IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Gitega : Général Prime NGOWENUBUSA yumvirijwe na sentare y’iyungururizo

Gitega : Général Prime NGOWENUBUSA yumvirijwe na sentare y’iyungururizo

jeudi 14 Ndamukiza 2016, par egide

Mu banyororo umunani bari ku rutonde rw’abumvirizwa na sentare y’iyungururizo muri sentare isubiramwo imanza ya Gitega kuri uwu wa kane, uwumvirijwe ni Général Prime NGOWENUBUSA yahora ari icegera c’umukuru w’abasirikare barwanira hasi.

Général Prime NGOWENUBUSA yagirizwa n’umushikirizamanza ko ku munsi w’ukugerageza guhirika ubutegetsi kw’igenekerezo rya 13 Rusama 2015 ariwe yari ajejwe gufasha abari mu myiyerekano mu kwitunganya, mu bumanuko bw’igisagara ca Bujumbura, muma zone ya Kanyosha na Musaga. Uwaserukiye Reta muri urwo rubanza akavuga ko mu rubanza rwa mbere ivyo bitafatiweko, arico gituma yunguruje urubanza.

Général Prime NGOWENUBUSA yasiguye ko mu gihe yari asanzwe aba muri Karitiye ya Kinanira, yategerezwa guca mu mabarabara y’ubumanuko bw’igisagara ca Bujumbura kugira ashike ku kazi kiwe, mu biro bikuru vya gisirikare.

Général Prime NGOWENUBUSA yamenyesheje ko ivyo yagirizwa atarivyo, kuko n’umunsi haba igeragezwa ry’uguhirika ubutegetsi, ari ntwazangabo zaciye zija mu nama kugira barabe ibibanza bikomeye vyocungerwa, akavuga nk’ibanki nkuru y’igihugu, ikirimba c’umukuru w’igihugu hamwe n’insamirizi n’imboneshakure vy’igihugu.

Avuga kandi ko ari mubakoraniye mu biro bikuru vya gisirikare kugira basohore itangazo ry’uguhumuriza ryasomwe na Général Prime NIYONGABO, umukuru w’ibiro bikuru vya gisirikare.


IGIHE

Messages

  • nonubundi nihobavuze ngo agatoke gakomba kamagahese none Reka b akomeza, nubwo butama bwagiye kuborera mumunyororo bwungutsiki? mukirundi bacumugani ngo amongerezank a niyo mazituvya nibibonereko.

  • izo ntwari nizireme imana irazibona. bitebe bitebuke. ukuri kuzoja ahabona ahomuri hazoja abandi namwe igihugu mwagira mubogore n. ubu kiracabakeneye. abobicanyi imana izobadukurako. mwihangane imana irikumwe namwe.

  • mwarahenzwe muremera ariko mwibagira ko inkona itaruzwa. ariko mwihangane icatumye bunguruza urubanza kandi mwari mwakatiwe gufungwa ubuzima bwose mugira mukibone. jewe ndazi ko arimbugita gusa atakindi imana ibakire mubwami bwayo.

  • Jew karorero uko nvyunva ndunva avuga neza sicokimwe naka cellule nyakwicwa nakaranda sinamenyerey gutukana nkawe muraraba nimba arimuritwebwe mumucire inkoni ngufi igito gitabwa iwabo nimba arumuhutu wumutima ntimujaniranye arko nitwasenga tukabona ibyavuga aribinyoma bizomubera bibi mukomere muhagarar bwuma democratie ntibace mumyanya yintoki??

  • Nibabarekure mwitahire nubu ndabisubiyemwo ntabantu uburundi bwiteze kuzobona bintwari nkamwe kuko Baba abo bariko barabacira imanza nibanda yamutaye ntabwo arabacamanza kuko iyoyaba baribo borengukije nkurunziza nakarwi kiwe bobo bahonyanze amategeko namabwirizwa igihugu kigenderako tutibagiye ukwirirwa barica abanyagihugu babahamba mubinogo rusangi abonibo bakwiye kurengutswa mubutungane bakishura kumabi bakoreye abanyagihugu naho izontwari zikwiye gushimirwa izonishirwa rimenetse ahubwo nubu dukeneye abandi bokwitanga bagatabara igihugu mukwirukana akokarwi kibisuma vyabicanyi nabambuzi kuko abanyagihugu twarushe kandi tukabipfuriza Kobo batohusha kuko iyobizagukunda amarira abanyagihugu turimwo tuba twarayahanagurwe ndasubiyemwo ikibi sukubigira ikibi nuko bitakunze komera ntwari zacu

  • Wewe wiyita tari ntukomeye,wewe urasara,nturi muzima kweri,wibagiye kubu igihugu gitwagwa nabagabo,apana bamwe baso wanyu biyita abashingantahe,uzosara utebe uruhuke,harabagusumvya amakari batekereje.

  • Jewe uyumuntu yarengukijwe imbereyubutungane harihaho anezereye kuko aranka ko yitwako yarikumwe nabakoze ibidakwiye gukorwa mukugerageza gutembagaza ubutegetsi, kuko aratandukanye nabavugana nakagagazo ngo twarabikoze ngo twariko turaharanira amasererano y’Arusha! Jewe rero kubera avuga yitakambira ko atarimubakora karyakabi kabishe ndamugabanyirije igihano ubutunganenabwo ndazi kuberabwobwo bukora ivyobwigiye buzobitunganya neza kunsumvya kuko hariho uwavuze kohariho ama videos anwerekana ukwiyifashe mwakiriyagihe cimyigaragamvyo na kudeta. murakoze.

  • Na jewe numva uwo mu Général yogirirwa ikigongwe. Burya kirya gihe c’imigumuko abategetsi benshi barakora ibintu kugira bikingire atari ukwo bashigikiye imigumuko. Ko ata kagagazo abivugana nka barya bandi nibabirabe neza. Nico kimwe nandi bahunze igihugu, nk’abagiye batavuze nabi canke ataco biboneka ko bononye igihe bosaba imbabazi bobareka bakidegemvya mu gihugu bagatuma babura izindi nyunga ariko bari mu cabibarutse.

  • JEWE ICOMBONA HOBA IMBABAZI KUKU VYOSE BAKABIREKA TUKATANGURA BISHASHA.BOBEZA KUKO MBONANA RUGOYE JEWE ICOMBONA HOBA IMBABAZI KUKU VYOSE BAKABIREKA TUKATANGURA BISHASHA.BOBEZA KUKO MBONANA RUGOYE GUCA.

  • Bareke Ntacahabakoze Uwobishorayobikora

  • nimureke ababijejwe bakore akazi ,nayo mwebwe nukuvuga gusa

  • uwo mwopfungur ntaco azira

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.