IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Frederic Bamvuginyumvira asaba ko Uburundi bworongorwa n’ababishoboye

Frederic Bamvuginyumvira asaba ko Uburundi bworongorwa n’ababishoboye

lundi 5 Rusama 2014

Umugambwe Sahwanya FRODEBU watunganije inama muri komine Musaga, iyo nama yari yatumiwemwo abarongozi b’imigambwe ahanini ihurikiye mu runani ADC ikibiri, aho bahavuye ndetse baninjira ingoro y’umugambwe wa Ndadaye.

Icegera c’umukuru w’umugambwe FRODEBU Ferederiko Bamvuginyumvira yari yitavye ibirori muri komine ya Musaga, akaba yasavye ko abatwara botwara neza, ndetse hagatwara n’ababishoboye. Avuga ko hasigaye umwaka umwe gusa n’imisi mike kugira Uburundi buronke abategetsi bashoboye kurongora igihugu. Muri ivyo birori vyo kwugurura iyo ngoro y’umugambwe FRODEBU, bikaba vyari vyitabwe n’abanywanyi b’uyo mugambwe, hamwe n’abarongoye imigambwe ihurikiye mu runani ADC Ikibiri muri iyo komine.

Muri ivyo birori nyene, umukuru w’urwaruka rw’Intakangwa Patrick Nkurunziza, akaba yaneguye uguhohoterwa bagirirwa n’urwaruka rw’Imbonerakure za CNDD FDD, aho yavuze ko batazigera barera amaboko, igihe cose bosubira gusotorwa. Mukamenya ko ivyo bikorwa vyari bicungerewe n’abaporisi, ndetse akaba atamunyamugambwe n’umwe wo mu Kibiri yaburagijwe.


Chérif Nkeshimana

Messages

  • Frodebu tsinda frodebu jujujuzaidi turabashogikiye abishizehamwe ntaki bananira. Kandi haragezekwibintu bihinduka. Ubutungane bukigenga imbonerakure zikarengutswa.

  • Komera turabashigikiye Ndadaye yarumugabo nti muze muhemuke kwiragi yadusigiye

  • Uburundi bwotwarwa nababishoboye bande? Urareba ubimenyeshe ONU ko uburundi bukwiye gutwarwa nababishoboye! murashaka gushikirubutegetsi bigenzegute ko mutegerezwa kubanzaguturiya mugihe kitarimusi yimyaka 50 sukubacintege mwebwemwese mwaramaze kwiyanduza imbere yabene gihugu, igihecose imigambweyanyu izoba igiserukirwa namwebwe ntizigera isimba umutaru iconobasaba gerageza murondere abandi baserukira iyomigambwe yanyu nayomwebwe mumazimisi mwiyanduje mubenegihugu biciyemumajambo mukoresha.

  • Sha nta frodebu kweri .. umugabo Leonce mwenyewe yabaye umushigamateka imyaka hafi 17 yatwaye intama nshingamateka imyaka ingahe? yakoze iki yobwora abanyagihugu?igihe abarundi bariko bahunga bongera bicwa hatwara nde? avuga ko ivyo atakoze yabuzwa nuko igi police ,igisirikare ,ubutungane bwari ubwubwoko bumwe .. none uyumunsi bamubajije avuga ngo aje guhindura ibintu... igisirikare,igipolice,nubutungane avuga ko bwazingamitswe numugambwe cdd-fdd.. nagira nukuri izi nziraguhemuka babe batanga umuco ... nibashika kubutegetsi bazirukana aba general bose ba cdd-fdd.. bashiremwo gwabo canke bazozana mubutungane ababo ... igi police bazogisambura bagisubiremwo? ko mbona ivyo bavuga ko vyabanineye insiguro zisa bazobigenza gute? abarundi nibaba bashaka gutwagwa nkuko batwawe mugihe cose bamaze kubutegetsi bazotogwa ariko sindavyibaza .... ico badashobora kubwira abanyagihugu ngo bumve nukwihenda... ngo batwaye amezi 3 gusa ya ndandaye.. mugihe wari wicaye munama nshingamateka ukanayirongora wobesha gute ngo ntiwatwaye? uwo mu ferederiko yageze no muntebe yicegera cumukuru wigihugu .. bazo kwerekana background yabo hanyuma baheze babatore urugohe ndabavuniye basize Rwasa agatho afite ico yobwira abanyagihugu ntibihende ngo hari ico bazoshikako gira amahoro... honyene baramaze kwikuramwo kuko politique yamatongo yatumye batakaza amajwi meshi.

  • Frodebu oye oye ,,ingorane zuburundi zihagaze ahantu hamwe :abahutu bibigugu batora ibindi bigugu ngoborongore igihugu ,,kandi hariho icambwenge ziturongora tukava mubukene

  • nwari none nko nfaho uvuze iki? ukwo nyene nikwo muzokwama mutsindwa abari bazi ubwenge batari ibigugu bagejeje igihugu hehe ?

  • jewe mbona ko cndd batwara neza cane special piet ngurunzinza niyirambire

  • nwari nawe nyene uri ikigugu..... abatari ibigugu bakoze iki ngo igihugu kimere neza frodebu ihari kuva 1993 itwara canke idatwara hari imyaka bigeze no kurongora igihugu ikitibagiwe co ni Leonce kuko abantu bicwa mukamenge akirarira ikiriri ari numukuru wintama nshingamateka... yakoze iki? abovuga si abafrodebu... ninde yokwongera guha igihugu umuntu atagira numudoriya mugani wawawundi ngo nimufrodebu ahubwa banyaruke basange Aghato rwasa kuko atarukwo ntanidyo kwa SEDEGEYA bazobona ndakurahiye.

  • Sha nanje nzoba umunyapolitique. Ubu Frodebu ntigikorera campaign mu kamenge no mu kinama yimukiye ku Musaga. Uwogarukana BA Kabushemeye nabandi botwenga ukungene ibintu vyahindutse

  • Mwese muvuga ayamuhe iconzi meme si bakame est ton enemis avoue qui l,ecoule vite,jewe ndemera ko Frodebu aho yageza yabaye inzira yashikanye aboba hutu bavuga ko bafashe ubutegetsi 50ans,ubwo rero umwana naho aba igihangange inyundo ntiyigera isumba iyayujuje.Ariko simvuzeko nabo batarikujaganya iyo baronka umwanya wogukora.Ninkuko Frodebu yomenya ko se ari FNL plphutu none witeranije kuri so na so gokuru amaherezo witera umuvumo udahera.

  • None Umugambwe Forodebu Watanguye Ryari? Ninde Awutwara?

  • None Umugambwe Forodebu Watanguye Ryari? Ninde Awutwara?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.