwako igikumu mu mwaka w’2000. Aha mukibuka ko ibiganiro vyo kurondera amahoro mu Burundi, Nelson Mandela yari yatanguye kubihagararira kuva muri Kigarama 1999, akoreye mu ngata umuhisi Mwalimu Julius Kambarage Nyerere.

Reta y’Uburundi ibandanya imenyesha ko intambwe Uburundi buteyeko uno musi kugeza n’aho buba ba bitumwako hirya no hino kw’isi bubikesha Nelson Mandela. Ikemeza ko ataco itazokora kugira iragi rya Nelson Mandela ribe intibagiranwa mu mateka y’Uburundi nay’isi.

Muri iryo tangazo, umukuru w’Igihugu akaba yarangije amenyesha ko hatanguye ikigandaro c’iminsi itatu mu Burundi kuva uyu munsi gushika ku munsi w’Imana.
Mwomenya ko ibendera ry’igihugu riduzwa kugeza hagati gushika ikigandaro gihere.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.