IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Cibitoke : Uguhindurira ibohero abarwanyi bafashwe vyateye amakenga

Cibitoke : Uguhindurira ibohero abarwanyi bafashwe vyateye amakenga

jeudi 12 Ruhuhuma 2015, par Egide N

Sentare nkuru y’intara ya Cibitoke yafashe ingingo yo kugumiza mu munyororo abantu cumi na bane bivugwa ko ari abarwanyi bafatiwe mu ntara ya Cibitoke, inyuma y’igitero cahabereye mu mpera z’umwaka w’2014. Ariko rero hakaba haciye hasohoka ingingo yo kubungururiza mu rindi bohero, ivyatangaje abaharanira agateka ka zina muntu muri iyo ntara.

Inyuma y’aho sentare ifatiye ingingo yo kugumiza mu munyororo abarwanyi cumi na bane bafatiwe mu Cibitoke, haciye hafatwa kuri uwu wa mbere itegeko ry’ukubimurira mu gasho k’igiporisi mu ntara ya Bubanza.
Mw’ishirahamwe APRODH rijejwe gukingira agateka ka zina muntu n’akabapfunzwe bamenyesha ko iyo ngingo iteye kubiri n’amategeko, aho ni mu gihe kuva kera abanyaroro bakuwe mw’ibohero ryo mu ntara ya Cibitoke bahora baca bungururizwa mw’ibohero rikuru rya Mpimba mu gisagara ca Bujumbura. Muri APRODH bafise amakenga y’ukutamenya ico abajejwe umutekano boba bagiye gukoresha abo banyororo 14 mw’ibohero ry’intara ya Bubanza, muri iryo shirahamwe bakaba badatahura ico abo banyororo boba bahungishijwe mu ntara ya Cibitoke, kuko sentare nkuru ya Cibitoke ifise ububasha bumwe na sentare nkuru ya Bubanza.

JPEG - 45 ko
Abarwanyi bafatiwe mu Cibitoke

Tubibutse ko mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kw’igenekerezo rya 19 Nzero 2015, Valentin Bagorikunda, umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika y’Uburundi, yamenyesheje ko umurwi w’abateye mu Cibitoke wari ugizwe n’abarwanyi bagera kw’ijana na mirongo icenda (190), benshi muribo bakaba bava mu ntara za Kirundo (abarwanyi 41), Makamba (abarwanyi 35), Ngozi (abarwanyi 23), Cibitoke (abarwanyi 11) hamwe na Bubanza (abarwanyi 10).
Mu baharurwa muri 14 bafashwe, amatohoza yerekanye ko bane bavuka i Bubanza, batandatu mu ntara ya Makamba, hamwe n’intara za Rutana, Cibitoke, Mwaro na Kayanza zifise umwe umwe.


Egide Nduwimana

Messages

  • aba nibamwe umukuru wa aprodh claver yashirako hutumetre? aratwengeje.ubwoko bwumuntu bumenywa na nyina

  • Hora we Bucumi reka kuba mudendereza Mutama Mbonimpa niwe yabashizeko wovyemeza!..............Muzomaramara basha mwa ba DD ...........IVYUBWOKO VYARATAYEIGIHE CANKE MUZOGURE lATE MUZE mupima amazuru

  • Bucumi, akajambo uherejeko kitwango amazuru washatse kuvuviki? Wewe urashobora guhanura mugenziwawe uvugamo ivyamoko atacobimaze muguheza ukamusumvya kwankubundibwoko gusumvya uwowarihanuya!?.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.