IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > FOCODE : Imyiyerekano yo gushigikira amahoro yahindutse gutuka (...)

FOCODE : Imyiyerekano yo gushigikira amahoro yahindutse gutuka bamwe

mardi 3 Ntwarante 2015

Imyiyerekano yari yatumweko ku wa 28 Ruhuhuma na Reta y’Uburundi mu ntumbero yo gushigikira amahoro, yahindutse gutyoza amashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike n’amwe mu maradiyo nk’uko bivugwa n’icegera c’umukuru w’ishirahamwe FOCODE.

Mu kiganiro ku banditsi n’abamenyeshamakuru, Denis Ndayishemeza icegera c’umukuru w’ishirahamwe FOCODE, avuga ko baguye mu gahundwe bumvise amajambo yo gutuka amwe mu maradiyo, amashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike eka n’izina rya Pacifique Nininahazwe arongoye FOCODE rikaba ritasigaye inyuma mu gutyozwa, imbere y’abasitanteri, ba buramatari n’abaserukira Reta nk’abashikiranganji n’abandi muri iyo myiyerekano.

JPEG - 26 ko
Denis Ndayishemeza, icegera c’umukuru w’ishirahamwe FOCODE

Ishirahamwe FOCODE rero rikaba ritangazwa rwose n’ingene Reta yotumako imyiyerekano yo gushigikira amahoro, mu nyuma bamwe mu banyagihugu bakifatirwa mu gahanga ku mugaragaro. Iryo shirahamwe rikibutsa ko ryo, c kimwe n’ayandi mashirahamwe eka n’amwe mu maradiyo, yemerewe gukorera ku mugaragaro, hisunzwe amategeko, kandi akaba akora yisunze amategeko. Icegera c’umukuru w’iryo shirahamwe akavuga ko yaba imvyino zo gutuka ayo mashirahamwe n’amaradiyo, canke amajambo yavugwa n’abitavye iyo myiyerekano yo kubatuka na cane cane umukuru wa FOCODE, ari umugambi wo kubambika iceyi n’ukubaburagiza inyuma y’igitero cabereye muri komine ya Murwi mu ntara ya Cibitoke, ivyo mbere bakabona ko bigamije kuzobata muri yompi eka n’ukuzimanganirizwa ubuzima bigashobora gushika.

Muri FOCODE bakabona ko bimwe muri ivyo, hinyegeje inyuma kubasamaza hamwe n’ayandi mashirahamwe eka n’abanyagihugu, kugira urugamba batanguye rwo kumenyesha ko batazigera bemerera umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza kwitoza ubugira gatatu bidaciye mu mategeko babihebe.


Aristide Nizigire

Messages

  • Twebwe abanyagihugu turabasavye dushimite ko mutokwishinga abo batagira imigambi yokubwira abanyagihugu kuko imigambi yabo mwinshi bayiranguriye mububare no mugusambuza ingo zabubatse ntibabasamaze bareke none mwibaza imigambi yokubwira abanyagihugu bayikurahe?imigambi babonako yobafasha niyo gutyoza abo badasangiye ibiganiro komeza umugambi mufise wogushira imbere ineza y,umunyagihugu
    Mbe abahamagawe bobagiye nihagire umwe atubwire icakamaro cavugiwe harya cotuma uburundi buronka mitende kuriyi nzara yabaye inzimzgiza mugihugu ikiringo ca Nkurunziza nkuko namwe mubivuga carangiye natahe imigambi yamuheranye asigaranye imigayo nayo iyo twe ntayo dukeneye nimukomere k,umuheto

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.