IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Econet-Leo : Abandi batatu batsinze mw’ihiganwa « Ni Hatari »

Econet-Leo : Abandi batatu batsinze mw’ihiganwa « Ni Hatari »

mardi 30 Kigarama 2014

Ku munsi ku munsi hagenda haribonekeza abantu batahukana intsinzi mw’ihiganwa « Ni Hatari » rya Enonet na Leo ririko riraba. Abandi bantu batatu bakaba batahunye umwewese umuriyoni w’amafaranga y’amarundi.

Diane Ndayikeza w’imyaka 27 y’amavuka aba muri komine Buyenzi, Makuta Idaya w’imyaka 25 wo ku Mutakura na Bukuru Aaron w’imyaka 27 wo ku Musaga, batahukanye umuriyoni w’amafaranga y’amarundi umwe wese. Kubw’abo batsindiye ayo mafaranga, ni umunezero udasanzwe w’iyo ntsinzi batari biteze.

Tubibutse ko muri iryo higanwa « Ni Hatari », ryatangujwe n’imihora ya Econet na Leo, abatsindiye umuriyoni w’amafaranga y’amarundi aribo bafise amahirwe yo kuja ku rwego rwo gutsindira naho imiriyoni zitanu z’amafaranga y’amarundi. Uwuzotsinda, kw’igenekerezo rya 1 Nzero 2015, akaba ariho azoshobora kugira amahirwe yo kuronka izo miriyoni zitanu z’abarundi.
Abo batatu bashoboye gutsindira umuriyoni w’amarundi, kuri uno wa kabiri wa 30 Kigarama akaba ariho baronswa agashimwe kabo. Bakaba baboneyeho akaryo ko guhamagarira abo bose bataraja mw’ihiganwa kugerageza imigisha yabo ritarahera kugira nabo bashobore kugira amahirwe yo gutahukana intsinzi.

Mwomenya kandi ko ihiganwa rikibandanya gushika kw’igenekerezo rya 23 Nzero 2015, aho kuri uwo munsi uwuzotsinda azotwara imiriyoni 10 y’amarundi.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.