IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Epitace BAYAGANAKANDI azoserukira MRC mu matora y’umukuru w’igihugu

Epitace BAYAGANAKANDI azoserukira MRC mu matora y’umukuru w’igihugu

lundi 13 Ndamukiza 2015, par Egide N

Umukuru w’umugambwe MRC RERENZANGEMERO ku rwego rw’igihugu, Epitace BAYAGANAKANDI niwe yatowe kugira azoserukire uwo mugambwe mu matora y’umukuru w’igihugu ategekanijwe muri mwaka w’2015.

Muri uwo mugambwe bamenyesha ko Epitace BAYAGANAKANDI yashizwe imbere n’inzego z’umugambwe, kuko afise intumbero y’uguteza imbere ibijanye n’imibano hamwe n’iterambere rirama mu banyagihugu. Uwo mugambwe MRC RURENZANGEMERO uvuga kandi ko BAYAGANAKANDI Epitace yamye yitwararika abanyagihugu mu kubakorera imigambi y’iterambere, bagatanga akarorero k’umugambi w’ukuduza igiciro c’icayi, igiterwa ca Stevia kimaze gukura abantu batari bake mu bukene, nk’uko muri uwo mugambwe babisigura.

JPEG - 28.5 ko
Epitace BAYAGANAKANDI

Muri MRC RURENZANGEMERO bakaba bizeye ko Epitace BAYAGANAKANDI azoshika ku ntsinzi, kuko abanyagihugu bashima imigambi y’iterambere amaze kubashikanako mu gisata c’uburimyi, yaba mu giterwa c’icayi, canke igiterwa ca Stevia.


Egide Nduwimana

Messages

  • Warufitiye imigambi myiza abanyagihugu ariko mwaraturiye amahera mubijanye na microfinance bisigura ko mwese mushira inda imbere

  • Turamaramaye nukuri! Icayi nicokizotuma atsindamatora? Jewe ndaziko abarundi bashika 90% ntibarigera babona ahicayi kirimurwa babibonera mumboneshakure ahandinaho bagaburira mugikombe cicayi, arivyovyo jewe nanje noseruka mvugako ngiye kwitaho ibitoke, imyumbati, nibiharage ndazi konogusumvya abanywanyi banyirukinyuma, niwabugira ngondakubesha urazofata amagunira yicayi nanje nikorere amakamyo yibitoki uzorebe ngamamibarundi uwobaguriracane. Ariko ndagushimiye kuko uvuzikintu kitarico kugumura abenegihugu komerezaho nubwo utotainda uyumusi hiryayejo ushibora kuzotsinda kubera utarinuribamwe banivyanka bimeneke.

  • Komera turinyuma yawe.bujumbura bita rural.

  • ufis imigambi myiza can mungu àkubalik

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.