IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Evrard Giswaswa yasohotse i Mpimba

Evrard Giswaswa yasohotse i Mpimba

vendredi 7 Ruheshi 2013

Uwahoze ari umukuru w’igisagara ca Bujumbura Evrard Giswaswa, yoba yarekuwe nk’uko amakuru ariko aradushikira kuri uyu mugoroba w’igenekerezo rya 7 Ruheshi 2013, Akaba yari apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba.

Twobibutsa ko Giswaswa yafashwe kw’igenekerezo rya 11 Ntwarante 2013, avuye mu rugendo rw’akazi mu makungu aca atwarwa ubutarariye mw’ibohero rikuru ryo ku Mpimba mu masaha yo ku mugoroba inyuma yaho yari amaze umwanya abazwa. Mu muryango iwe ico gihe, kari agahinda kadasanzwe nk’uko umwe mubo bavukana yabigaragaje na cane cane ko yari yagirijwe ivyaha bikomeye harimwo kuba yari afise amatungo y’umurengera adasiguritse, kuba yitwaje ubutegetsi yari afise mu gutunganya nabi igisagara ca Bujumbura, akaba yarabajijwe n’umurwi wari ujejwe kugira amatohoza ku bijanye n’iturirwa ry’isoko nkuru ya Bujumbura.

Ku wa kane igenekerezo rya 2 Rusama uyu mwaka nyene, niho vyari bitegekanijwe ko yari kurenguka, ariko ntiyitavye kuko idosiye yiwe itari bwaje ahabona. Akaba rero yari amaze amezi atatu abura iminsi ine mw’ibohero rikuru rya Mpimba.


Aristide Nizigire

Messages

  • Simpimbawe n’iryo rekurwa.Iyo aba aragumyeyo nka Rajabu,Jewe ndamuhora igati ryiwe.Afise akagaye kenshi cane.Ivyo itunga na vyo,siwe wambere,

  • Niryambere numvise umuntu yifuriza uwundi inabi amuhora akagaye, sha uguhora ni uko Imana niv´we mu Avocat mukuru, ariko niyaba akugaya uramugaya nawe ntaco wikengera, akugaye umugaye, nayo guca Imanza reka Yesu ntagusubize aho yahora, guhimbarwa naho uzohimbarwa niwifuriza ineza abandi nayo ahandi ho uracababaye ndakurahiye. Naguhanura gusa nayo ahandi jewe uwo Giswaswa je m,en fous agayana canke atagayana ntibindaba, atunga canke adatunga, umwe wese afise dossier ziwe imbere y,Imana haha!

  • Jewe nagire nishure kagame, kandi ndamufashe kuzamura ivyiyumviro bibereye, sha Kagame egera Yesu kuko urarushe? ivyo Francine yavuze nvyo, umuntu nkawe akugaya gute? yoba ari we akugaburira? mureke agayane, nabacamanza urwo rubanza rwobagora kuko ngira biri mu mico yiwe, mwihoze canke umugaye nawe, aho sha francine, Kagame nawe uti mpore kabisa, Uti Yesu ari ku ngoma kandi atabara abarushe booooose na Rajabu azovayo aho Imana izoshakira

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.