IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Gahombo : Umwe mubagirizwa kwiba inkoho z’abaporisi yishwe n’amahiri

Gahombo : Umwe mubagirizwa kwiba inkoho z’abaporisi yishwe n’amahiri

jeudi 11 Nyakanga 2014

Inyuma y’ahobamwe mu bari bagirijwe kwiba inkoho z’abaporisi muri komine ya Gahombo bafatiwe bagafungwa, umwe muri abo banyororo yitavye Imana bivuye ku mahiri.

Mu mashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike aho mu ntara ya Kayanza, bagiriza abaporisi ko aribo bakubise uwo munyagihugu gushika asinzikare ndetse ari navyo vyavuyemwo uko kwitaba Imana. Muri ayo mashirahamwe, bakavuga ko uwo yitavye Imana yakubiswe, gushika naho ururimi rwiwe ruhakwa gucika. Mu giporisi muri iyo ntara bakavuga ko ayo makuru yo mu mashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike atariyo. Bavuga ko uwo mugabo ahubwo yakubitiwe aho yari apfungiwe na bamwe mu bo yari yadomyeko urutoke bagera kuri bane ko aribo bafashanije kwiba izo nkoho.

Ariko rero naho biri uko, mu giporisi bakavuga ko amatohoza azobandanya,abivye inkoho zibiri z’abaporisi bakamenyekana n’ico bagira baje kuzikoresha. Ikindi bavuga, akaba ari ukugira amatohoza kugira uwakubise uwo munyororo amenyekane, nawe nyene ahanwe n’amategeko.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.