IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Cibitoke:Abagore barenga 1140 barafashwe ku nguvu muri uyu mwaka (...)

Cibitoke:Abagore barenga 1140 barafashwe ku nguvu muri uyu mwaka w’2012

dimanche 23 Kigarama 2012

Ikigi CDF gifasha ingo n’imiryango kimenyesha ko abakenyezi n’abigeme babandanya gukorerwa amabi mu ntara zitandukanye z’igihugu. Mu ntara ya Cibitoke, ngo abarenaga 1140 nibo bafashwe ku nguvu muri uyu mwaka w’2012.

Ikigo CDF kifasha ingo n’imiryango mu ntara zitandukanye z’igihugu cashize ahabona icegeranyo c’ingene abagore n’abakobwa bakubaguwe muri uyu mwaka w’2012.

Abagore n’abakobwa barenga 1140 ngo nibo bafashwe ku nguvu mu ntara imwe gusa ya Cibitoke uyu mwaka. Ikomine iza ubwa mbere ni Rugombo aho mu mezi 2 Gitugutu na Munyonyo, abarenga 290 bafashwe ku nguvu.

Abavyagirizwa ahanini ngo harimwo ababanyi b’abo bagore n’abakobwa, abigisha bafata abana bigisha, abapolisi, abungere, abimba inzahabu n’abandi.
Ikigo CDF kimenyesha ko ayo mabi abandanya yiyongera kubera ukudahana bikwiye abavyagirizwa,ukubakingira ikibaba hamwe n’igiturire gihabwa abapolisi b’inyamiramabi bagaca birabira hirya aho gusha icocaha.

Ikigo CDF gisaba ko Reta yohagurukira ico kibazo kuko gituma abagore n’abigeme bafashwe ku nguvu bacika ibicibwa mu miryango, abandi nabo bagaheba amashure. Kandi ngo n’uguhohotera agateka k’umukenyezi.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.