IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Chris Brown > Chris Brown yemeza ko muri iyi minsi atekereje

Chris Brown yemeza ko muri iyi minsi atekereje

lundi 7 Gitugutu 2013

Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru The Gardian, umuririmvyi Chris Brown yagarutse ku migenderanire yiwe n’umuririmvyi Rihanna mu mwaka w’2009, imishamirano y’iwe na Drake ndetse no kubijanye n’urukundo kuri we.

Ku bijanye n’urukundo, Chris Brown avuga ko yatanguye kugira umukobwa bakundana afise imyaka umunani, aho ndetse avuga ko muri ico gihe yakundana n’umwigeme w’imyaka icumi n’itanu, ndetse bakaba baranaranguranye amabanga mpuzabitsina, muri ico gihe atatinya namba, naho bamwe vyobatangaza ko yoba yatanguye kare.

Ku bijanye n’urukundo rwa be na Rihanna mu mwaka w’2009, avuga ko ivyakurikiye vyamwigishije cane, ndetse vyatumye akura mu mutwe. Uyo musore w’imyaka 24 y’amavuko, avuga ko ubu ategerezwa kwitwara nk’umuyabaga, ari mu myaka ishushe, ariko kandi akitwara nk’umuhumure. Avuga ko ivyamushikiye vyose mu nkundozitandukanye amaze gucamwo, vyamuhaye icirwa, ndetse vyamutumye akura.

Ku bijanye n’indyane zadutse hagati yiwe na Drake, Brown yemeza ko muri iki gihe ari umusore akuze mu mutwe kandi atekereje, na cane cane mu bijanye n’inkundo z’abakobwa, kuko abantu batandukanye bamwibaza ko, kenshi aja mu rukundo kugira ateshe umwanya abigeme.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.