IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibihugu vya Afrika y’ubuseruko vyitavye inama ku mahoro n’umutekano

Ibihugu vya Afrika y’ubuseruko vyitavye inama ku mahoro n’umutekano

mardi 12 Munyonyo 2013

Mu gisagara ca Bujumbura harategekanijwe inama idasanzwe izohuza ibihugu vyose bigize umuryango wa Afrika y’ubuseruko kuva ku munsi w’ejo kuwa gatatu igenekerezo rya 13 Munyonyo gushika kuwa gatanu igenekerezo rya 15 Munyonyo 2013. Muri iyo nama igira kabiri, bazokwigira hamwe ikibazo c’amahoro n’umutekano mu karere ka Afrika y’ubuseruko.

Inyuma y’inama nk’iyo nyene yabereye mu gihugu ca Uganda mu mwaka w’2009, igihugu c’Uburundi nico catowe kugira kizokwakire iyigira kabiri izohuza ibihugu vy’Uburundi, Urwanda, Kenya, Tanzaniya na Uganda ku civugo co gukomeza ikiyago n’ukwihanganirana mu ntumbero yo gukinga amatati n’ukurondera kubana neza.

Yohani Rigi, umunyamabanga nshingwabikorwa mu bushikiranganji bujejwe iyinjira ry’Uburundi mu muryango wa Afrika y’ubuseruko yamenyesheje, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, ko iyo nama izohuza abahinga n’abafata ingingo barenga ijana na mirongo itanu bo mu bihugu bigize umuryango wa Afrika y’ubuseruko izogira akamaro kubw’ivyiyumviro bitandukanye bizopfundikwa, mu migambi yo gukomeza amahoro asanzwe ariyo mushinge w’iterambere.

Muri iyo nama izokwuguruzwa icese n’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, Berenarudo Busokoza asanzwe ariwe akurikirana ibibazo vy’umutekano, Yohani Rigi, umunyamabanga nshingwabikorwa mu bushikiranganji bujejwe iyinjira ry’Uburundi mu muryango wa Afrika y’ubuseruko abandanya amenyesha ko bazokwiga uko umubano hagati y’abanyagihugu bo mu muryango w’akarere ka Afrika y’ubuseruko wokomezwa kugira n’imigambi y’akarere ishobore kuranguka kubw’amahoro.


Egide Nduwimana

Messages

  • None ntabwo baziga cakibazo ca tanzaniya n’uburundi?ko bavugo ko bakumiriwe bazavyige navyo kuko ningirakamaro dukumiriwe twoba dusevye sana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.