IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Diyoseze nkuru ya Bujumbura yasezeye ubwa nyuma ababikira batatu bishwe (...)

Diyoseze nkuru ya Bujumbura yasezeye ubwa nyuma ababikira batatu bishwe bunyamaswa

mercredi 10 Nyakanga 2014

Inkuka y’imisa yo gusabira ababikira batatu b’abatariyanokazi bagandaguriwe kuri paruwasi Guido Maria CONFORTI yo muri komine Kamenge yatanguye isaha zitatu ku musozi wa Siyoni, i Gikungu, ikaba yasomwe na Musenyeri mukuru wa diyoseze nkuru ya Bujumbura, Evariste Ngoyagoye, ari kumwe na Musenyeri arongoye inama nkuru y’abepiskopi gatorika y’Uburundi.

Muri iyo nkuka y’imisa, Reta y’Uburundi ikaba yari yaserukiwe n’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, abarongoye inama shingamateka na nkenguzamateka. Musenyeri Ngoyagoye Evariste arongoye diyoseze nkuru ya Bujumbura, mu nsiguro yatanze, yamenyesheje ko abo babikira bari bazanywe n’urukundo, kugira bafashe abana b’Imana kumenya ijambo ry’imana, kubafasha ku buryo bw’umubiri mu kubavura hamwe n’ibindi kiremwa muntu akeneye, hamwe no gufasha abo bantu bose abandi birengagiza. Musenyeri Ngoyagoye yaciye asaba abari aho gusengera abakoze iryo bara, kuko ivyo vyose babitumwe na sekibi.

Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu yafashe ijambo kw’izina rya Reta y’Uburundi yamenyesheje ko ari Uburundi bwose bwabuze, kuko abo bagandaguwe bariko bafasha abarundi. Prosper Bazombanza, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu yamenyesheje ko Uburundi buzokora ibishoboka kugira ukuri ku bishe izo nzira karengane kuje ahabona.

Mu gihe abo babikira bazoshigurwa kuri uwu wa kane, inkuka y’imisa iheze, Musenyeri mukuru wa diyoseze nkuru ya Bujumbura yaciye ashira amashurwe kuri abo babikira bagandaguwe bunyamaswa, akaba yasiguye ko abigize kuko kuri uwo munsi diyoseze arongoye itazoshika i Bukavu, aho bazobashingurwa. Abo babikira bakaba bazoshingurwa mu gihugu kibanyi ca Congo, kuko ariho baranguriye umwanya munini ubutumwa bwabo, muri diyoseze ya Bukavu.

Tubibutse ko muri abo babikira bishwe, umwe muribo, Mama Lucia, bwaca ahimbaza imyaka 75 y’ivuka ryiwe.


Anitha Bizimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.