IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Isoko ya COTEBU : OLUCOME isaba guhagarika kwubaka mu bibanza (...)

Isoko ya COTEBU : OLUCOME isaba guhagarika kwubaka mu bibanza bitabigenewe

vendredi 9 Nzero 2015

Mu gihe isoko nkuru ya Bujumbura ryahitanwe n’umuriro w’icaduka, isoko ry’imfatakibanza ryo ku kibuga ca COTEBU ryo rizohava rihitanwa n’umwuzurira kuko ahari hagenewe gutwara amazi (caniveau) hariko hubakwamwo ibibanza vyo kudandarizwamwo (stands).

Nk’uko twavyiboneye igihe twashika ahariko harubakwa isoko mfatakibanza ku kibuga ca COTEBU mu gatondo ko kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 9 Nzero 2015, ibikorwa vyo kwiyubakira ibibanza vyo kudandarizwamwo birabandanya, ariko icari gitangaje cane n’uko n’ahari hagenewe kuzotwara amazi mabi canke amazi y’imvura (caniveau) hariko hubakwamwo ivyo bibanza vyo kudandarizamwo.

Kubwa bamwe mu badandaza bariko barubaka ivyo bibanza ngaho muri iyo soko mfatakibanza, birateye ubwoba kubona abatwara wa mugwi washizweho kugira wige itangwa ry’ibibanza muri iryo soko, riha uburenganzira bamwe mu badandaza ngo bubake mu bibanza bitwara amazi. Aho bagaca bibaza iyo ayo mazi mabi canke amazi y’imvura azokwisesa, bakanatinya ko bazohava bategwa n’imwuzurira.

Aho mukamenya ko kw’igenekerezo rya 7 Nzero 2015, Umukuru w’ishirahamwe OLUCOME, Gabriel Rufyiri yari yandikiye ikete umukuru w’umugwi ujejwe gutanga ibibanza mw’isoko mfatakibanza rya COTEBU, amusaba guhagarika mu maguru masha iyubakwa ry’utwo tuzu two kudandarizwamwo mu bibanza bigenewe gutwara amazi kuko bitubahiriza isuku n’umutekano w’abazokorera muri iryo soko.

Kubwa Gabriel Rufyiri, iryo soko ryari rikwiye gutunganwa neza kuko ni isoko rizokwakira abadandaza bagera ku 2500 kandi rizogirira akamaro kanini ku barundi mu gihe abandadanza bahora mw’isoko nkuru ya Bujumbura ariho bazeye iterambere ryabo.

Umukuru w'ishirahamwe OLUCOME, Gabriel Rufyiri

Amakuru dukura ngaho nyene kw’isoko ya COTEBU, Umukuru w’umugwi ujejwe gutanga ibabanza, amaze kuronka urwandiko yarungikiwe na OLUCOME, yoba yaciye yishikira kuri iryo soko ku munsi w’ejo igenekerezo rya 8 Nzero 2015, ari nakwo guca atanga itegeko ryo kubomora utwo tuzu twubatswe ahagenewe guca amazi (caniveau).


Alida SABITEKA

Messages

  • Bravo OLUCOME. Gusa birababaje kubona ari société civile irinda kuvuza induru kandi abari bajejwe kwubahiriza akazi, amategeko n’umutekano w’abazokoresha iryo soko bari bavuniye ibiti mu kanwa. Abategetsi bo bari he? Birababaje vraiment.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.