IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > CNC isaba abamenyeshamakuru gutanga amakuru bisunze amategeko

CNC isaba abamenyeshamakuru gutanga amakuru bisunze amategeko

jeudi 21 Rusama 2015

Ikigo kijejwe gucungera ingene abamenyeshamakuru,hamwe n’ibinyamakuru bikora aragabisha abamenyeshamakuru bakora batisunze amategeko,hamwe n’ibiri ku makete abaha uburenganzira bwo gukorera ku butaka bw’Uburundi.

Mu nama yagiranye n’abamenyeshamakuru bakorera ibinyamakuru vyo hanze bikorera mu Burundi,bari kumwe n’abamenyeshamakuru bo mu gihugu,Richard Giramahoro yamenyesheje ko hari ivyegeranyo vyatanzwe bimenyesha ko hari abamenyeshamakuru bakora batisunze amategeko muri kino kiringo c’amatora.

Richard Giramahoro yavuze ko abamenyeshamakuru bamwe bakora badafise uburenganzira bwo gukorera mu Burundi,abandi bagakora ibitajanye n’ibiri ku mpapuro zibaha uburenganzira bwo gukora.Aha umukuru wa CNC yerekanye amakenga ko bamwe mu bamenyeshamakuru bakorera ibinyamakuru vyo hanze bari baje gukurikirana ingene igikorwa c’amatora kizoba kiriko kirakorwa ariko baca barahindura intumbero.

Richard Giramahoro yerekanye ko bimaze kwibonekeza ko abari mu myiyerekano iyo babonye abamenyeshamakuru ariho baca baduza agashavu kugira baboneke ku mboneshakure canke bumvikane ku maradiyo.

Abamenyeshamakuru basavye umukuru wa CNC kubasigurira neza uko igikorwa co gutanga amakuru bogikora,baca bamusaba kandi ko bibaye ngombwa nawe yorungika abashika ku kibuga kwirabira neza uko bariko bararangura igikorwa cabo.
Umukuru wa CNC yarangije iyo nama asavye abamenyeshamakuru badafise impapuro zibaha uburenganzira bwo gukorera mu gihugu kuzirondera mu biro vya CNC.

Mwomenya ko iyo nama yakoranye inyuma y’indwi habaye igeragezwa ryo gutembagaza ubutegetsi,haba kandi ibitero ku maradiyo amwe amwe yigenga,vyatumye aturirwa.

Messages

  • ahubwo ni bamukure, harico ariko arakora, ama radios ntibayaturiye, none azocungera iki? Uko nukumaramara ko na turya dukeya abanyagihugu batwumva kuri barya bamenyesha makuru bo hanze yi gihugu, nahumure abariko baricwa mu yindi mihingo ntibariko baravugwa ariko Imana yoyo iriko irababona, akarorero hariya ku mu dubugu.... nta kundi umunsi hageze amahoro azosesekara.

  • Twarabahinyuy bash mugomba mutury ntibinyekane?yooooo Imana ibahane!kirazira kumesur abana b-Imana.

  • mbuwo mihimbiri nabateneza kwa nkurumbi abarafyetisafuriya umunoho niwahe atahe nubundi nakazi agisigaranye

  • Ndababajwe no kubona ivyo bintu bivuzwe numuntu yitwa ko ari umumenyeshamakuru nawe nyene. Uko nukurondera guhishirira abapolisi kugirango ivyo bakora ntibimenyekane? Igipolisi cakwituyeko kugira uce urondera ivyo witwaza? Va i buzimu uje i buntu.

  • Ndababajwe no kubona ivyo bintu bivuzwe numuntu yitwa ko ari umumenyeshamakuru nawe nyene. Uko nukurondera guhishirira abapolisi kugirango ivyo bakora ntibimenyekane? Igipolisi cakwituyeko kugira uce urondera ivyo witwaza? Va i buzimu uje i buntu.

  • Ndababajwe no kubona ivyo bintu bivuzwe numuntu yitwa ko ari umumenyeshamakuru nawe nyene. Uko nukurondera guhishirira abapolisi kugirango ivyo bakora ntibimenyekane? Igipolisi cakwituyeko kugira uce urondera ivyo witwaza? Va i buzimu uje i buntu.

  • uwo mugabo richard nibamukure kuko asanuwufisuruhara mubaturiyama radio kandi ntawaterubwo iyombwebwe

  • CNC ishaka gushigikira 3éme manadat. Mana tabara uburundi.

  • Nanj nosaba abamenyeshamakuru yuko bozogira akigoro, baze badushikirize ingene amatora azoba ariko aragenda mugabo bisunze amategeko .

  • Ahubwo arumvikana nabari kubutegetsi kuberiki ashaka gutera ubwoba abamenyeshamakuru?sha urakwiye guhabwa red card hama tukazoraba.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.