IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > General Prime Niyongabo aragabisha uwogomba gukoresha igisirikare ku nyungu (...)

General Prime Niyongabo aragabisha uwogomba gukoresha igisirikare ku nyungu ziwe

lundi 4 Rusama 2015

Umukuru w’ibiro bikuru vy’intwara miheto (chef d’Etat Major) General Prime Niyongabo aragabisha uwo wese ashaka gukoresha intwaramiheto ku nyungu ziwe zitandukanye n’inyungu z’igihugu.

Mw’itangazo yasohoye kuw’Imana igenekerezo rya 3 rusama,umukuru w’ibiro bikuru vy’intwaramiheto yasavye abanyapolitike hamwe n’amashirahamwe adaharanira inyungu za Politike bari mu myiyerekano kuyikora bisunze amategeko.

JPEG - 28 ko
Umukuru w’ibiro bikuru vy’intwaramiheto General Prime Niyongabo

Umukuru w’ibiro bikuru vy’intwaramiheto yamenyesheje ko abasirikare bazoguma bubahiriza amategeko agenga urwego rwabo hamwe n’abayobozi b’igihugu.Yavuze kandi ko igisirikare kizoguma ari igisirikare c’igihugu kandi cubahiriza amategeko y’Uburundi,aca ahamagarira abasirikare kuguma bafatanye mu nda.

Prime Niyongabo,yaboneyeho akaryo ko guhoza umuryango w’umusirikare Efraim Hatungimana yishwe muri Komine ya Musaga n’umurwi warimwo abakozi b’ibiro vy’igendereza bari kumwe n’abapolisi.

Umukuru w’ibiro bikuru vy’intwara miheto yabivuze asa nuwushimangira ivyo umushikiranganji wo kwivuna abansi yari yashikirije yiyamiriza uwo wese afise umugambi wo guhonyanga amasezerano y’i Arusha hamwe n’ibwirizwa nshingiro kuko ngo ivyo vyoshobora gusubiza igihugu mu kaga.


Van Naris

Messages

  • Tubaye Turashima KU NYIFATO IBEREYE UMUSHIKIRANGAJI WO KWIVUNA ABANSI Numukuru wibiro bikuru Vyagisirikare.Bafashe Imvugo Iraheze Hasigaye Ingiro Imana Ibafashe Babogore Igihugu.

  • ico nzi mu Burundi hari abagabo binjonja n’ijambo nibafate ingingo kugira ibiri kuba bihagarare!

  • jewe ndashimye gose ijambo umushikiranganji wu kwivunabans yashikirije abanyagihugu natwe turindiriye bunyoni adolphe na nizigama icobavuga

  • nubwo natwe tubasengera hano mu rwanda iyo byanze byose igisirikare nicyo gihagarika ibibabazo mu gihugu. amaraso amenetse nimenshi yabanya africa kubera umuntu uba arumwe kunyungu ze gusa.

  • None Ko Mushima Ngo Yabavugiye Neza Pontien Arashigikiye Ko Nkurunziza Yitoza Canke Atokwitoza Harivyo Yavuze Ico Numvise. Numvise Ko Acubaha Umukuru W,igihugu N,inzego Ko Abagumuka Atazobihanganira Mu Myirekano Nivyo ?Muritonda Rero Mu Kuvuga

  • @ Melchiade wewe ufise amatwi atandukanye n’ayabandi. Umutegetsi nkuyo avuze ati dushigikiye amasezerano y’iyarusha wewe ntaco wumvamwo????? vibuzimu jibuntu

  • Vraiment, vraiment!
    Ariko rero ingorane ni twebwe nyene! Gnl Prime ndazi ko yovyumva umuntu abimubariye. Ariko rero, Gnl Pontien n’umugabo, nukumviriza uko avuga. Imana imuje imbere, Prime nawe ave ibuzimu aje i Buntu!]
    Imana ihezagire u Burundi, Peter areke kudufatira amaboko i Mugongo!
    Djibrill N. Tamsir

  • Umusirikare icoyanka nuwusimbira kuwundi akamurya urwara, kandumusirikare iyo abonabantu baterana amajambo yibijanye na politike ivyontabijamwo, ariko yumvise musimbiraniyeko mugashaka kuvishanya amaraso kuneza yabarundi bose arahaguruka akagerageza kubabuza akoresheje uburyobwose abonako bushobora guhagarika akokabi. Rekandabahe akarorero nkabozana ibirwanisho ivyarivyovyose bakemangabavugako bagomba kugandagura nkabobantu twitako batavugarumwe na reta yuburundi abasirikare buburundi bocabahagarara rugabo, cokimwenuko hagize uwuvugako agomba gukora ukwashoboyekwose ahungabanye canke agandagure inzego zigihugu zihari umusirikare acahagarara magabo ntashobora kuvuga ngomurafise ukuri kwokuvishanya amaraso, ariko mugiye mubiganiro mukabeshanya canke mukabwirana ukuri nubwomwifata imyaka nimyaniko ntamusirikare musigera mubona mwivyobintuvyanyu. Arikuvuzengo uragiye mukirimba cumukuruwigihugu umusirikare agusabisha yompi nicogituma nubutungane nubutungane mpuzamakungu iyobugize umukuruwigihugu bushaka gufata yakoze nkibintubibi, ntibashobora kurondera inteko mpuzamakungu ngozize kumutora mukirimbaciwe nubwobababafise ubukomezi karuhariwe. Abasirikare mubonye bakoneza gukingira umukuruwigihugu icaricocose sukubera abaruko bafise ivyiza canke ibibi bahuriyeko, ahubwo nikokazikabo vyasebikunze.

  • Prime urumushingantahe wijambo gusa turagusavye ntuzihindukize mwijambo,nkuko gaciyumbwenge yabigize ndagushimiye cane kwijambo ushikirije abarundi n,uburundi.ahuba wubahwe

  • Jew Numva Arukuri Kuko Yarabitohoj Arabibona

  • Jew Numva Arukuri Kuko Yarabitohoj Arabibona

  • SHA ABO NIBA NYAMITWE

  • Rondera ingorane ahoziva twironkere amahoro umwicanyi muragendana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.