IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Yvan Muziki > Yvan Muzika yemerera abakunzi biwe kuzobashika ku nyota

Yvan Muzika yemerera abakunzi biwe kuzobashika ku nyota

lundi 24 Munyonyo 2014

Yvan Muzika agira afate urugendo rumushikana mu gihugu c’Urwanda, intumbero ni iyo kwagura umuziki wiwe no gukorana n’abandi baririmvyi. Agiye asize indirimbo 2 zari zisigaye kugira urukurikirane rwuzure.

I Kigali, Yvan Muziki ashobora gukorana indirimbo n’abaririmvyi bagize umurwi ukomeye aho mu Rwanda no mu karere "Urban Boyz" hamwe n’abandi baririmvyi atashatse kuvuga. Yvan yahisemwo "Urban Boyz kuko bashatse gukorana igihe bahurira mu Bubirigi, Yvan avuga ko bitakunze yaciye afata urugendo rwo muri Portugal mu biteramo. Abahinyanyuzi Fazzo canke Pastor P ni bo Yvan yahisemwo aho mu Rwanda. Uwo muririmvyi avuga ko abahinyanyuzi bo mu Rwanda bafise ico basumbije Abarundi kuko bobo bari ku gihe. Ashobora kuzogaruka kuri uwo wa gatatu uku kwezi nyene.

Yvan Muzika agiye ashize ahabona indirimbo 2 "Kabakaba" na "Inkumbu"zo mu rukurikirane "Ndi Umurundikazi" ruzoba rugize gatatu. Urwo rukirikirane ruzoba rugizwe n’indirimbo 10, ruzoja ahabona mu giteramo c’agakura co kwipfuriza umwaka mwiza abakunzi biwe gitegekanijwe muri Kigarama 2014. Yvan rero yemerera abakunzi biwe ko azobashika ku nyota.

Mwomenyako Yvan yemera ko hagize uwo kenera ko bagira amasezerano yo gukorana atokwanka mu gihe bahuriza ku kuntu asanzwe akora ari wenyene.

Raba isanamu y’ururirimbo "Nd’Umurundikazi"yitiriwe urukurikirane


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.