IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Gitega : Indwara ya suna irageramiye ibitungwa

Gitega : Indwara ya suna irageramiye ibitungwa

lundi 6 Nzero 2014

Ibitungwa vyo mu ntara ya Gitega cane cane inka birageramiwe muri ino minsi n’indwara ya suna ariyo kandi bita uburenge. Indwara ya suna ni imwe mu ndwara ikunda gukarira bimwe mu bitungwa nk’inka, impene, intama hamwe n’ingurube.

Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru IGIHE kuri uno munsi wa mbere wa 6 Nzero 2014, muganga w’ibitungwa Domine Nzeyimana yamenyesheje ko indwara ya suna ari indwara iterwa ahanini n’imigera, yandukira ningoga kandi igashobora no kwica mu gihe itavuwe kare.
Abahinga muvy’ubuvuzi bw’ibitungwa bakavuga ko iyo migera yamaze gufata igitungwa, ibimenyetso bica batungura kwigaragaza inyuma y’ikiringo c’umwanya kiri hagati y’amasaha umunani n’iminsi 14, bivanye n’ingene imigera ingana.

JPEG - 36.3 ko
Domine Nzeyimana, umuganga w’ibitungwa

Bimwe mu bimenyetso bigaragaza indwara ya suna ku bitungwa biba vyafashwe na cane cane ku nka, hari ukugira ubushuhe buduga cane gushika kuri 41, kubura akayabagu, kujonjogora ntizisubire kurisha neza, kugira ibikomere mu kanwa, ku rurimi, ku munwa no mu binono, zigaca zitangura gucumbagira, kuserura ibiguma.

Nk’uko muganga Domina Nzeyimana yabandanije avyigana, iyo ndwara ya suna canke uburenge ikunze gufata ibitungwa bikuze, ariko n’inyana zigashobora gufatwa mu gihe zidakingiwe ziriko zironka.
Ku bijanye n’ingene indwara ya suna yovurwa, mu gihe habonetse hagati mu bitungwa
ibimenyetso vy’iyo ndwara, aborozi basabwa guca batandukanya izafashwe n’izigikomeye kugira ntizandukizanye. Hihwejwe ibimenyetso vy’iyo ndwara, inka zafashwe bashobora kuziha imiti igabanya ubushuye nka Novargine, bakazitera n’inshinge zivura ibiguma biba vyatewe n’iyo ndwara nka Penstrep canke oxypray.

Aborozi bose bakaba bahamagariwe gupimisha ibitungwa vyabo mu gukingira amagara yavyo hakiri kare, kwama babisuzumisha bakaraba ko ata ngorane zifise, mu gihe hano habonetse izirwaye, bokwirinda ko zirisha hamwe n’izindi kugire ntizanduzanye, bakama kandi bagirira isuku uruhonore rwazo kugira udukoko tuzitera tugabanuke.
Aborozi bakaba bahamagariwe kandi kudafata minenerwe indwara ya suna kuko ishobora kubazanira nabo izindi ngaruka ziturutse kuriyo n’aho idateye amakenga ku magara y’abantu.

Mwomenya ko mu ntara ya Gitega iyo indwara ya suna imaze gufata inka zigera kuri cumi.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.