IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Colonel Jules Ndihokubwayo arabeshuza ko atari mu murwi FOREBU

Colonel Jules Ndihokubwayo arabeshuza ko atari mu murwi FOREBU

dimanche 24 Nzero 2016

Colonel Jules Ndihokubwayo amenyesha ko ivyavuzwe n’ibimenyeshamakuru bimwe ko ari mu barongozi b’umurwi Forces Republicaines Burundaises FOREBU ari ikinyoma.

Mu kiganiro yagiranye n’iradiyo y’igihugu Colonel Jules Ndihokubwayo amenyesha ko uwo murwi awumva nk’abandi bose kandi wewe akiri intwazangabo mu gisirikare c’igihugu kandi akigengwa n’amategeko y’igihugu.

Colonel Jules amenyesha ko ari mu gikorwa c’igisata c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU co gufasha abasirikare b’Uburundi bari mu gikorwa co kugarukana amahoro mu gihugu ca Somaliya.

Ku bijanye no kumenya igituma izina ryiwe ariryo ryavuzwe,Colonel Jules yavuze ko benshi mubamenyesheje ko bari muri uwo murwi babanye ku rugamba,rero ko bazi ico ashoboye bakabona ko kumufita hafi yabo vyobafasha kugira ico bashitseko.

Mwomenya umuvugizi wa FOREBU yaheruka kumenyesha ko General Godefroid Niyombare yamenyesheje ko atembagaje ubutegetsi kw’igenekerezo rya 13 Rusama 2015 ariwe arongoye uwo murwi FOREBU.


IGIHE

Messages

  • I nzira yiterambere nibikorwa jewe ndumurimyi mwororozi nishakirumutekano ariko nabarwana barwana kubera bariyeraba ivyonkora itabatwese twakorankuko ntituba twicana

  • ARIKO NTIWATOMOYE,KOWEMEY EKUFISICUSHOBO KOBAGUFISE HAFI BOGIRICOBASHIKAKO ?URATOMORA NEZA KUBASHIGIYE CANKE UTABASHIGIKIYE.HANYUMA NIBUBASHIGIKIYE UCUHANVYABANDI IMAHAMA UBAFASHE GUPFA BANGARA.

  • nyakubahwa colonel jules uraraba abobamenja ngo niba forebu babonye ntanguvu bafise none bashaka kugut eranya na reta niba kuveko bikuye muvyuya reka bazophe bangara. weho urazi igihugu icarico atari band a yam uta ye.

  • Muburundi rebellion ntishoboka usibye ibigambo byuzuye ibinyoma bya opposition. Barashuka impunzi ngo zidataha gusa barazihemukira kuko ayo makambi bazayasarizamo nkabariya banyamurenge bamaze imyaka 20 mu Rwanda. Abafite ubwenge bakwitahira iwabo i Burundi bakava mu Rwanda aho kagame yabafasheho ingwate.

  • Ego Nyekubahwa Kubihakana Nivyiza .Ariko Nihamenyekana Ko Murimwo Muzobihakana? Ko Wavuzwe Numuvugizi Wico Kirobiri Yoba Yakubesheye ? Naniyombare Ntitwarituziko Yotembagaje Ubutegetsi . Namwe Rero Imvugo Ijane Ningiro .

  • I nzira yiterambere nibikorwa jewe ndumurimyi mwororozi nishakirumutekano ariko nabarwana barwana kubera bariyeraba ivyonkora itabatwese twakorankuko ntituba twicana

  • FOREBU Yuzuye Ibinyoma.Ntanguvu Ifise Kuko Ntakuntu Yotwarwa N’abatabaho Bagaca Bongera Kubeshera Abantu Ngo Bari Kumwe Kandi Ataco Bavuganye.Ubu Ntamusirikare W’ Igihugu Yoba Agikurikira Izo Mburakimazi.Col Jules NDIHOKUBWAYO Ni Umugabo,yamye Ari Intwari Kurugamba Turamwemera.Nabandanye Akorera Igihugu.Komera

  • Ubashigikira utabashigikira,ntaco bihindura kuko igisoda c u Burundi burikwije
    kirabarindiriye,nuko muriko murateba.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.