IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ibidukikije > COP21 : Uburundi bwaserukiwe na Yozefu BUTORE

COP21 : Uburundi bwaserukiwe na Yozefu BUTORE

lundi 30 Munyonyo 2015, par egide

Abitavye inama igira iya 21 (COP21) bagiye kumara indwi zibiri bariko barahanahana ivyiyumviro kuvyokorwa kugira hagabanuke imyuka irungikwa mu kirere igatuma ubushuhe bwiyongera kw’isi.

Iyo nama yatanguye kuri uwu wa mbere mu gisagara ca Paris, yatunganijwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.
Muri iyo nama, abaserukiye ibihugu bitandukanye biteze gushika ku masezerano yotuma imyuka irungikwa mu kirere ikongereza ubushuhe kw’isi igabanuka.

Abakuru b’ibihugu bagera kw’ijana na mirongo umunani nibo bitavye iyo nama izomara indwi zibiri. Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yaserukiwe n’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, Yozefu BUTORE muri iyo nama ihariwe ibidukikije.

Inyuma y’iyo nama, abaserukiye ibihugu bazotera umukono ku masezerano y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU y’ivyokorwa kugira ihindagurika ry’ibihe rironke inyishu zirama. Igihugu cose kizozana ivyokorwa.
Ico ivyo bihugu bizoshira imbere, ni ukugabanya imyuka yonona igisenge c’isi, igatera ubushuhe.

Ban Ki Moon, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yasavye ko abakuru b’ibihugu bari muri iyo nama ko bokora ibishoboka vyose ku buryo ukwiyongera kw’ubushuhe kw’isi kutorenga ibipimo bibiri (2 degrés Celcius).


IGIHE

Messages

  • IMANISHIMWE ABAVUGANIMUVUGE GWIZIBIKOGWA MUREKEAMAJAMBO

  • Non nkurumbi n’umukur w’igihugu adaseruka?cank ni president wa Denise gusa?natang igihugu naw aje kurima ntakind ashoboy

  • Biratanje pe! None Nkurunziza Président wacu,aratinya kuja hamwe n-abandi?

  • NKURUNZA PRESIDENT WUBURUNDI .. NAMUBONYE YICARANYE NA OBAMA . HUUUUU NAKAMARAMAZA .’L// NIYIRYAMIRE NA DENISE WIWE IBINDI NTABYO ASHOBOYE.

  • Haaah gutyoza abandi nivyo mushoboye?Uwohabashira mukaba president mwokoreriki abanyagihugu bakabizera incuro zitatu nka Nkurunziza?kwubahana birakenewe namwe muzoshikirwa ni mwatorwa n’Imana

  • Nkurunziza ashoboye kwica abarundi, gukora ihonya bwoko, no kwiba igihugu, ndetse no kukigurisha, mu kugiriranira amasezerano n’amasociétés atwara Nickel y’uBURUNDI mu mpisho, abo nabo akaba ari nabo bamushigikiye ngo agume ku butegetsi. Ivyo vyose bizoja ahabona ni hagera abarundi bakamuhagarika ari muzima bakamucira urubanza. Nayo kuja mu manama mpuza makungu, ntiyokubakuka kuja aho abandi bari, ubu ni ikimararamare, kumpavu y’amaraso yirirwa arasesa. Ari mukinyegero mugihe abo atuma bariko baniga bica abarundi ku bwinshi.

  • Ahahaaa!6nkabivug?uwo mukr w’igihugu ataj muband ni pr

  • buraca imana izobikora tuzotaha natwe twahunze ariko ivyiwe bigiye kuja ahabona eka ninkuru nbi peee

  • Ahubwo muraherayo ninde yababwiye ngo muhunge? Ngirango nimwe muvamaraso mwenyene? Canke nintete nzibigori zabarambiye mwarimuzi ngo bazobagaburira supageti? Mwaramenyereye kugaburirwa mwicaye canke mwabonye inkoho mwarimwizeye ko zizobashikana kubutegetsi zaheze zifatwa na PNB

  • umuntu wese azoza yandika iciyumviro agatuka igihugu ciwe nabarongozi biwe aho azoba yicaye hose numuhanuzi wiwe namba bazoba bari mugihugu cankwe hanze yigihugu azoze amenya ko arimbwa imbunuza umukoma umusega imburu umuhirimbiri azorindapfa atikuye kuyo yaneye. kuko gutuka umurongozi ninkogutuka so na nyoko.

  • Mbe abo ba DD-FDD, barashobora kuja hamwe n’amakungu. Mbe bavuga iki hiyo. Nimubahe za perdiem hama basubire kwica abatutsi i Burundi. Ubwo barataye umwanya bahava basanga abandi bagenzi babo babamaranye amaraso y’abatutsi.
    Nayo ibibazo vy isi nkivyo ntaco bibabwiye. Ntanivyo bazi ico bivuga.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.