IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Intwaro ibereye > Gabriel Rufyiri : "Abakora mu biro vy’umukuru w’igihugu bariko barya amagi ya (...)

Gabriel Rufyiri : "Abakora mu biro vy’umukuru w’igihugu bariko barya amagi ya Gwungere"

mercredi 15 Gitugutu 2014

Umukuru w’ishirahamwe OLUCOME Gabriel Rufyiri asaba Reta kudakoresha imvugo ifobetse, nyabuna itange umuco kuhavuye indege iherutse guhabwa Uburundi n’abavuzwe ko ari abakunzi b’Uburundi, kugira ize irerure umukuru w’igihugu.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uno wa 15 Gitugutu, Gabriel Rufyiri akaba yavuze ko indege yaje kugira izorerure umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza hakenewe ko ukuri kuja ahabona hakamenyekana abayitanze abo aribo, kuko uwo mukuru w’iryo shirahamwe ryishinze kurwanya abanyuruza amatungo ya Reta yibaza ko ishobora kuba yaje nk’igiturire mw’iyimbwa ry’ubutare bwa Nickel bw’i Musongati.

Gabriel Rufyiri akaba avuga ko yagerageje kubaza abakora mu biro vy’umukuru w’igihugu kugira basigurire neza abarundi n’amakungu amamuko y’iyo ndege, ariko akavuga ko bamwishuye ko abagenzi b’Uburundi batanze ibice 80 kw’ijana, Uburundi nabwo butanga 20 kw’ijana. Ariko umukuru w’iryo shirahamwe akagira amakenga mu gihe iyo Uburundi buronse ingabire z’imfashanyo z’ibindi bihugu hama hahamagarwa abaza kuraba uko haterwako ibikumu ku masezerano, ariko kuvy’iyo ndege, akaba atawahamagawe.

Rufyiri Gabriel akaba avuga ko yaranasavye ko bomwereka aho amafaranga y’ivyo bice 20 kw’ijana yavuye ariko ntibahamwereka. Rufyiri ariko akibaza ko, uko bigenda kwose amwe mu mahera akurwa kuri compte iri muri BRB nomero 1101/001.17 yitwa appui aux bonnes initiatives, ikurikiranwa na Allain Guillaume Bunyoni umuhanuzi w’umukuru w’igihugu, afashanije n’uwitwa Jean Paul nawe ari mu bahanuzi b’umukuru w’igihugu, yoba ariyo agaruka agafasha muri ivyo bikorwa abandi bakora mu biro vy’umukuru w’igihugu badashobora gutangira insiguro. Abo babiri OLUCOME ikamenyesha ko aribo jisho ry’umukuru w’igihugu mw’itunganywa ry’iyo compte yoba ijako ku mwaka ku mwaka imiriyaridi zigera kuri 5.

Umukuru wa OLUCOME rero akavuga ko abarundi n’amakungu bakwiye kuhagabira na cane cane mw’iyimbwa ry’Ubutare bw’i Musongati, kuko ata guhamagara abaza kw’imba vyakozwe ku mugaragaro, ahubwo vyakorewe mu gifuri, kandi ibiro vy’umukuru w’igihugu bibifisemwo uruhara. Amenyesha ko mu biro vy’umukuru w’igihugu bariko barya amagi ya Gwungere, kuko ivyo bintu bitazoherera aho, narirya iryo shirahamwe rimaze kwandikira amakete menshi umukuru w’igihugu ryerekana amanyanga adasanzwe akorwa haba mu masoko atangwa mu kinyegero eka n’ibindi.

Umukuru w’iryo shirahamwe rero akaba asaba amashirahamwe akorera mu Burundi hamwe n’abashingamateka kutarera amaboko, kuko hari akarwi k’abantu bake bariko bapfukama igihugu mu nda bakabandanya batunga, n’ayo umunyagihugu muto agowe, ikigoyi kimurembeje.


Aristide Nizigire

Messages

  • ivyo uwo mutama avuga nivyo gerageza mutama utohoze hanyuma twebwe abarundi dutomokegwe .kuko hagowe twebwe dukenye.muga bazoturya aboba dutwara yemwe....

  • Nukuri mutama gerageza uvuge ariko ntibumva naho ubabwira ariko bame bibukako atamvuridahita bizoteba bihinduke.

  • Tubikire ayo madossiers mutama!tuzovyiwenyera hageze ko urukwavu rwonka abana!

  • Iyontwaro ivyikora vyose namanyanga honyene umukuruwigihugu niwe aza kwisonga mumanyanga yose akorwa hama ngo yofata ingingo kangi basangira arimwo mwako karwi kadufukamye munda muga mutama wacu Rufyiri zuraruta ntakundi niko ubwira abatumva muga bizobagarukako kandi sikera kiretse nibomoka

  • None ga Rufyiri aho ga ushakako mu burundi ariho bigendaneza gusa muri Tanzania vyaranse,congo,rwanda,uganda Kiza Besige apfungiwe iwe,kenya ntakigenda,aho uriko uca amahera gusa kuko ni Afrika yose dufise impano imwe vuga mugabo ntaco uzohindura,nabo ushakako batwara bazokora ukonyene kuko baravukana

  • Komeramutama utarya ibitey;itongo amatongo agitonyanga itoto nukuri bazotangara intahe niyafata ijamboha udutohoreze hary’abarundi benshi
    baheza amaso mwongere mudutohoreze yankuru twumva munama nshingamateka yamahera200$nayibikoresho vyagisirikare yahakana imbere yinama nshinga mateka umushikiranganji wikigega. caleta abanabacu baguma bihesha icubahiro mumakungu biraharuritse nayinjiye bazebatangare intahe ifashe ijambo mugihugu .

  • Komeramutama utarya ibitey;itongo amatongo agitonyanga itoto nukuri bazotangara intahe niyafata ijamboha udutohoreze hary’abarundi benshi
    baheza amaso mwongere mudutohoreze yankuru twumva munama nshingamateka yamahera200$nayibikoresho vyagisirikare yahakana imbere yinama nshinga mateka umushikiranganji wikigega. caleta abanabacu baguma bihesha icubahiro mumakungu biraharuritse nayinjiye bazebatangare intahe ifashe ijambo mugihugu .

  • Aba dd nabasuma. Bareke.tuzobaboha

  • Aba dd nabasuma. Bareke.tuzobaboha

  • NYAKUBAHWA MUKURU WA OLUCOME,NDAGUKURIYE INKOFERO,UBIKE NEZA AYO MA DOSSIERS AMWAMWE AYABIKE KURI mail internet kuko bazohava baturira ivyo bureau vyawe kugira bayazimanganye,ariko ayabike turiko turakura tuzobafata mpiri ,amase ya kera ntagihoma urutaro,nimba bobo vyarabananiye gufata abanyonyeje avant eux.merci beaucoup

  • Hahahahaha.Amagi ya Gwungere?Batihanuye ngo bihane intoke zabo zirafatana ndakurahiye.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.