IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Gihosha : Umwigeme yashurashujwe na se incuro cumi zose

Gihosha : Umwigeme yashurashujwe na se incuro cumi zose

lundi 31 Ntwarante 2014

Muri komine ya Gihosha mu gisagara ca Bujumbura, hari umugabo yafashwe arapfungwa, yagirizwa kuba yarashurashuje umwana wiwe w’umwigeme incuro icumi.

Muri quartier ya Taba iri muri komine Gihosha, akaba ariho ako kaga kabereye. Uwo mwana yahumanijwe na se amuvyara, bikavugwa ko yatanguye kumushurashuza mu kwezi kwa Ntwarante umwaka uheze. Amakuru dukesha bagenzi bacu ba radiyo isanganiro, amenyesha ko intandaro ya vyose, ari umugabo yashatse gufata ku nguvu uwo mwana w’imyaka 15 y’amavuko, ariko Imana irakinga. Haciye iminsi, se w’uwo mwana akaba yagirije umukobwa wiwe kuba yarashurashuye n’uyo mugabo, uyo mwana ararahira. Ariko se amuvyara akaba atashizwe, yagumye asaba uyo mwana w’umukobwa wiwe, ko uko bigenda kwose, azipimira, kugira arabe ko atafashwe ku nguvu. Uyo mwana kenshi yarankiye se, aramubwira ko atawamushurashuje, ariko vyaratevye, uwo mugabo, arateba, aramushurashuza, kugira yipimire ko uyo mwana wiwe atawundi yamushurashuje. Uwo mwana w’umwigeme n’agahinda kenshi, avuga ko vyari bimaze kuba incuro icumi zose.

Uyo mwana rero akaba yaratevye ararengerwa, arashishwa n’uwo mukoshi yaterwa na se, aja gutabaza umukuru w’umutumba. Nibizi Léocadie, avuga ko yari abizi, ariko barindiriye amatohoza. Nyina w’umwana avuga ko ivyo bintu nawe nyene abizi, kandi kuva iyo ngeso mbi yo kumuhumirira umwana itanguye, yaciye atangura kwama ariko arasinzikarizwa ubuzima n’umugabo wiwe. Ariko naho biri ukwo, bikavugwa ko hoba hari imibonano kugira uyo mugabo arekurwe.

Abanyagihugu co kimwe n’umukuru wa Taba, bose bagasemerera, basaba ko hatogira n’umwe ahirahira ngo ashire urwo rubanza muvya poritike, canke uwo mugabo arekurwe. Basaba ko ahubwo, yohanwa bimwe vy’akarorero, kuko yahevye atabura ibabi, mu gukora amashano nkayo, ku mwana yikuriye mu nda. Nyina w’umwana, incuti n’abagenzi, bakaba ari agahinda gusa, kw’ibara nk’iryo ku kibondo.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.