IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Gitega : Icibutso c’umuganwa Rudoviko Rwagasore camenaguwe

Gitega : Icibutso c’umuganwa Rudoviko Rwagasore camenaguwe

vendredi 25 Mukakaro 2014

Icibutso c’umuganwa Rudoviko Rwagasore co mu ntara ya Gitega cararanduwe kiramenagurwa n’umugabo bamwe bavugako yoba arwaye mu mutwe.

JPEG - 46.5 ko
Aho icibutso cahora

Igihe c’isaha icumi z’umugoroba wo kuri uwu wa kane (16h00), umuntu w’umugabo yarengeye ku cibutso c’umuganwa Rudoviko Rwagasore mu ntara ya Gitega, akimenaguza amabuye akigira ubunywenywe. Uwo mugabo azwi kw’izina rya Bizoza Pascal ahejeje gukora ivyo yaciye afatwa ajanwa muri commissariat y’igiporisi aho i Gitega aho yagiye kubarizwa. Naho biri uko, uwo Bizoza Pascal yaciye yigira nk’umuntu yoba afise ingorane zo mu mutwe, ikindi cavugwa n’uko uwo mugabo yoba akora umwuga wo guteranya ivyuma (soudeur) mu gisagara ca Gitega.

Bizoza Pascal avuka ahitwa i Masengo, se wiwe ni Manirakiza Emile, nyina wiwe nawe akaba Ndabacekure Susane.

JPEG - 46.6 ko
ibimanyu vy’umutwe w’ikibumbano c’umuganwa Rudoviko Rwagasore

Cherif Nkeshimana

Messages

  • Intambara irabona kandi igahera .uburundi buzoca butotahara !!twihaganire ibigiye gushika kuko imana ntishobora kureka abicanyi ngobagire imbohe abana bayo???ngo iragi ryabasokuru ringende kubera abakuzibinda????igihugu kigende kubera,abicanyi banka guhanwa ???mana ha iguvu,abana bawe kugira bihaganire amabi agiye kuza naho ariyo mahoro yabana bawe

  • Turagomeza gukurikirana urugamba rwuwiyita Nwari, kuko icuya camubize nkukomengo nuwobahanganye kandariwe ariko arirwanya wenyene ubwiwe, abamubonye bakamubaza batiwamuntuwe ivyonibiki urimwo? nawati twataguyintambara, bagasubira bakamubaza bati intambara yabande? nawati: ngoyatwebwe na reta, bakamubaza bati none kotukubona ariwewe urikurirwanya iyo reta uvuga muhanganye atayotubona mwiyontamba? nawanti ngonimundeke ngokuko ndikodaharanira kazoza kaburundi bwejo. Nwari nuwomuntu yatanguje intambara nikibumbano kitavuga ntahobatandukaniye!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.