IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Gitega: Ku karorero k’Umukuru w’igihugu, amashirahamwe yaraterereye urwubako (...)

Gitega: Ku karorero k’Umukuru w’igihugu, amashirahamwe yaraterereye urwubako rwa Kaminuza

dimanche 12 Rusama 2013

Umukuru w’igihugu c’Uburundi, Nyenicubahiro Petero Nkurunziza, yaremeye intererano y’amafaranga y’amarundi agera ku miliyoni amajana atandatu na mirongo itandatu azokoreshwa mu bikorwa vyo kwubaka ishure ryisumbuye ry’imyuga mu ntara ya Gitega, ishure ryotegerejwe kwugurura muri uyu mwaka turimwo.

Nyenicubahiro Petero Nkurunziza yamenyesheje ko ayo mafaranga atanzwe kuri uwo musi wa gatandatu, ariko ko hongerwako ibikoresho yemeye kuri uwo musi nyene, bari mu bikorwa vy’iterambere rusangi. Agaciro k’ivyatanzwe na Nyenicubahiro Petero Nkurunziza kakaba kababa umuliyaridi w’amafaranga y’amarundi.

JPEG - 99.6 ko
Ibikorwa vyo kwubaka ishure ryisumbuye ry’imyuga mu ntara ya Gitega

Ivyo bindi bikoresho Nyenicubahiro Petero Nkurunziza yatanze bikaba ari imifuko igihumbi y’isima, amabati ijana ya kijambere, aciye ibihumbi ijana na mirongo icenda na bitandatu vy’amafaranga y’amarundi kuri rimwe rimwe, hamwe n’amafaranga y’amarundi imiliyoni cumi zizokoreshwa mu kugura ivyuma vyo gusakara.

Abandi bashoboye guterera ni: amashirahamwe Interpetrol na Minolacs yatanze imiliyoni ijana na mirongo ibiri z’amafaranga y’amarundi, umurwizatunga Vénérand Kazohera yatanze imiliyoni mirongo ibiri na zitanu z’amafaranga y’amarundi, ihinguriro Pembe naryo imiliyoni mirongo ibiri.

N’amashirahamwe atari make y’aba ay’abigenga canke aya Leta ntiyasigaye inyuma. Abategetsi bo muri Leta, bo mu buzi bwigenga, eka mbere n’umugambwe CNDD-FDD uri ku butegetsi, bose bafashe akanya bashikiriza agacumu k’ubumwe kuri uwo mugambi wo kwubaka ishure kaminuza ry’imyuba mu ntara ya Gitega, hadasigaye inyuma n’abanyamahanga bakorera mu Burundi.

Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Petero Nkurunziza yarashimishijwe n’izo ntererano zitanzwe kuko yari yiyemeje mu kwezi kwa Ntwarante gusaba imvukira n’abagenzi b’intara ya Gitega ko boshigikira uwo mugambi.

Mu kugaragaza umunezero wiwe, buramatari w’intara ya Gitega yarakengurutse, amenyesha ko ayo mafaranga atanzwe ashobora kuzoheraheza ibikorwa vy’urwubako rw’iryo shure rya kaminuza, na cane cane ko imbere y’uko iyo ntererano itangwa hari hamaze kwegeranwa imiliyoni zigera ku majana umunani na mirongo indwi na zitanu z’amafaranga y’amarundi.

Buramatari Sindayihebura yashikirije ati« Ishure kaminuza ry’imyuga rizoshobora gutangurana gukora n’umwaka w’ishure w’2013 ushira uw’2014. N’ica kabiri c’abigisha basabwe gukora kuri iryo shure baremeye kuzofasha ku buntu.”

Mu gutangura, iryo shure rikaba rizoba rifise ibisata vy’ugutumatumanako amakuru, igisata c’ingenzi, hamwe n’igisata c’ubutunzi.

Ibisata bindi bikaba bizokwongerwako mu nyuma nk’ic’ubuvuzi, ic’uguhingura ibivuye mu burimyi n’ubworozi, n’ic’ugukingira ibidukikije.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.