IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Gitega : Abagirizwa ugushaka guhirika ubutegetsi barengutse ubwa (...)

Gitega : Abagirizwa ugushaka guhirika ubutegetsi barengutse ubwa mbere

mercredi 14 Gitugutu 2015, par egide

Abagirizwa ugushaka gutembagaza ubutegetsi bwa Petero NKRUNZIZA bitavye ubwa mbere kuri uwu wa gatatu, mu gisata bita CHAMBRE DE CONSEIL y’i GITEGA, aho ubutungane buza kwihweza ko bazoza baritaba ubutungane bidegemvya canke bapfunzwe.

Muri ico gisata ca CHAMBRE DE CONSEIL y’i GITEGA, abari bemewe kwinjira kwumviriza akaba yari ababuuranira gusa abo banyororo 28 bahagaritswe bagirizwa ugushaka gutembagaza ubutegetsi kuwa 13 Rusama 2015.

Abo banyororo barengutse ubwa mbere mu gihe umwe mu babafasha kuburana, umushingwamanza Lambert Nsabimana, yaheruka kunegura ingene abo banyororo bafashwe, akavuga ko abanyororo bane muri abo bagirizwa ugushaka guhirika ubutegetsi bapfungirwa mu kumba kamwe k’imetero zitatu kuri zitatu, ako kumba nyene akaba ariko baheza bagakoresha nk’ubwiherero. Umushingwamanza Lambert Nsabimana akamenyesha kandi ko kugira umwe muri abo banyororo ashobore gusohoka hanze bisaba uruhusha rudasanzwe rw’abaporisi bacunze ubwo busho, ari nabo bafise imfunguruzo z’aho bapfungiwe. N’abaje kuramutsa abo banyororo bakaba batoroherezwa kubonana nabo. Umushingwamanza Lambert Nsabimana akaba yasaba ubutungane bw’Uburundi ko bwonyarutsa ibijanye n’urwo rubanza.

Bitegekanijwe ko mu masaha 48 ariho hasohoka ingingo y’ukumenyeshwa namba bagiye kuburana bidegemvya canke bagipfunzwe.


IGIHE

Messages

  • Twagomba Turemeshe Izontwri. Igikorwa Mwari Mwakoze, Cari Igikorwa C’ Iteka Iyo Hatabmwo Abahemu. Ariko Bitebuke Ukuri Kuzoja Ahabona. Bazokwicuza Icatumye Bahemuka, Kuko Izinganda Ziriko Ziratikira, Iyi Miryango Iriko Irahona, Vyatumwe N’ Uko Bahemutse, Bigatuma Hagaruka Intwaro Ishingiye Kubwicanyi. Bene Izontwaro Rero Haragera N’ Igihe Zitana Abazisizeho. Uburorero Burazi. Ntabwo Nsubiramwo. Uwuri N’ Amatwi Yo Kumva, Niyumue Ko Intwaro Yica Abanyagihugu Bayo Twari Tuyisezeye Uryamusi.

  • Baragacigwa gugupfa ataritwari ivyi bihemu bits India ndende ihumirirya, ko muboroga muribagiye ko kiva Kuri ba micombero gushika Kuri Dayizeye umupfuga yituma aho apfungiwe uburero naho mubonye ko bibabaje? Nibakanywe kandi abo ntaburenganzira bafise bwokuburana bidegemvya Boca Bajamu Rwanda bogaruka arabicanyi bahatari nibanyarukirizwe jewenkumushikiriza manza zo kumugina ndabaciriye go guherayo canke imyaka 100. Ko uryugupfa twarukuyeho nayubundi ho bosizwe akagozi mwizosi.

  • Jewe Notanga Ikigongwe Bakarekurwa Barabonye Ko Ama Kudeta Atagikunda Muburundi

  • NONEGATUGIREGUTENKUNZIZANAVEKONAYAHANDIHO.ABIWEBAZOMUHERAKO.ABANYAGIHUGUTURWAMUVYOTUTAZIBOBOBAHARANIRA INDAZABO

  • Abobagabo nama ndababwira ko babura kwiyegereza abanyagihugu bakishinga bashira imbere amacakubiri y’amako. uwabitanguye ni Sinduhije nkamubwira nti nimuze twitware neza kugira amatora ya 2015 tuzoyatsinde nacanecane ko mwigumuye tukava mumatora ya 2010 kandi twari twaronse amajwi menshi. Nabo ngo tera iyosema. None ubu turiko turunguka iki? Agatima kubugumutsi niko katumye haba bamwe bajanywe n’ibishobisho baja gukubita ama coup d’etat kandi ivyo vyarahebwe. Nibafatwe kuko nibo batumye tutibandaniriza inzira yamatora kandi twari twariteguye ngo bafise imigambi igayitse.
    INVUGAKURI ZITARINKE TURIKO TURUNVISHA ABA JEUNES BAHENZWE KO TWOTEKANA TUKAJA KUMIRIMO YACU TUKARINDIRA IVYA 2020.
    NAHO ABAGUMA BAKOKEZA ABASIRIKARE NGO BAGIRE ICO BAKORA, NOBABWIRA KO INTAMBARA ATARI URUKINO RWUMUPIRA, BARAMUTSE BARWANYE HOBAMWO ABATSINDA NABANDI BATSINDWA. MURICIGIHE NDAWUMENYA UWUTSINDWA. ABACU BATSINZWE TWESE TWOMOKERA ICARIMWE. MURUNVA KO ATANYUNGU.

  • Ntakundi Ubu Twarumiwe Gusa Umucamanza Mukuru N’imana Ayamosozi Yabene Gihugu Ninde Yoyabahanagura?Akarenganyo Eka Vyishi.Rero Tureke Izintwaro Z’umukazo Yesu Niwe Woguhora Azoza Kandi Ntazoreka Kuzirandura.Abariko Bahogwa Ubusa Bose Mwihangane Ntakundi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.