IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > FORSC n’amashirahamwe y’abamenyesha amakuru batanguje isekeza "Vendredi (...)

FORSC n’amashirahamwe y’abamenyesha amakuru batanguje isekeza "Vendredi Vert"

vendredi 30 Rusama 2014

Amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike ari kumwe n’ibimenyeshamakuru kuri uno wa gatanu bitiriye uw’urwatsi rubisi "Vendredi Vert" basaba abantu bose kwifatanya na Petero Karaveri Mbonimpa mu gusaba irekurwa ryiwe, mu kwambara impuzu z’urwatsi rubisi, kuvuza ihoni (Klaxon) canke ikindi kintu cose kivuga igihe c’isaha zitandatu n’iminota 20 zo kuri uwu wa gatanu.

Inyuma yaho Petero Karaveri Mbonimpa ajaniwe mw’ibohero rya Mpimba, amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike hamwe n’ibimenyeshamakuru vyaratanguje isekeza ryitiriwe uwa gatanu w’urwatsi rubisi "Vendredi Vert" mu ntumbero yo gusaba irekurwa ry’uwo mutama w’imyaka 66. Kwambara umwambaro usa n’urwatsi rubisi, ibara risanzwe ryambara abafungwa na Petero Karaveri Mbonimpa arimwo, ari naryo bara kandi risigura umwizero risanzwe riri kw’ibendera ry’Uburundi nivyo bisabwa n’ayo mashirahamwe nk’uko vyashikirijwe na Vital Nshimirimana kw’izina ry’urunani FORSC.
Kuvuza ihoni (Klaxon) canke gukubita ikintu cose kivuga igihe c’isaha zitandatu n’iminota 20 z’umurango, urwamo rw’ayo mahoni rukaba ruza gusigura ko biyamirije ipfungwa rya Petero Karaveri Mbonimpa hamwe n’abandi banyororo bose bapfunzwe kubera ivyiyumviro vyabo.

JPEG - 99.7 ko
Vital Nshimirimana, arongoye FORSC (Forum pour le Renforcement de la Societé Civile)

Ayo mashirahamwe yateguye kandi gutera igikumu ku rwandiko (pétition) rusaba amatohoza yigenga kandi ari mu muco ku vyerekeye ibivugwa ko hari ibirwanisho vyatanzwe ku rwaruka rw’imbonerakure hamwe n’imisoresore y’abarundi yoba iriko igira imyimenyerezo ya gisirikare mu gihugu ca Congo. Urwo rwandiko ruzoca rurungikirwa umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza, umukuru w‘igihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo Yozefu Kabila, hamwe na Mohamed Ould Abdel Aziz umukuru w’ishirahamwe ry’ubumwe bw’ Afrika, n’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU Ban Ki Moon.
Abo mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike basavye kandi abakoresha imihora ngurukanabumenyi nka Facebook ko bohindura ama "profil" yabo bagashiraho izisa n’urwatsi rubisi canke gushirako isanamu ya Petero Karaveri Mbonimpa.

Tubibutse ko uno munsi wa gatanu w’urwatsi rubisi watanguye ku munsi wa gatanu w’indwi iheze. Petero karaveri Mbonimpa nawe akaba amaze iminsi 13 ari mw’ibohero rikuru rya Mpimba.


Floxella Karire

Messages

  • ABATUTSI MWATAYE IMITWE, KUKO MUTAKIMENYA IVYO MUJEJWE NIVYO MUSHOBOYE!!!!!!! VYUKURI MURABONA KO IRYOBARA RYICATSI KIBISI N’AMAHORI VYOREKUZA MBONIMPA???????? MMENYA KO IBIHEVYAHINDUTSE KANDI N’INTWARO ZAHINDUWE!!!!!!!!!! WEWE VITAL NA PACIFIC NTIMUGORANYE, KUKO MURINDIRIWE NA CVR KUGIRA MUZE MUYIMBWIRE URUHARA RWANYU MUBWICANYI BWAHITANYE INZIRA KARENGANE ZO MURI KAMINUZA!!!!!!!!!! HAMA NATWE ABANYAGIHUGU TUZOCA TUMENYA ICO TUZOBAKOZA!!!!!!!

  • URUDANDAZWA RWIBIZIGA, VYO MURI CONGO KUMASHIRAHAMWE YIYITA NGO NTAHARANIRA INYUNGU ZA POLITIKE!!!!!!!!!!! IBIZIGA VYABANYARWANDA NGO NABARUNDI, URUTONDE RWABAPFUYE BATABAHO!!!!! NONE BISIGURA IKI????????? NTACOMUZOHINDURA KUKO MUSA NABASURA MUMUYAGA. HIHIHIHIHIIIII

  • mwarondeye gukoresha umuhutu none reka awukore kuko mwawumusabiye!!!!!!!!! mwarimuzi ko muzowudomeka ukijana hahahahaaaaa uwuzowatsa bazowumuzimiriza ko!!!!!

  • Ahubwo ntavyo muzi muripfuka n’ivyatsi!! Harigihe mwomusangayo sha mukamusanga hama vert mukazoyambara imisi yose mutabishaka kumbura mwitonde

  • Nambamudafise umugambi wokumusabira imbabazi kuvyoyabesheye igihugu nabarundi, muriko murata umwanya wubusa canke bamwe murimwebwe nugushaka guhuma amaso umuryango wiwe kugira ntumenyeko arimwebwe mwamushuhije kugiratware ivyatazi iyovyavuye. Haryarero abonyene biyita ngobababajwe nifungwa rya Mbonimpa nibobababazwa nukuntu yahabwa ubushimwe, bacabigirinama yokuzomuta murudubi, nikokumugirinama yoguhimba ibintu vyokugereka ku Burundi, aborerobo baribabizi ko ari final (iherezo) kuwomutama, ngukwo uko Pierre Claver Mbonimpa yagambaniwe naboyitako arincutiziwe, kuvakera umuntu afishije uwiwe arikontamenye uwamwiciye wasanga mubarira nuwakoze iryobara afatumwanya wambere mukurira, camurabarero abagiriye inama uwomutama yokugira bamutemurudubi nibobariko barafata umwanya wambere biyerekanisha ngobirabababaje bategeka abantubabagamo naba kenyezi ngobambare ukobabategetse, jewe ndakurahiye nokwubaha amategeko y’igihugu ariko ntamugabo canke umugore yontegeka ukonamba! ukwonukubaka uburenganzira gusa kukwivyo ntibizohanagura irementanya Mbonimpa yarementanirije uburundi nabarundi. Icarikubacizakuruta Mwarikwisiga ivyondo mukambara namagunira cankivyatsi ahoharikubamwo akantukokwerekana ko mubabaye, none kwambara impuzu zurwati rutoto nabatari mwuwomurwi wi njavyi barazambaye ivyontanakimwe bisigura na Mbonimpa atarafurwa abantu barambara impuzu zurwatsi rutototo!!!!!!!!!!!!

  • Mbe ko muvuga abatutsi,ariko nkaba mbona hirirwa hapfa abahutu kandi hatwara abahutu none ntimubonako muribipfamutima.Emwe iyivuye mumazi yumakare.

  • ABARUNDI TWARACIYUBWENGE ,NTIMUKADUHENDE NGO NTAMIGAMBWE BARIMWO ABIYITA NGONAMASHIRAHAMWE ATAHARANIRIMVO ZA POLITIKE BARIMWO AHUBWO NIBO BAKURU BIMIGAMBWE IGWANYUBUTEGETSI.NIHABA HARI IMIGAMBWE IGWANYA RETA YUBURUNDI NABIYITA NGO NI SOCITE CIVILE,JEWE ICO NAMAZE KUBONA NUKO EN PLUS YIMIGAMBWE YITWA NGO NIYA OPOSITION BOSHIRAMO PARTI OLUCOM,PARTI FORSC,PARTI APRODH .........NAMWE SHIRAKIYINDI MUBONA ,BARUNDI BARUNDIKAZI NCUTI ZUBURUNDI, NTIMUHENDWE NTAMASHIRAHAMWE ATAHARANIRIMVO ZA POLITIQUE ARI MUBURUNDI,NABAGABO BANSUMIRINDA BAKORESHA ABARUNDI KUGIRA BARONDERERINDAZABO NIMIRYANGO YABO MUGUCAFUZUBURUNDI MUMAKUNGU NO GUTERANYA ABONSERIMWE,ARIKO BARIKO BARAHINYUKA KO BATANGUYE GUTANA MURUDUBI ,EGIVYOBAGIRA NTUGIRE NGO IMANA NTIBIBONA,YUBUZITERAMBERE KUBWABO BARARIKIRABENE GIHUGU KUGUMUKA AU LIEU YO KUBARARIKIRA KUBIKORWA,CFR RUVYIRI ASIGAYE ARI BOSS YACURUZIBIRATO CAGUWA PALE ,ABOBIMENYA NABO BAGABURUMUPYETO HARYA INYUMA YISOKO CANKIMBERE IGIHE ITARI BWASHE ,REKA BABAHENDE IZOMBURAKIMAZI NABAKEBURA

  • AKEZAMUTIMA FABIEN NDAGUSHIMIYE, UHATSWE GUTORA AKAZI RUFYIRI YAKORA, ARIKO WIHENZE KUKO NTIYACURUZA IBIRATO, AHUBWO YASHONA IBIRATO!!!!!!!! HAMA NKONGERA NKAKUMENYESHA KO PACIFIC, MURI WOTERERA IKI YO KUWIMANA 07H YAVYIVUGIYE KO NGO FOCODE NIYO IDAHARANIRA IVYAPOLITIKE, NGOWE NUMUNYEPOLITIKE!!!!!!!!! GUSHIKA NAHO AVUGAKO MURI 2015 ASHOBORA KUZOBA ARI UMUSHINGAMATEKA NGO NTIBIZE BIDUTANGAZE!!!!!!!! IVYO MINISTRE EDUARD YARABIBABWIYE, BAMWAMIRIRA KURE NONE UBU BARIKO BARAVYEMERA!!!!! REKE TURINDIRE 2015 HAHAHAHAHAHAHAAAAAA

  • Hafugwa umugabo nkamwebwe mwandika baba DD mwandika ivyo babariye ?umuntu nukubaharira kuko ntimuzi icomuri mwenye ni baaabaaaa gusa kugira murare muriye

  • Agabo mwiyise philibert,nyoko(mama),...,Aho ntanisoni mwumva muriko mwandika ivyubwoko mu Burundi!Ehe ni muhinduke muve inyuma yubwoko nimigambwe,mwanke akarenganyo mu gacerere!uwukoze ikosha mwibaze canke mumubaze intumbero(inyungu) mu hereye kuri Mbonimpa!

  • Ntiwiyite mama ahubwo iyite rusoferi aho ntasoni wewe urusha umutama claver kubona amakuba yaciyemwo urayazi ntawuca ubwonge atagowe.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.