Accueil > Amakuru > u Burundi > Epitace BAYAGANAKANDI azoserukira MRC mu matora y’umukuru w’igihugu
Epitace BAYAGANAKANDI azoserukira MRC mu matora y’umukuru w’igihugu
lundi 13 Ndamukiza 2015, par
Umukuru w’umugambwe MRC RERENZANGEMERO ku rwego rw’igihugu, Epitace BAYAGANAKANDI niwe yatowe kugira azoserukire uwo mugambwe mu matora y’umukuru w’igihugu ategekanijwe muri mwaka w’2015.
Muri uwo mugambwe bamenyesha ko Epitace BAYAGANAKANDI yashizwe imbere n’inzego z’umugambwe, kuko afise intumbero y’uguteza imbere ibijanye n’imibano hamwe n’iterambere rirama mu banyagihugu. Uwo mugambwe MRC RURENZANGEMERO uvuga kandi ko BAYAGANAKANDI Epitace yamye yitwararika abanyagihugu mu kubakorera imigambi y’iterambere, bagatanga akarorero k’umugambi w’ukuduza igiciro c’icayi, igiterwa ca Stevia kimaze gukura abantu batari bake mu bukene, nk’uko muri uwo mugambwe babisigura.
- Epitace BAYAGANAKANDI
Muri MRC RURENZANGEMERO bakaba bizeye ko Epitace BAYAGANAKANDI azoshika ku ntsinzi, kuko abanyagihugu bashima imigambi y’iterambere amaze kubashikanako mu gisata c’uburimyi, yaba mu giterwa c’icayi, canke igiterwa ca Stevia.
Egide Nduwimana
Messages
13 Ndamukiza 2015, 15:40, par felicien nduwimana
Warufitiye imigambi myiza abanyagihugu ariko mwaraturiye amahera mubijanye na microfinance bisigura ko mwese mushira inda imbere
13 Ndamukiza 2015, 15:59, par Nuwera
Turamaramaye nukuri! Icayi nicokizotuma atsindamatora? Jewe ndaziko abarundi bashika 90% ntibarigera babona ahicayi kirimurwa babibonera mumboneshakure ahandinaho bagaburira mugikombe cicayi, arivyovyo jewe nanje noseruka mvugako ngiye kwitaho ibitoke, imyumbati, nibiharage ndazi konogusumvya abanywanyi banyirukinyuma, niwabugira ngondakubesha urazofata amagunira yicayi nanje nikorere amakamyo yibitoki uzorebe ngamamibarundi uwobaguriracane. Ariko ndagushimiye kuko uvuzikintu kitarico kugumura abenegihugu komerezaho nubwo utotainda uyumusi hiryayejo ushibora kuzotsinda kubera utarinuribamwe banivyanka bimeneke.
13 Ndamukiza 2015, 18:59, par Bujumbura rural
Komera turinyuma yawe.bujumbura bita rural.
28 Ndamukiza 2015, 00:31, par bukuru .Elic
ufis imigambi myiza can mungu à kubalik