IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Busiga : Abajejwe intwaro bahagurukiye guhasha abakora ’’ikibarube’’

Busiga : Abajejwe intwaro bahagurukiye guhasha abakora ’’ikibarube’’

vendredi 27 Kigarama 2013

Komine ya Busiga, igeze ku ntambwe nziza mu kurwanya inzara, bivuye ku kubana neza hagati y’abanyagihugu, eka ndetse no kubumbatira amahoro yo soko ty’iterambere, nk’uko bimenyeshwa na Pascasiya Minirakiza, musitanteri w’iyo komine.

Amenyesha ko mu ntwaro bibanezera mu gihe mw’ikomine arongoye ata wandya wangura, bose babanye neza mu budasa bwa poritike. Abandanya amenyesha ko minsi yose, bama bariko baraha impanuro abanyagihugu z’ukwo bobana neza mu budasa bw’imigambwe barimwo, bakabana mu mahoro, bakareka gushamirana, ahubwo bakitabira ibikorwa vy’iterambere.

Umupfasoni Manirakiza arongoye komine ya Busiga, amenyesha ko ikibangamiye iyo komine ari inzoga itemewe n’amategeko yitwa ’’ikibarube’’iyo nayo, abayikora bakaba binyegeza, ariko abajejwe intwaro n’umutekano haba ku mutumba eka n’abandi, bakaba bariko barakora ibishoboka kugira iyo nzoga iranduranwe n’imizi. Ibihano ruhasha vyarafashwe, ku buryo uwufashwe ayidandaza, ariha ihadabu iri hagati y’amafaranga ibihumbi mirongo itanu, gushika ku bihumbi ijana.

Amenyesha ko iyo hadabu bayibaca, mu ntumbero yo kubaca inkokora kugira iyo nzoga bahebe kuyikora, mu gihe uretse ko ikorwa ryayo riteye amakenga kuko ishobora kuba inasinzikaza amagara y’abanyagihugu, ahubwo iri mu bituma ubukene mu banyagihugu bugumka ari akaranda.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.