IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Cibitoke : Abari mu nzego za CNDD-FDD bagirizwa gutwara amatongo (...)

Cibitoke : Abari mu nzego za CNDD-FDD bagirizwa gutwara amatongo abanyagihugu

dimanche 9 Ruheshi 2013

Abanyagihugu baba mu Gasenyi mu ntara ya Cibitoke, baridoga ko basamburiwe amazu yabo havurwa ko bagire bagure isoko ya Gasenyi, ariko bavuga ko baronkejwe umuzibukiro udakwiye, kuko baronse ibibanza bitubatse.

Mu ntango, abo banyagihugu bavuga ko iyo soko yari yatanguye kwagurwa ku ntwaro ya Yohani Batista Ba gaza, ariko ntivyashoboye guhera ivyo bikorwa, mu mwaka w’2008 ku ntwaro ya Petero Nkurunziza naho, amazu amwe yo mu Burengero bw‘iyisoko yarabomowe kugire isoko yagurwe, abo banyagihugu bavuga ko baciye baronka ibibanza ahandi, ariko ivyo bibanza baronkejwe ntamazu bubakiwe, bakavuga ko gupanga amazu bariha ku kwezi vyabananiye.

Ubu rero abo banyagihugu bavuga ko, aho batswe ngo hagire hubakwe isoko yagutse, haroye abategetsi bamwe bamwe bahurikiye mu mugambwe uri kubutegetsi CNDD-FDD bo ngaho muri komine ya Buganda, aha bakavuga musitanteri wa komine, umunyabigega wa komine, umunyamabanga mukuru w’umugambwe mu Rugombo, umurwizatunga yitwa Yakobo.

Hari n’uwundi avuga ko yahungiye mu gihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, ahungutse aca asanga ikibanza ciwe catwaye uwundi muntu, akavuga ko gushika n’ubu yabuze ayo acira n’ayo amira, kubona umuntu ashobora kwiha ikibanza c’uwundi nk’aho umenga yahunze ubutakigaruka.

Abo banyagihugu rero basaba ko botunganirizwa kuko bavuga ko batumva ingene bobomorerwa amazu, hagaca hihagirwa n’abari munzego z’umugambwe CNDD-FDD muri komine, basaba ko ubutungane bwobakurikiranira ikibazo hamwe n’abandi bose bajejwe agateka k’abanygihugu.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.