IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umurwi CENI wemera ko habaye amakosa arenga 1900 mw’iyandikwa (...)

Umurwi CENI wemera ko habaye amakosa arenga 1900 mw’iyandikwa ry’abazotora

lundi 22 Kigarama 2014

Urunani ADC IKIBIRI ruhurikiyemwo imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi rwandikiye uwuserukira ishirahamwe mpuzamakungu PNUD mu Burundi, bamusaba ko atokwemeza ivyavuye mw’iyandikwa ry’abazotora mu mwaka w’2015. Muri CENI baremeza ko amakosa yahabaye, ariko bagasanga igikorwa kitosubirwamwo cose

Mw’ikete ryarungikiwe uwuserukira PNUD mu Burundi, urunani ADC IKIBIRI rwerekanye amakenga n’impungenge bafise mw’itegurwa ry’amatora mu Burundi, igikorwa kimaze kwibonekezamawo amakosa yo mu ntango, mw’iyandikwa ry’abazotora mu 2015. Muri ADC IKIBIRI bati : "Iyandikwa ry’abazotora niwo mushinge w’amatora", ariko bagaterwa amakenga n’amahinyu yibonekeje muri ico gikorwa, kuva mu ntango gushika mu mpera, yaba amakarangamuntu ya magendu yatangwa, ayatangiwe mu kinyegero, ayahawe abatarakwiza imyaka hamwe n’abanyamahanga.

Muri ADC IKIBIRI baragaruka kandi ku makosa yaranzwe n’ishirwaho ry’imirwi itegura amatora CEPI ku rwego rw’intara, hamwe na CECI ku rwego rwa komine, aho muri urwo runani bavuga ko iyo mirwi igizwe ku bice birenga 85 kw’ijana n’abanywanyi b’umugambwe CNDD FDD uri ku butegetsi. Urunani ADC IKIBIRI rugasaba ishirahamwe mpuzamakungu PNUD risanzwe ariryo rikurikirana amatora mu Burundi, ko ritokwemeza ivyavuye muri iryo yandikwa, kuko ingaruka zishobora kuba ihungabana ry’amahoro mu Burundi.

Tubamenyeshe ko urunani ADC IKIBIRI rwarungitse iryo kete mu gihe umurwi CENI nawo wamaze kwemera ko mu gikorwa c’ukwandika abazotora habonetse amakosa arenga 1900, ariko bakavuga ko bitotuma igikorwa cose gisubirwamwo. Mu nama yabaye kuri uwu wa mbere hagati y’umurwi CENI n’abegwa n’ikibazo c’amatora mu Burundi, Petero Karaveri NDAYICARIYE arongoye umurwi CENI yamenyesheje ko hamwe abafasha Uburundi bovyemera, abanyagihugu batashoboye kwiyandikisha boronswa uburenganzira bwo kwandikwa, naho mu migambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi babona ko ico gikorwa gitegezwa gusubirwamwo gushasha.

JPEG - 47.1 ko
Petero Karaveri Ndayicariye, umukuru w’umurwi CENI ujejwe gutegura amatora

Egide Nduwimana

Messages

  • Bamwita Jenga Jenga, nimba mutari murizi.

  • reka ivyo ya jengajinze tubibone arabesha.asana sana vya mutekurukanye.niyemere avugane n’abarundi bose kuko y’i buke ko amafaranga ahembwa atangwa n’abarundi bose harimwo abo akengera be n’umuvugizi wiwe ntahorwamiye.amenye ko abarudndi bose ari ba SHEBUJA mu muajambo atomye hanyuma y’igenze nku musavyi i mbere ya sebuja ni bave ibuzimu baje i buntu.
    bareke ku vuga ngo mu matora hajayo abagomba.

  • Burya iyabadushaka gushiribintu mugaciro tubadukwiye gusidumana niyonka tukavugaduti: Ayomakosha yabaye mwicogikorwa ciyandikwa cabazotora tuti harihubundiburyo vyocosorwa batarinze gufuta ivyakozwevyose. Ahubworekandabahe akarorero,mbemuraziko iryobwirizwashingiro ryigihugucacu ririmwo utunenge kandindaziko bitebe bitebuke bazokwicara badutosore, ariko ndizeyeko batazovugango nibarivuteryose batangure bushasha.

  • ariko ADC murimubiki ????reka kututesha umwanyA??kuva 2010 muguma mwitaba ntakivamwo??ubunaho muganira iki nabo???igihug nica abatundi si ca cni ncanke nkurunziza????,,mwebwe tubwirr ko vyabananiye twebwe tuvyikorere?? Ubu ntavyo mubasaba ??mubasaba nkuko umengo murabanyamahaga aho muruva,muriko mukina politique nyabaki ntimugire ubwoba aba dd nimihimbiri iraho ibawakije nanamasaha abiri yohera,reka,gutinya muta amajambo yubusa komera afc ikibiri

  • Arinzeyemerayo nimeshi cane nukurusu biramwo rwose cank amatora asibe dufate ibarabara twirukane abo ba DD. batu mariye igihugu bakaba batumye twangara. Abantu nkabo petelo baba dd bokwemera gutsindwa. Mutaje ngodukanure ba barasubira kuducamwo. Arikubu ndazi turagavye bihende.

  • Ah bon! Nagira CENI iharure amajwi gusa? Sinarinzi ko no guharura amakosa ikora biri mu mabanga bayishinze? Isigaye kwiha ibidari! Abavuga ko ubutegetsi buboreza ntibihenze!

  • Mwese mupha akamanyu kumucima .iconobahanura nimuze turondere ivyimana bidashira twoye kurondera ibishira .nimuze tugire imyigaragavyo mumabarabara yokubwira abantu ubutumwa bwiza .abarozi bihane anyaporotike bihane duphukame tubasengere.banyagihugu ntitugazwe nipwemu mbi zotuma dushigikira abanyaporitike mwibuke ivyabaye mu gihugu ca kenya ingene ababanyi bicanye.ikimbaza murivyose nuko ubisangamwo ABAPASITORI HAMWE NABAKIRISU kandi carikizira muragowe ibisigaye yesu arikurugi.

  • ariko Turindiriye Iki?AHOVYAKakabereye nikera ,Urazi Aba FNL batawe muruvubu w’ibaza ko twavyibagiye ?ISHAVU RIGEZE MUMUSHATSI.HOGERA TUKIYAMIRIZA CNI ....................................................................................................................................................................................................................

  • Eh eh eh. Ndibaza ikibazo. Amatora abenshi bayirukamwo baronke ibibanza. Mwigisha Kururu amatohoza yiwe arashimangira ko ibibanza nyavyo mu Burundi bitarenga 800. Kuri ivyo hariho n’utundi tubanza duto duto ushobora gukuramwo akajumbu k’umwana ubona ko inzara izura inzara mu bize,abatize,abigira abanyepolitiki bref mu Barundi.
    None jewe nk’umurundi lamda,ntegerezwa kurazwa ishinga n’abantu bariko bahiganirwa ibibanza 800?Ingorane bafitaniye hagati yabo bashaka ko abarundi barenga imiliyoni 9 amatora azosiga aho yadusanze bashaka kubidukwegeramwo?Ibaze nawe

  • ngo ni Ndayicariye?mbe ngo yicariy iki?je ndabona aho ibintu bigez,abarundi twohaguruka vuba bwango tukamwiyamiriza.

  • Burya amakosa 1900 ni make?aho barinze bemera ayo ntimwumva ko ari ikirenga,nibareke guhuma amaso amakungu,uburyo sibo babutangakandi amakunguntashobora kuvyanka na twebwe abanyagihugu tuzoterera ariko abanyagihugu bose biyumvemwo umurwi ataho wegamiye,kuko uwo biraboneka ko wegamiyekubutegetsi bwa CNDD-FDD

  • ew ndayicariy ikibiri kirakwicariy kizokuvak aruk winjiy impimba kuk ikizob muburundi kiba kibi cnke ciza niwew uzobibazwa uzob uhiriw atamaraso asetsetse uzob ugow we numuryango waw amaraso asetsets aba dd bargahuhenda uramenyako utarashe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.