IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Dawn Liberi yarahawe umubonano n’umuhuza w’abarundi

Dawn Liberi yarahawe umubonano n’umuhuza w’abarundi

vendredi 12 Mukakaro 2013

Uwuserukira igihugu ca Leta zunze ubumwe za Amerika mu Burundi, Dawn Liberi yarakiriwe mu biro vy’umuhuza w’abarundi, Mohamed Rukara, kuri uyu wa kane aho bariko baganira ku myiteguro y’amatora yimirije mu Burundi, mu mwaka w’2015.

Inyuma y’ikiganiro bagiranye n’umuhuza w’abarundi, Dawn M. Liberi ari nawe yari arongoye umurwi w’abahinga mu kugarukana amahoro b’abanyamerika yamenyesheje ku banditsi n’abamenyeshamakuru ko umubonano bagiriraniye n’umuhuza w’abarundi, Mohamed Rukara, wari werekeranye ahanini imyiteguro y’amatora agiye kuba mu Burundi mu mwaka w’2015.

Yaboneyeho kwibutsa ko mu ndwi iheze yatunguje umugambi ari kumwe n’umukuru w’igihugu c’Uburundi, Petero Nkurunziza, uzotuma haba ibiganiro hagati y’abakuru b’imigambwe mu Burundi, kugira bategure amatora meza, atunganye kandi aroraniriza bose.
Yongera avuga ko uwo mugambi uzoshigikirwa na Leta zunze ubumwe za Amerika.

Juma Rukumbi umuhanuzi mu biro vy’umuhuza w’abarundi ajejwe kumenyesha amakuru yamenyesheje ko mu gihe Dawn Liberi na Mohamed Rukara bariko baraganira, umuhuza w’abarundi yashimye ibimaze kurangurwa vyose n’urwo rwego rw’ubuserukizi bwa Leta zunze ubumwe za Amerika mu Burundi, mu myaka itatu, haba mu Burundi canke inyuma y’igihugu. Aha twovuga nk’igihugu ca Tanzaniya catowe kugira gifashe mu kugarukana umwumvikano hagati y’amadini atandukanye.

Uwuserukira Leta nzunze ubumwe za Amerika mu Burundi ari kumwe n’umurwi w’abahinga mu kugarukana amahoro asanzwe ayoboye, barakeje Mohamed Rukara bongera banamwemerera ko bazofasha bimwe biboneka kugira urwo rwego ruze rube ngirakamaro cane mu gutegura amatora yo mwaka w’2015.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.