IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > CNARED yemeye umuhuza yatanzwe n’ubumwe bwa Afrika

CNARED yemeye umuhuza yatanzwe n’ubumwe bwa Afrika

lundi 19 Gitugutu 2015, par egide

Inama y’igihugu CNARED imenyesha ko ishima ivyashikirijwe n’inama y’umutekano n’amahoro mw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika, ku bijanye n’ibiganiro bitegerezwa guhuza abegwa bose n’ibibazo vya poritike mu Burundi.

Nk’uko vyasabwe mw’itangazo ry’inama y’umutekano n’amahoro mw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika, inama y’igihugu CNARED imenyesha ko yemeye umuhuza Kaguta Yoweri MUSEVENI, umukuru w’igihugu ca Ouganda yatanzwe n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika, bakavuga kandi ko n’ibibanza Kampala canke Addis Abeba vyashikirijwe kugira abe arivyo biberamwo ibiganiro bavyemeye.

JPEG - 110.6 ko
Leonard NYANGOMA arongoye CNARED

Mw’itangazo ryasohowe na CNARED, Leonard NYANGOMA arongoye iryo huriro ry’abatavuga rumwe n’ubutegetsi bw’i Bujumbura amenyesha ko biteguriye kuzokwitaba ivyo biganiro, agashima kandi n’izindi ngingo zose z’ugukingira abanyagihugu zafashwe n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika.

Muri izo ngingo zafashwe, tubibutse ko ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika ryihaye iminsi mirongo ine n’itanu kugira icegeranyo c’amatohoza ku bwicanyi bukorerwa abanyagihugu mu Burundi kizobe casohotse. Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika rimenyesha ko ibihano bizofatirwa abazokwagirwa n’ubwo bwicanyi hamwe n’ihohoterwa rya kiremwa muntu. Ivyo bihano bigizwe n’ukubuza ingendo abazokwagirizwa ivyo vyaha, hamwe n’ugufata ubutunzi bwabo (Gel d’avoirs). Mu bazofatirwa ibihano kandi hakaba harimwo n’abazoba bakoresheje imvugo zikwegera abantu mu bugizi bwa nabi.


IGIHE

Messages

  • nyangoma wewe naho hoba ivyo biganiro ntantebe nkurunziza yicayeko uzopfa wicayeko ikindi naco mwomenya bâ sindumuja,ibiganiro biba bitaba Nkurunziza nimpaka arangize akamanda yiherew nabanyagihugu kubera aho yadukuy aritw tuhazi muze muyagibindi.murakoze

  • inkware yicwa numureretsi ivyo biganira nibitavyara inyana bizovyara ishuri

  • Komera Mutama Wacu Dukunda Cane.Birya Navyo Bavuga Bizobera Mu Burundi Ninkina Mico Nkayamatora.Natwe Ivyashikirijwe UA Twarabishimye Gose.Muga Ico Dusaba Imvugo Izijane Ningiro

  • NGIRI TUGOMBA TURONKE AGAHENGWE

  • Komera president wacu nyenicubahiro Leonard Nyangoma turagukunda mutama wacu udatamikwa ijambo Imana ikutuzigamire.

  • Komera president wacu nyenicubahiro Leonard Nyangoma turagukunda mutama wacu udatamikwa ijambo Imana ikutuzigamire.

  • Nkurunziza ararabe neza ntibazamugire nka havyarimana na ntaryamira ari inyuma y,ibiganiro

  • IBIJUJU BIRAPFA NTIBIHERA NKIKI CIYITA CI FALCONE NTIKIGIRA NUBWO KURAHURA NGO NYANGOMA DATA NGONI PREZIDA NGWEMAMAWE NGO NIMUTAMA,NIMBA ARIWE ATWARIGIHUGU NATUMEK IBIGANIRO NONE KOMUPFA MWIRUKA MUTABAZ AMAKUNGU KANDARIMWE MUTWARA?NIMUGUME HAMWE MWARAWUCANYE MUWOTE.REKA KUJUGUMIRA TUBAMESE ,KANDI MUKINE NABO MUNGANA NKURUNZIZ ARABASUMBA.

  • AHUBWO NKURUNZIZA NABEGENZIWE NIBABE BARIMBA ICOBAREH NAYANDI INVUNDER IRANYOYUMUTI!

  • Ok Naje Ndashimye Ivyavuye Muriyonama ,nibemere Habe Ibganiro,ariko Nibaze Ko Ikibazo Nyamukuru Kwarimda Ya3 Muga Pt Nkurunziza Yorekivyokwigirigihangange! Akareka Abandibagatwara Yobagayitse?Nimbatinyisuka Ntazosubira Kurma ,ikebuk Pee!!

  • Ayo ma négociations azoba ariko twebwe abarundi tuzoba twasigaye mu gihugu ntazodusamaza tuzoguma ducunze inchi yetu,ntimwibaze ngo tuzoca dusinzira ngo ni ibiganiro,abarundi turazi ubwenge

  • ABIYITA INNOCENT FARIKONE BIZOZA MWESE MWANKA NKURUNZIZA MUZOSHIRA NKIFU YIMIJIRA MUZOPFA MWANGARA NKAGAHINI NIHARAMBE NKURUNZIZA NABAGUMYABANGA MWESE AHOMURI HOSE ABAKEBA NAMWE MUHUNGIRE KWAKAGAME

  • None CNARD mwoba mwemerako arimwe mugaba ibi bitero kuba polisi?

  • ewe mburingoma uzopfa urushe urondera gutwara ugomba guhembukira kuri leta nfatakibanza ?genda witoze mububirigi harinaho woba prezida wambere w,umwirabure i buraya

  • ICO nico catumye mutaja mumatora mugomba ibiganiro kimwe mubikure mwa mahera yukubaka amazu icakabiri ngo muharonkere ivyicaro vyimfatakibanza aho hoho murahumba none ko bizohera mukaja mumatora ninde azobatora poritiki yanyu ariyamacakubiri? Muzotogwa nabo batutsi babarondererako ubutegetsi bwobatagipfa baronse barahebuye kwa Rwasa none basubiye kuwarumwansi wabo Nyangoma yabishe 93 akabahonya none ubu ngo niperezida wanyu muragowe bash a mwiza muri gutapatapa uwonyangoma numuhemu naho mukwanka abatutsi nuwambere icagomba gusa yironkere ubutegetsi ahasigaye azo bakubure yitonze eka nano batutsi ba Sinduhije suko bakunda uwonyangoma nabobahutu bibihemu barikumwe Niko bihombera ubutegetsi niyo babwironkera muzovyirabira bazobagira nka Ndadaye kuko mwibuke amajambi babavuga naho bavuga Kuri Rwasa ariko aibu ko mugowe yam we ngo murincuti emwe niho baciye umugani ngo uwuremewe natura kumavyi ( ahobaneye) ntibabashe mwese murabakeba nuwobaha igihugu ntanamezi atandatu mwogitwara mumahoro retro murindire manda imbere mwitegure gukubitwa impaga 2020 na CNDD FDD oyeeeeee ubutagisubirinyuma

  • ABARONGOYE UBURUNDI NIBEMERE GUHANURWA KUKO KANANIRA BAGABO NTIYIMYE

  • ABARONGOYE UBURUNDI NIBEMERE GUHANURWA KUKO KANANIRA BAGABO NTIYIMYE

  • President wacu nyenicubahiro Leonard Nyangoma oyeeeeh,oyeeeeh,nkurumbi genda nizo mbonerakunya zawe mudandaze amavoka mwarimye areze.

  • abarundi bumitima tumenye ki cnared yamaze kugurisha igihugu kugira ndusubire guturatura nki 72, nki93. rero ntituryame umukondorazosi....tutabayemaso bazodukwegera akarambaraye!!! ntakubizera.....

  • Non nkurunziza yabakuyeh ahubwo shimira mandela ;nyerere’ unio africain : na unio europeen z bo bagiz agatima kibigabiiro hama nyangoma naw mwese mushaka amatungo mbe aba jeun muzobah iki apre reka nshimire ndayizey w yemey kutiba amator cank ngo yiyonger mandat abo nibo bagabo

  • MUKOMERE CANE CNARED TWESE ABARUNDI TWA, TUTSI ,HUTU, TURABASHIGIKIYE KUKO TWAMAZE KUMENYA UKURI KW’UBURUNDI" TWAMAZE KUMENYA YUKO ATAVYAMOKO BIRIHO KUKO ABITWAZA NGO IVYO MURI 72 UWATANGUYE GUKWEGA UBWICANYI NI BA PAPA NABA SOKURU BACU BABA HUTU KUKO BAGOMBA BICE MICOMBERO MUGA UBU URUNGANWE RWANONE TWAMAZE KUMENYA YUKO NKURUMBI ARI IGISIZIMWE! KUKO KUVA MWAKA YA 1996 CNDD-FDD YAMA YATEYE ABA SODA BA NYAKUBAHWA MUTAMA RWASA AGATHON ABA PALPE HUTU FNL NONE IYO BIBARI IVYAMOKO MWUMVA ADOLPHE NA PETER ARI GUTE BARIKWAMA NA NTARYO BIRUKA KUBA FNL BABAGANDAGURA?! PETER YASHITSE KUBUTEGETSI KANDI RWASA NAWE ARUMUHUTU KANDI WIWABO I NGOZI AMUBUZA AMAHORO AGANDAGURA ABA FNL NIBARA RIRAGWA! HAMA ANAMUSAMBURIRA UMUGAMBWE KUGIRA NAWE NTAZOHAVE ABA UMUKURU W’UBURUNDI! NGAHA NDIYUMVIRA YUKO UMURUNDI WESE AFISE UBWENGE BUKORA NEZA ATAHUYE NEZA YUKO PETER IVYO AHAYE YITWAZA VYAMOKO ARI BIMWE TWITA
    "UWUNANIWE N’IBIRAGO ABIBESHERA NGO BIRANYERERA!"

  • Twebwe nibaganire hama baduhe amahoro gusa ntakindi turondera tubipfurije kuganira bahuza kumpande zose

  • @karorero
    "Nkurunziza nimpaka arangize akamanda yiherew nabanyagihugu kubera aho yadukuy aritw tuhazi muze muyagibindi.murakoze"
    Vuga wivugira; uti: akamandat wiherewe n’abaja bawe!

  • MBEGA MWIBAZAKO ARIVYOROSHE KOMWIRENGAGIZA NUBUKENE BWABAYE NDASE MUBANYAGIHUGU BATO BATO

  • EWE NTAGOHEKA WIYUMVIRA NK’UWUVUYE MW’ITIRO! MBE KO USHAKA GUTYOZA BA FALCON, EREGA IYO CNDD-FDD MWISHIMIRIZA IRI MUKUGENDA AMAZIMAYONGO MUBIRABA, MUGIYE KUBIBONA MWUMIRWE MWARI MUZI KO BITOBA. IMANA IGIYE GUKOMVOMVORA IVYO MWISHIMIYE; AMARASO ASESETSE NI MENSHI CANE !!

  • Mbe CEDREC, Ivyovyamoko urikuravuga ubwontubona kurikuratumwanyawawe wubusa? Nashaka kukubwirako hariho abarundi kugerubu bomumokoyose bishize mumurwi wokugurisha uburundi ngomugihe ibintu vyobabitabaye nkuko bashaka uwomurwinawo nuwowawe urongowe na Nyangoma, ahuzobamenyera naho hazoba bariko haravurwako harabantu bateye u Burundi bazananye u Rwanda izubaryaka ariko bakavugako arukubeshera u Rwanda, bakabihakaba kandibibabiriko birahirana abavukanyi babo nivyabo urumvanyene uwiyemeje kugurusha igihugu ciwe nikwategerezwa kumera. Uyundimurwi ugizwe naba Tutsi beshi naba Hutu na Batwa beshi abobobo bavugati hako ibihugu kigurishwa nabotwaritwita benewacu/abavukanyi batituraje duhangane kugeza Yezu agarutse. Kuko baramazegutahuraneza impamvu akahise katumye twamaturyana dupfamoko kumbe vyavahanze yamokoyacu arimuburundi mazenatwe tukavyemera, uva ukovyagenze abantubajemwishusho yabazungu babakoroni noneho biyegereza abatutsi mazebaberekako babakundakuruta abandi barababwibati mwebwe nimwatwemerera kuzaturitorera ubutunzi bwomugihugu cuburundi ku buntuntu canke kugiciro giciruritse tuzokwama twabashigikiye kuvyomuvuzevyose nubwomuzobamuri mumakosha abonwanabose,Abatutsi bahohambere baravyemeye ariko babaye nka Yuda dusomamuri bibilia ntibaribaziko bizoza biratuma abahutu bicwa nkibikoko, kubabatutsi beshibemera uyumusi bagafatikanya nabahutu kugira igihugu cabontikigurishwe nutwodututsi nuduhutu sukuvugayuko bataziko bamwe bamababashigikiye batakubashigikiye, oya baracabashigikiye ahubwo bahisemwo guharanira inyunguzigihugu cabo guharanira inyugu zigihugucuburundirero nukwirinda uwowese azashirahejuru ubwokobumwe agashirahasi ubundi ivyorero abatutsi beshi biburundi bavyase bishakura kwibanira nabahutu neza bitandukanye nivyobeshi birirwa baravuga vyakahise kabatutsi bakacabavyitirira abatutsibose bikigihe, ndababwirako ikibangamiye abatutsi bongaha muburundi Bwacu nuko hakiriho igihugu cu Rwanda kikiyumvamwo intwaro yubwokobumwe Tutsi bamwerero bigatunabagumabumvako arivyovyiza arikojewe ndababwirako intwaro yiyumvamwo kwariyubwokobumwe iravahera kuko iherezoryayo ribaribicane. Mukubandanyarero ndababwira ibijanye nabarundi bomubwokobwose bigiruye inama baravugabati nimuzetwihagarareko dukoreshe ukwodushaka umutungo kamere urimugihugucacu maze tuwuhe uwushoboye kuduhamafranga atubutse, nikokuzana abahinga barapima basaga igihugu cuburundi cuzuye umutungokamere mberekigira 6 mubihugu bigize Isi camwibaza agahuguku Burundi ukwokangana! Binyerekakokose kagizwe nuwomutungokamere wamabuye yagaciro gusagusa. Ngahorero abashoboye kwemerera ifarangaritubutse ntibashoboyekuba abomurivyabihugu vyakoroneje u Burundi abarundi ntibatebeje bati turabemereye nimwebwe tugiyegukorana mugutunganya uyumutungo kamere womugihugucacu. Bamwebakoroneje uburundi nabandi basanzwe bafasha uburundi babuhera kugahera agashavu kacakaraniga! Ninayompamvu mwabonye mumatora duherukamwo bitwaje ivyibiringo batwima agafashanyo kogukoresha amatora, ninayompamvumwabonye baciye biyemeza gukorananuwowese yemeye gutobanga uburundi, ninayompamvu mubona nkubumwe bwaburaya buherutse gutangazako butazokwivanga muvyomu Rwanda yabanomumugambi woguhitamwoko mugihe Kagame azobakiriho azoguma kubutegetsi murivyishi bituma batomuvugisha nkuko babigize Ku Burundi nukoyabemereyeko uwowese azobakorana nibihuguvyomu Bulaya azobashaka gutobanga umutekano Wu Burundi nabarundi azobahawe ikaze muburundi. Iyinancamake nkuye mubiriko birandikwa mugitabo kirikikirabdikwa kuvugako Isi ukoyarimaze imyaka ibihumbi itwawe kobikwiye guhindurwa vubavuba, icogitabo kirinwo ibijanye n’Isi kikongera kikabamwo ibijanye nigihugu kimwekimwe ukwaco mubihugu bigize Isi kiriko kirandikwa numurwi wabantubashika 200 harimwo abusanga bafise ubwenegihugu 2 usangabazi ibintu vyomubihugu 2 ndosakanga nzozandabashirira ngaha dukeduke.

  • Komera nyangoma ww udashak ingwano ushak ibiganiro,,abo nabo bagifise imitimi mibi yamacakubiri Imana izobarimbura hakiri kare kuko bazana imbuto mbi mu barundi,,nta murundi w umutima yoba acifuza ingwano y amoko mu Burundi,,

  • Hamwe Nyangoma Bomugira Na Chef de zone Nzocaniyica Ubwonyene

  • Mbe nyangoma icogihugu ugitwarirah iyo nintimba yogutwara igihugu.

  • NDI umunyarwanda ukurikira cane ibibera mu BURUNDI, IKIBAZO CYO KUVUGA NGO MUSEVENI ni UMUHUZA ni ukubyitondera cyane MUSEVENI arabeshya cyane kandi yerekana yuko ibibazo bibera muri AFRIQUE CENTRALE atabirimo kandi ariwe ubiyobora yicecekeye. U RWAMNDA rwacu yaruhaye abasoda baturutse UGANDA nubwo mu RWANDA BAVUGA NGO NI abanyarwanda BA KERA BARIMO abatutsi ariko usanga U RWANDA ARI KOLONI Y’ABAGANDA,IGISODA, ABATEGETSI mu nzego zose ni ABAGANDA GUSA GUSA....
    iKINDI bababwira BARUNDI B’UMUTIMA hari umugambi wa TERRITOIRE HIMA-TUTSI plans zose zakozwe na MUSEVENI. Yabeshye HABYALIMANA mbere yo gutera u RWANDA yuko adashobora gutera u RWANDA ariko IBISASU BYARASHE INDEGE IRIMO UMUHISI NTARYAMIRA NA HABYALIMANA baytanzwe na MUSEVENI.
    Situation politiki y’u BURUNDI muri iki gihe ni UGUPFA NO GUKIRA mushake UMUHUZA wa kure cane wo muri AFRIKA Y’EPFO, ZIMBWABWE ,ANGOLA naho MUSEVENI ni CAMELEON ,N’INZOKA MBI CANE
    ABANYARWANDA benshi ubu taracecetse kuko tuba mu gihugu cyacu nko muri PRISON uvuze wese KAGAME amukuraho mu ibanga..
    AMIZERO YACU Y’ABAHUTU TUYATEZE KU BURUNDI MUSHIKAME NTIMURANGARE.
    MUSEVENI akorera cane ABANYAMERIKA N’ABONGEREZA kandi umugambi wabo
    ni ugufata U BURUNDI, CONGO nkuko bafashe u RWANDA
    MWITONDERE MUSEVENI NI INZOKA MBI CANE...
    MWITONDERE MUSEVENI NI INZOKA MBI CANE
    MWITONDERA MUSEVENI NI INZOKA MBI CACE AFITE UBURA BWICA!!!!!!!
    Ejo mubonye bibaye ntimuzagire ngo sinababwiye

    PREZIDA NKURUNZIZA ntabwo ariwe uteye ikibazo muri AFRIQUE CENTRALE
    cyangwa umaze igihe kirekire ku butegetsi MUSEVENI KO NTACO ABAZUNGU
    BAVUGA,KAGAME KO NTACO ABAZUNGU BAVUGA....ABAZUNGU bafite imigambi mibisha ku BAHUTU MUBYITONDERA

  • Iyo nterahamwe nivuge ivy’i Rwanda nay’ ivyo mu Burundi ibireke. Interahamwe zakoze génocide i Rwanda none zishaka kuza kuyikora mu Burundi ? Ibiganiro ni bibe twironkere amahoro nayo izo nkorabara z’ibinywamaraso zipfe ziyerera nka kayini !

  • We sha wiyise mpozenzi turakwisavye urahaze amata natwe umwana yabuze n’ikijumba!reka twigwaneko kuko wew ntaco wodufasha ivyanyu vyarabananiye,kandi ntagihugu c’ubwoko bumwe dushaka.ubu rero wosanga wirigwa urayerera mu mashamba yo muri congo ngo wizigiye gutah iburundi gusivya.taha iwanyu mu Rwand sha!

  • Abanyarwanda bari Congo nabandibose barimubuhungiro mwoshaka mwobitindako kuko ejoburaca bugacana ayandi ejo uzigiraguti mukwinjira gutenberera incutiyawe mu Rwanda usangeniwe usanze kumupaka ariwe aguha urupapuro rwamureke arengane mwitonde imisi simyishi isigaye ibimvuze mutabibonye.

  • Nitegereje ivy iyunvire maw ditsy ba we mubeshera abahutu NGO niño mushigikiye abandi ngomshigikiye abatutsi ha iwacu tugonba amahoro ad alumina kuko amahoro nay,abantu Bose kuko twese turayakeneye kuyakamisha kimwe gusa abo bakoresha ivy aha I RWanda nibagume Iyo bahuriyeho muma shamba yo muri RDC ntibaze gutora I kibazo hano iwacu.ikindi hake ewe ibiganiro bihuza abafitaniye ibibazo kugira Gabonese umwumvikano twisanzure atawandya wangura murakoze muzzle ibitekerezo bizima.

  • Yemwe Ikiringo Umwanawuntuyamaz Aganza Ab,aganza Nimibabaro Nukuniha Amahoro Jewendayiteze kuNtwaroyimana Gusa Imana Ivyisezerana Birashika.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.