IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Gitega : Petero Nkurunziza yabonanye n’abakuru b’igiporisi

Gitega : Petero Nkurunziza yabonanye n’abakuru b’igiporisi

mercredi 30 Ndamukiza 2014

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yabonanye mw’ibanga n’abakuru b’igiporisi mu ntara ya Gitega. Muri uwo mubonano w’ukuganira ku kibazo c’umutekano, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yari kumwe na Gabriel Nizigama, umushikiranganji ajejwe umutekano.

Mu ntara ya Gitega, abakuru b’igiporisi bagiranye umubonano kuri uwu wa gatatu n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza. Muvyo barabiye hamwe, harimwo ikibazo c’umutekano muri rusangi. Ivyavuye muri uwo mubonano turabibamenyesha hanyuma.

Mwomenya ko bitegekanijwe ko kuri uwu wa gatatu, aho mu ntara ya Gitega, nk’igihe c’isaha indwi (13h) ku masaha y’i Bujumbura, ariho umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ahava ashikiriza abarundi ijambo ry’ihimbazwa ry’umunsi mpuzamakungu w’abakozi n’akazi uzohimbazwa mu Burundi no kw’isi yose kuri uwu wa kane igenekerezo rya Mbere Rusama 2014.


Egide Nduwimana

Messages

  • turasavye mw’ikubite agashi

  • turasavye mw’ikubite agashi

  • - Pita nagerageze ahumurize aba POLICE , kuko ivyo amaze iminsi akora vyerekana ko arushe hakenewe ko asubiza ubutegetsi AOUT 2015
    - Ataraho azorwa murudubi rwo gukunda amahera nakarya kagwi kabasuma nabicanyi( GROUPE DES CRIMINELS ET DES CORROMPUS)
    - None LE 01 MAI ejo arafise ivyo azotubarira abarundi bishwe ninzara nubukene butagira izina, nagerageze ariko biracamugoye naburya ariwe akingira ikibaba abasuma nabicanyi
    - Abo ba POLICES nabo barakwiye kuraba neza kuko muribo harimwo inkozi zibibi zivye zirica abantu, kandi harimwo nabakorana n’IMBONERAKURE rwa rwaruka rwa CNDD FDD rwitwaje inkoho nimipanga, abo bose nukuba domako urutoke kugira APRES 2015 baze bacibwe imanza kuko amabi bakorera abarundi numurengera, cane cane nkabishe ERNEST MANIRUMVA, Abishe aba FNL, UPD, na MSD inyuma yamatora ya 2015, kandi benshi barazwi za BUBANZA, CIBITOKE, BUJUMBURA RURAL... nahandi henshi, mukubahera PITA yabahaye amapete batanakwiriye , abandi abaha ama AVANTAGES EXORBITANTS, ariko dutegerezwa kubarengutsa imbere yubutungane mpuzamakungu A PARTIR DE 2015, kuko benshi barazwi
    - NA LISTES yabishwe ama ASSOCIATIONS NKA APROPDH, HUMANY RIGHT WATCH,AMNISTY INTERNATIONAL ...barayafise
    - Vyongeye, icaha co kwica ntikibora = INFRACTION IMPRESCRIPTIBLE
    - Ariko benshi ngo bariko bararaba ukuntu babakingira kugira bave muri police baje kwinyegeza muri politique kugira baze bitoze babe abashingamateka kuko babona ko ibisaka vy’imbwa bigire bishe , COMME ça bace baronka immunité parlementaire, aho rero nukuhagabira kuko ntidukeneye kubona dusubira gutwarwa NINKORAMARASO NIBISUMA KARUHARIWE

  • none izo mpuzu yambaye ko zitajanye. iyo lacoste yambaye imbere si impuzu yagenwe kwambarana na costume.

  • yk ewe uri yoko nyene aho mutsindigwa 2015 sinzi ngo muzogira gute imbere yamatora ndibuka amajambo sinduhije yavuze ngo buca bitura urusyo gwaba DD none igihababu urabona iyo kimugejeje nawe rero turiya ushake kumukura utarinze guta agashambara kuko politike nkiyo ntaho ishikina ababona ivyo yakoze bazobandanya babatore canke babasezerere.. ibiharuro nivyagaragaza ko DD iguma ibatwara muze mudyame kandi mworohe.

  • A MUCO, 2015 Pita ntazosubira gutwara, ivyo yakoze harimwo ivyiza nibibi, ariko ibibi numurengera, nico gituma tudashaka ko dutwarwa nabasuma nabicanyi
    - Abakunda atabakunda , 2015 hazoza abandi, tant pi!!!

  • WEWE WIYISE Y K NAGIRA NKUBWIRE KO URUCIRA MUKASO RUGATWARA NYOKO.IVYO BIHUHA UKWIRAGIZA AHO UWOKUBAZA UWAKUBWIYE KO BAGIYE KUBA ABA PARLEMENTAIRES WOMUZANA?HANYUMA NKA HAMWE DD YOTSINDA ,CE QUI EST FORT PROBABLE, WOCA UGIRA IKI?
    REKA GUHENGAMA KUKO AMARASO NTAGIRA UBWOKO CANKE UMUGAMBWE:UBU TUGANDARIYE ABACU BAGIYE NTIBAGARUKA 1972 WEWE UBONA DD GUSA ARIYO IGUTEYE INGORANE.EHE NCUTI URAZA DUFASHANYE TURONDERE ABAHEMUKIYE UBURUNDI KUVA KURI RWAGASORE ,NDIZEYE UMWAMI?N4ABANDI BOSE HAMA UHEBE IYO NGESO MBI YAWE YO GUHENGAMA

  • HARI UKUNTU PETER UMENGO YARAHUNITSE ABANTU!!!BOSE NGO BAMUKORERA NABI !!!NTA SONI NONE NINDE AJEJWE IGIHUGU YATOWE N ABARUNDI !!!AZOVYISHURA KUKO NI WE CHEF SUPREME .. CEST TOUT ..ARIKO AHENDA ABA POLICIERS NGO BAMUSHIGIKIRE CVR IZOTINDA IMUSHIKIRE ..ARIKO ARONDERERA AMAJWI BUNYONI LE PAYSAN AZOMUSUBIRIRA KUGIRA AMURYAMEKO..EGO KUKO ABA PAYSANS BAJUJUTA BAZOBATORA KU KUBATINYA ,GUTINYA INDWANO KUKO NIVYO BAKWIZA MU BAHUTU MURI ZA KIRUNDO KARUZI BUBANZA ,,,,EMWE NARINDIRE NA BAGBO YARACOGOYE AHEJEJE GUSASIKA INGANDA ,,,...

  • Ariko muvyukuri tuvuye muvyo kworosha ibintu, Gutsinda amatora yomuri 2015 kwa CNDD FDD mubona bikiri agashesheshwarumuri? Murazorebaneza nabobazohangara barabizi, kugirubimenye kobabizi uzobimenyera muribi birirwa bambika inkono ishushe reta irongowe na CNDD FDD, canke mugihe bamwenabandi babonye umugambwe ukundanye nabarikubutegetsi bacabavugango urabaye CNDD FDD abobantu bobo bibaza ngokutavugarumwe na reta ngonukuyanka ntimusubire kuvugara ivyubaka ngwahubwo muhuye mugashikagurana ngwivyonivyo bizokwerekana komutavuga rumwe na reta. Ndabasavye muhindure ingingo muzobamukoze.

  • A Gakobwa... Mbega ko mutinya kuvuga ukuri erega LA VERITE BLESSE, ngo urucira mukaso rugatwara nyoko" uwu mugani ntujanye na CONTEXTE TURIMWO, IL FAUT APPELER LE CHIEN OU LE CHAT PAR SON NOM!!!
    - Mbe wibaza ko CNDD FDD irimwo abasuma na bicanyi gusa? PAS DU TOUT? Harimwo intungane ariko ntajambo bafise bavugira mu rufuri.
    - Niwaba ugomba kumyena ivya kahise ku BURUNDI , ndibaza ko rirya tegeko rigenga CVR batari kuryemeza havuyemwo VOLET JUDICIAIRE , wibaza ko ari kuki? Hari abatinya ko ubutungane bubakubita intahe mugahanga
    - Ivyo kugandara twese turagandaye kuko twabuze abacu nivyacu, nibaza ko ikigandaro ca 1972 kiraba ababuze bose , abahutu na batutsi
    - Nimba rero ukunda CNDD FDD c’EST TON CHOIX , ariko ntituzoreka kuvuga ibibi yakoze nivyo iriko irakora , mbere nivyo iriko itegura , kuko uwugenda abunda bunda abonwa nuwuhagaze

  • Mbega umukuru w’igihugu yambara Lacoste indani yambaye complet. Nta gapira kariko igoro gashirwa imbere. Ivyo mwabibonye he? Abajejwe kuraba inyambaro y’umukuru w’igihugu cacu mwikebuke!

  • (YEMWE NTABWO YOBAYI KOBOHAVA BIYUNVIRA ATA NINITOZA IRIGIRAGATATU BOHABANYICA ARIKO NTIBAYAHAYE UMUBONANO KUGINGO NTIBAMUZE? DUGAYETWAMUGINA)

  • petero,nkurunziza,narekure,gwasa,nawe,atware,manda,ya3,ntayo,ndushaka,intwaro,yiwe,twarayihimbwe,imbonerakure,ziricana,zirakubita,abantu,ugize,witware,,bakagucira,gwangondagondetwabihimbwe

  • TUMENYESHE IVYAVUYE MURUWO MUBONANO

  • MUTURWA JEWE NDUMUKENESHAKA MUFASHE MUZOBAMUKOZE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.