IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Hafsa Mossi yarijijwe n’ubuzima bw’impunzi z’abarundi mu Rwanda

Hafsa Mossi yarijijwe n’ubuzima bw’impunzi z’abarundi mu Rwanda

mercredi 3 Ruheshi 2015

Umushingamateka w’umurundi mu karere ka Afrika y’Ubuseruko Hafsa Mossi yaraturikishije ararira igihe abashingamateka bo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko(EALA) bari bagiye kuraba ubuzima impunzi z’abarundi zibayemwo mw’ikambi y’impunzi ya Kirehe mu gihugu c’Urwanda ,kuwa kabiri igenekerezo rya 2 Ruheshi.

Inyuma y’urugendo bagize mw’ikambi y’impunzi ya Kirehe,Umushingamateka yavuze ko ubuzima impunzi zibayemwo budashimishije,aca yiyemeza kuzivugira ari kumwe n’abandi bashingamateka kugira ikibazo catumye zihunga gitorerwe umuti.

Hafsa Mossi yavuze ko bari baje kwirabira uko impunzi zimerewe mu buryo bw’umubiri n’umutima,avuga ko basanze ibintu bidashimishije naho Reta y’Uburundi ifashanije n’izindi nzego bamaze gukora ibitari bike,kandi bishimishije.

Kw’izina ry’impuzi zose, Therence Nzohabonayo aziserukira yavuze ko ikibazo c’amazi gisa n’icamaze gutorerwa umuti,ariko ko basigaranye ikibazo c’inkwi,ibifungurwa bikwiye, kwivuza,hamwe no kuronswa ibikoresho bikwiye vyo gukora isuku.

Therence Nzohabonayo yaboneyeho akaryo ko gutuma abashingamateka bo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko,bashikire umukuru w’igihugu bamusabe guhindura ingingo yafashe yatumye haba icuka kibi mu gihugu.

Abashingamateka bo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko bijeje impunzi ko bagiye kubandanya kwiga kuri ico kibazo bari kumwe n’izindi nzego biraba,maze bakaraba ingene impunzi zotaha nk’uko zivyifuza.

Umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bujejwe gukinga ibiza mu Rwanda Ruvebana Antoine ,yavuze ko ikibazo c’amazi adakwiye mw’ikambi coshobora gutuma haduka indwara z’ibiza,naho nyene yemeza ko ico kibazo c’amazi camaze gutorerwa inyishu.

Mwomenya ko Urwanda rumaze kwakira impunzi z’Abarundi zigera ku bihumbi 26,796 mw’ikambi y’impunzi ya Mahama harimwo abashika 22,411.

Messages

  • nuko bigenda iyo wari usanzwe ufise umutima hanyuma ukagwa gatoya. harya usanga yaributseko uwushigikiye manda ya 3 aba ari mu batumye abantu bahunga sawa nimba ayishigikiye narire hanyuma agarukane agatima ahanure.

  • Abaswahirikazi uwutabazi yobagwamwo!!!Ako ni agahimbo mukecuru we,amafaranga akugeze mu muhogo!!Peter nibaza ko yoza araraba abaha amabanga,aho yikoroza ayo kwarika nizo mpunzi za mbere abonye?Laisse moi en rire!Ariko aritonesha muri ba batutsi bo mu rwanda,tu parles,bahunze igihugu kugira badukwegere amakungu ngo turiko tugira genocide,vyabatekurukanye none nawe ngo wagiye kuraba uko bamerewe ku mitima no ku mibiri,igihe twari muri RDC ko atawaje kuturaba?Bamerewe neza ,ntibashitse aho ngo bateye imbere,ubura gutegura amatora ngo uja kuyerera mu makambi?Abo bahunze inzara kuko ari imburamaboko,bahunga amatora kuko bazizwa democracie,bacafuza la jeunesse du parti ngo nibo babomoye ari abatutsi benewabo babikoze bafashijwe naRPAna ba vitali,je me demande vraiment uwaguhaye iyo mission!!!Abo basize birigwa baratwicira la jeunesse hanyuma ngo babayeho nabi bahunze atakibirukanye twebwe twahunga abahima bo mu rutovu dutambuka imivyimba y’abavyeyi bacu n’abavukanyi,abo nabo ni akanyaro hari bova mu rwanda kahezei

  • Ivyovyose nibikogwa napetero nkurumbi yafashe ingo yokwitoza atabirekuriwe namategeko nabirabe yorohereje abarundi batahuke basubire kumihana yabo

  • none bahunz iki ko abanyagihugu aribo nyene bahay barahungabany umutekano nibagaruk muburund natwe turahabay

  • uwababwiye ngo bahunge nagende arabe ingene bamerew bareke kwayagura bahamagar reta nkuk umenga igihe bagenda iyo reta ntibayibona. barayitey akagere nibazako vyoba vyiza bamaramaye bagacomeka intoke mukanwa nkumwana wikigaba

  • mana dusenga.!!!!!umva amarira yuwo musavyi Mooosi ndets namasengesho yabagusaba.twumvir mukama..

  • uwababwiye ngo bahunge nagende arabe ingene bamerew bareke kwayagura bahamagar reta nkuk umenga igihe bagenda iyo reta ntibayibona. barayitey akagere nibazako vyoba vyiza bamaramaye bagacomeka intoke mukanwa nkumwana wikigaba

  • BARABUMVA IVYO BABATUMYE KURI NKURNZIZA HINGE ARIBO BICOKERE BINUMIRE MAMA TABARA UBURUNDI

  • nibantahe nuko bameyereye nguhuga

  • Jewe ico mbona nukwo bogaruka mungo zabo bagashikiriza abajejwe umutekano ibibazo vyabo kuko twebwe twasigaye mugihugu ntangorane tubona ikibazo kiri mu burundi n’ingorane z’abanye politique bohejuru bipfuza ubutegetsi bwo kurongora igihugu biciye muntwaro y’igikenye bitagishoboka. abarundi twipfuza amatora kandi turagombako abo bene wacu bari mubuhungiro botaha bakaja mumatora bagatora uwo bashaka

  • Turasavyeko Amatora Yukwegezwa Inyuma Kandi Abo Bantu Batukana Kurubuga Kobokwihanura Bakareka Gutuka Abantu Ngo Nuko Batarikumwe Turasavyeko Uwosubira Gutukana Kurubuga Akamenyekana Ko Yohanwa Namategeko ,

  • Hafsa Mossi ndamushimiye numuvyeyi weyemeye kushika kumpunzi zabarundi ndabasaba kobogondoza Nkurunziza ahebe iyi mandant abarundi baronke amahoro birababaje kubona ugorerwa mugihugu kindi warufise ahuvuka IMANA Ihezagre Hafsa Mossi

  • nahanure impamde zose ziganire.Imana yumve ayo marira benewacu batahuke.

  • nahabandi j bosco mana garukiqa kwizo mpunzi kand imana icatumyebahung ukimare nsaye nize mwizina ry ubutatu buri manimwe amen umushingamateka wewe ntaze yemere amategeko arungikwa nuwutuma impunzi nahabandi j bosco mana garukiqa kwizo mpunzi kand imana icatumyebahung ukimare nsaye nize mwizina ry ubutatu buri manimwe amen umushingamateka wewe ntaze yemere amategeko arungikwa nuwutuma impunzi zigwira ok

  • Nibaza ko Imana yonyene ariyo izotorera inyishu ibere igihugu cacu kikaronka amahora benewacu bakagaru kandi turavyizera ahandiho abanyeporitike bananiwe umwe wese yikwegerako Mana tabara uburundi abashobora gusenga muje kumavi dusenge nanyuma yazero irakora yitwa ndiho

  • None ga maman ko atakundi vyogenda kunangira kubutegetsi nico bivyara erega iki gihugu ntawo bakiraze mugabo ntangoma idashira abobana b’Imana turabihanganisha ati"ntamvura idahita niyo kuri noa yarahise ejo buzoca"

  • None Yobwira Sebuja Ko Bonus Ya Mandat Arondera Yamaze Abantu?

  • hasa mose narire yihorere ntarekura petero nkuru emwe yadutanzikuzemu twes abarundi ariko imana izodufasha turokoke kukongo uwakoz ivyahaniwe azopfa rerohazopfa we

  • Hafsa Mossi ni wihangane, bandanya muvugira izo mpunzi impembo muzoyihabwa nuwaturemye. hanyuma mukor ibishoboka vyose mugihugu haboneke amahoro kuko natwe tukiri mugihugu turaruhijwe nibiriko biraba.

  • Ahubwo iyaba yohashitse akaraba abantu ingene bagowe kubera we n’umurwi wiwe namwe ntibiherere mukubivuga mubishire mungiro aveko imitima yabantu iruhuke. Ayo yose nibaza ko aramatangazo kuko ninde ariko yiyamamaza mukibanza ca cndd fdd siwe? Urumva ibishimisha bamwe mubategetsi nuko abanyagihugu bakababisa mugihugu.

  • Mana tabara abarundi bagira bahone raba yatevye ararira bose babona.

  • ibi vyose kirya gishetani nkurunziza kizovyishura

  • NDASHIGIKIYE VUGANEZA....!!!!ABARUNI UBU TWARAMAZE GUSHAVURA.ABAGIZE COUP D’ETAT BIKANKA BAJA MU RWANDA...ABACAFUZA UBURUNDI BAJA MU RWANDA...KAGAME YUREKA KUDUKWEGERA...MIVYIMBA TUZOZA TUYIZANA MU RWANDA.BANDANYA UTURIRA.

  • URI VUGA BEZA CANKE NABI RWOOSE!!!WEWE ABATUTSI MWAPFUY IKI KO ABANTU NKAWE MUGOWE.NAMA NDABA IVYO WANDIKA BITEY ISONI.NTACO NOSUBIZA BA UREKA UBUJA..!!!

  • Ariko vuganeza ,bambe nyamitwe,urwayiki ? ubukoko abantu ibihumbi indiribahunze bajakwicwa na cholera kugira baje kukubeshera wew nabandi bahutu babusumvya abandi?mbega ivyo bihumbi vyose nabatutsi bahungiye kwa bene wabo, abari i tanzaniya na kongo bo bahungiye kubahe batutsi?uri ikirogorogo cikigwarudubi pe!

  • umva iyo ngegera kuza murwanda se ni kagame ubatumaho abari za buraya n ahandi ni kagame ubajyanaho mudukureho uwo mwanda wa moko wabamaze mubura kubaka igihugu muzana akajagari ngo n urwanda icyo gihugu gifite urwanda rwaririra iki muturusha ntasoni turabiyamye igihugu cyuzuye umwanda gusa kagame mumureke twe ntituzarinda ko tubimusaba azadutwara ahubwo atadutwaye azatubwira impamvu mumukure muri ayo matiku yanyu twe twibereye mw iterambere namwe mugipimana amazuru magufi na aamaremare twe turihagije kandi uzaza ahunga azaza tumuhe icyo arya icyo anywa amasoko turafite ntituyatwika nkamwe kandi ubwo bwose kalibu muze mwige ikoranabuhanga tugire kubarihira muri EAC nubu mutangire mudushyire mu matiku yanyu iki mufite tudafite weee attention na rwanda

  • Imana niyo izoshikana isezerano ryayo!

  • Bantub’Imana, ntamuntu kw’Isi nzima asesema Imana nkuwuvugango yahunze kubera Nkurunziza , Vyarikubavyiza iyomubamuvugisha ukuriko mwahunze kubera hariho akarwi kabantu banka Nkurunziza atimipangoyakokarwi bapanga nivyobikozamugihugu muntumbero yokubangamira Nkurunziza niyoyatumye twomoka turahunga atirero turasaba akokarwi kikebuke kandi gasomeneza ukwibwirizwashingiro rivuga mubijanye nibisabwa kubitoza kuruhande rwumukuru wigihugu, mukavugishukuri muti ukwobamara umwanyamunini nikwonamakungu ariko arabona Ko Nkurunziza atanyuranije nibwirizwashingiro mukuzitoza kwiwe. Bitagenzuko muzosanga muriko murarwanya Imana hinduke na Sawuri yabasumvya ububi yaremeye arahinduka kuko yarumugambanyi mubicane yaguma afitiye imihugomibi abarana b’Imana nkukwonyene mubona namwe muguma mukora ukomushoboyekwose ngw’Imbonerakure ngozirababangamiye iyonimibigo mibi mufituye Imbonerakure bikabavyagaragariye mumyigaragavyo bagenzibanyu baribamazemwo imisi ahobishe abanyagihugu naba polisi bosehamwe barenga 20 murabobishe harimwo nabobaturiye ngonuko bobabibaza kwar’Imbonerakure bisigura mwayamihigoyanyu kwaruguturira Imbonerakurezose mukabamuziko kuzobarugutikiza inganda kukonibeshicane ndaziko batarimusi yibihumbi majana 5

  • Niwihorere m’uvyeyi ivyonivyo ubonye yaba ububamwo wokwamye urarira kuko ningorane

  • aho yiriza nuko abakunda?agatimariko!!nahende abatamuzi.

  • Imana izodutabara basha reka guterana amajambo.Mwibaza ko ikibazo c’Uburundi Imana izocirengagiza?Sindavyibaza kuko yoyo n’umwizigirwa kandi ntinanirwa naho tubabaye iriko irakora.Mwihangane ababishoboye basenge kandi twizere izoca akayira bigende neza abatabishoboye mbona mutotanako ishavu ikibazo kibonetse n’inyishu iba iriko iraza.Ngira turemeranya ko ibiriko biraba Imana bitazoyinanira mwihangane turindire mu gusenga
    Murakoze

  • Niwihangane mama ivyuburundi ni hatari

  • jemurantwenza aba dd kubahuka ukavugako uwahunze yahunze ivyikagwa.ahubwo niwe nsanze usesema.mbe uwo nkurunziza igeranya n’Imana ahowumva ukwije mumutwe?nagende nagende canke arindire irahe.uriko uritamba kumivyimba mwanigaguye.mwababisha mwe.ukaca usigamavuta abamenja nyambonerakure zawewemera.harigihe namwe mwokwangara nkaga hini.

  • Emwe Ivyuburundi Tubihaye Imana Twizereko Imana Ikunda Uburundi Kubatugezaha!

  • Nukuri imana niyo ikwiye kutubabarira kubera abarundi turarushe turasaba ko tworuhuka abahunze bakagaruka mugihugu uwateye akajagar nawe akurikiranywe kuk mandat yiw yaraheze natubabarire peee!!!

  • @Ndayishimiye
    N’abandi bose mwitera ikigongwe,nagire mpere kuri wewe ndayishi,abaswahiri ni ibirirahabiri,bakunda kwiyerekana neza mu bantu,nanje aho ntakubesha sinzi ko abakunda canke abanka,gusa abobavuga ngo ngo nibaje baraja kuziraba,mbega bibazako atakindi dufise dukora atari izo punzi,amatora aregereje dutegerezwa kuyategura,muribuka ibitutsi n’akagagazo berekanye imbere ya ministre edouard na gouverneur wo mu kirundo bagiye kubambereza ngo batahe gushika aho gouverneur yavuze arira,bamusuriye inkungugu,ntibagiye batwiterurako ngo bagiye aho bateye imbere nimba bibazako bazobashikanira muri ya ma building y’abayahudi ari i kigali,hihihiiiii,reka ntwenge natwe baradutwenga mu kamenge ngo turi amafuku duhungutse tuvuye mu mitumba twahunze abakomagu,nibumve ubuhungiro icarico ariko bo data bahunze na za bus ariko shiting ni shiting au rwanda ou ailleur,de toute les façons twavumbuye icatumye bahunga abatutsi bari bateguye genocide nkiyo muri 72,niho mwumvise induru nyinshi ku mbonerakure,bagomba kubifashwamwo n’abanyamerica n’urwanda baciye kuri urya muhutu naif godefroid kandi nawe baca bamwica bose na ba rwasa,rero twabahinyuye mwari muzi ko muri ino minsi abahutu tuzoba twashize ariko imana iradukunda,ba muragumyeyo kandi amatora azoba mutahari,za nigeria araba hari boko haram mu gihugu,mali yarabaye hari abatouaregs ,rero ntimwibaze ngo muri intambamyi ku matora,ba pncrace babahenda ngo mutahari amatora ntaba ,barabahenze,mossi nuko afise umwanya wo guta,natwe ntawaza kuturaba iyo turi mu buhungiro ,muzogaruka uko mwagiye!!!!

  • emma

    jewe hafsa mossi arantangaje yabaririye kuberiki kandi aribo bijanye eka numugore nyene mbeko twebwe turi mugihugu ntitubayeho bahunziki ? nibagaruke mugihugu cabo batore inzego zizobatwara murakoze

  • Kweli mpanure abiyita nduwayo,nkurikiye na none:Nkurikiye!izina niryo muntu,ukurikira nk’intama ntuzi iyo uja.nduwimana we ntazi uwo ariwe.uri uw’Imana koko?canke uri uwa so wawe?None!nimba ari icongereza nivyo:uri none among dd=ntugira n’ubwo kurahura:ngo nibahunguke ntangorane?muri abasazi kuko amategeko mpuzamakungu aremerera umuntu gusaba exile when the country is in troubles.burundi is in hard period!ngo ni bahunguk?muri aba sous cultivés,sous informés concerning your country situations.educate and teach your tongue how to speak and what to speak.blamelessfull.

  • IMANA NIBAZIGAME KUKO NI SATANI YAJE MUBANTU ANYURANYA IMITIMA YABO KANDI BARI BENE BURUNDI GUSA.

  • mweho murambiwe n,ingoga kandi ubuja mwadusizemwo n,ubu tutarabuvamwo reka tubane kuko ntaco mukitugira ahandiho mwoba mwikwegeye kanatsinda mutanguye kumena imisarani urya mukoshi uzobakurikira kandi zirya ndwara ziterwa n,umwanda nazonyene ziva kurayo mavyi mushira mu mabidons zizobamara n,aho mutumuqa urumogi ja gusenga n,ayahandi muzosara

  • Ntawadusumvya Umutima W’urukundo Mugabo Twararize Kandi Twarahogoye Ubu N’amosozi Yaratemvye Yongera Arakama.Ico Jewe Nomufasha N’uko Yokwihangana Kuko Umukuru W’igihugu Atisubiyeko Imitima Y’abene Gihugu Izoguma Yararushe Bivuye Kukudasabikanya Kw’abarundi.

  • Nukuri Ntiyari Kureka Kurira,uravye Ukuntu Usanga Izo Mpunzi Zimerewe Birateye Agahinda.Nico Gituma Mboneyeho Kumubwira Ko Hari Abarundi Benshi Batuntuye Kumitima Kubera Ubwoba Bwinshi Butumwa Numutekano Muke Urangwa Mugihugu.Nkuko Yiyemeje Ko Agiye Kugira Uko Ashoboye Kugira Icatumye Bahunga Gitorerwe Inyishu Jewe Ndamusavye Agondoze Nyakubahwa Umukuru Wigihugu Asokore Candidature Ari Nayo Yatumye Abarundi Benshi Bahunga Igihugu.Bacumugani Mukirundi Bati"urya Uwawe Ukinovara Intuntu".

  • Oya Hafsa Mosi reka gutwenza abarundi nawe, none wiyumvira ko usanga izo mpunzi zisayangana nk’uko kwawe ufise amahera n’umwanya ukwiye wo gufata douche, kwipodora, kwisiga akaverini ku nzara, kudefiriza imishatsi no kwambara ibimeshe n’ibiteye ipasi? Emwe umukenyezi araho, ni umuti w’amenyo nukuri. Ayo mosozi yakure ngaho uyashire Nkurunziza, nayo ivyo guhenda impunzi bene wanyu bagorewe hanze y’Uburundi usokorore!

  • Erega,ntakundi,nonekochunze,ingoranezirimuburumdi!Icombona,bogarukamugihugucabo,izôngorane,zihezd

  • burya ntakiba ata mpamvu, iyo mudahunga ntimwari kuja mw’ishamba. reka abahonyangwa bahunge bazokwinjira bafise inguvu. wait and see. imbonerakure na nkurumbi wanyu n’akarwi kagisibije, umunsi wanyu uriho! muzogwa mu kiyaga gitukura ubwoko bw’imana twajabutse. abahunze ntimugire ubwoba, ibi nivyo skanya gato. nkurumbi asa nigihe saoul yatwara imana yamukuyeko ukuboko, birya agwara niza mpwemu mbi zaja kuri saoul. azopfana nabiwe nka saoul nyene

  • burya ntakiba ata mpamvu, iyo mudahunga ntimwari kuja mw’ishamba. reka abahonyangwa bahunge bazokwinjira bafise inguvu. wait and see. imbonerakure na nkurumbi wanyu n’akarwi kagisibije, umunsi wanyu uriho! muzogwa mu kiyaga gitukura ubwoko bw’imana twajabutse. abahunze ntimugire ubwoba, ibi nivyo skanya gato. nkurumbi asa nigihe saoul yatwara imana yamukuyeko ukuboko, birya agwara niza mpwemu mbi zaja kuri saoul. azopfana nabiwe nka saoul nyene

  • vuganeze, nkwibarize umuntu ntajya iyo ashaka umuntu ntafite uburenganzira bwo gukora icyo ashaka yiyumvamo none vyukuri mugowe ni iki, hari uwagusavye amahera ngo zirye zakubujije gusinzira, mbe iziri congo,iza tanzaniya niziri mu makungu zahunze igihugu zose burya n intutsi, ushake ube umuhutu ugire izuru ushake ujye uryambara nk ibutura , ntakamaro kuko uko wandika nuko uri mbona ntabutunzu bukomeye ufite irwanire n ubuzima bwawe ayo mazuru nayo wirwa upima uyarekere uwayaramye hoho weho mama mbona uwaguha ingabo waba murumunda wa adolph hitler ku ubutetsi butangwa n imana ga sha urinumira ahubwo mbona wabaza imna impamvu yaremye abatutsi yo ikaguha inyishu ushaka no kubamara ukayisaba inkunga ikaguterera naho kujya aha ukidoga ukidoga ntakamaro

  • We Emma ! Ngo uwutaraburogwa agira ngo nobunya.Ngo nti babaririre? Niwaba uri mu burundi urumu DD wotohewe ntusumba ibihangange vyindhi vyahunze bikabaho nabi ndetse nugupfa bagapfa bazirubusa. Wigiziki?Na Yezu baramuhunganye arumwana w’imana? none wewe usumbimana?

  • Si seulement vous pourriez donner vos commentaires sans y mettre le Rwanda!! Le fait qu’il acceuille des refugiés ne fait pa de lui un complice ou un malfaiteur et pr votre info, et les tutsi et les hutu sont accuellis au Rwanda, alors àvous tous cessez de vouloir atiser le feu inutilement, les rwandais ont connu pire que ça, hutu ou tutsi, twa vous etes les bienvenues!!! Que la paix regne partout surtout au Burundi.

  • ubonye umushinga mateka wa EAC yagiye kuraba benewabo mu rwanda agasanga babayeho nabi jew icombona imana yonyene niyo izokiza uburundi nabari murico abasenga musenge?

  • @Gahutu
    Wigeze wumvako ndababuza kuja i rwanda,ahubwo babandanye gushika iyo ntazi kure,je m’en fiche natwe twarahunze igihugu cacu nabo nibumve.Tu n’as rien compris de ce que j’ai dit,uyo muswahirikazi nareke kurira kuko sizo mpunzi za mbere zibayeho kw’isi,ikindi nishuye abavuga ngo nitubandanya tuja kuziraba,nanje nti ibituraje iishinga ni aamatora apana abaisazije bagata igihugucabo,ibindi navyo bagaburire ivyo mushaka naho boguma i wanyu canke mukabarungika muri amarica ,ils ne manqueront àpersonne ces paresseux,donc ivyo kumbwira ngo bansaba ivyo barya je ne suis pas làdedans,nibumve,akanyaro gahere bagiye biterura!!

  • ariko mwibaza ko yaheruka kurira ryari? no kubikumbura yaranabikumbuye

  • abana b’uburundi turiko turazira ivyo tutazi kandi tudafisemwo inyungu

  • Naje no muri Tanzania naho arabehe uko izindi zimerewe hama ww wiiyita vuganeza urumusazi none unezerwa nuko wumva abarundi bahunga ivyo wanditse bisa nivyumwana wimyaka 2 mumutwe

  • Eka nta rukundo Hafsa Mosi afitiye izo mpunzi. Uko azibonye ni nako azozisanga agarutse ngaho, ndamuhaye nimiburiburi amezi atandatu bakiri uko, bivuga ko ata nakimwe kizoba kirahinduka na kimwe. Bangajwe na Nkurunziza, bazotaha aruko Nkurunziza avuye ku ntwaro et ce n’est malheureusement demain la veille que cela se fera. Ne comptez surtout pas sur Hafsa Mosi pour sortir Nkurunziza de son confort kuko bayisangiye... Murumva ko izo mpunzi zikibabaye vyinshi nukuri...

  • Mubyeyi.niba itew’impuhwe ’izompunzi.wabwiye peter nkurunziza,akarekura mandant 3 koko.ubundibwo,uracyarizwanuko zibayeho.

  • Abarundi bamwe bamwe turakwiye kwikebuka tukagira umutima wikigongwe nkuko vyashikiye umushingamateka hafsa mossi. Son appartenance politique ne signifie pas qu’elle ne soit pas touchée des conditions de vie de leurs compatriotes Burundais. Qu’elle soit bénie!

  • Naje birantera agahinda ariko nkabura uko nobigenza gusa ico nshoboye muri vyose nyamukuru nagashabisho konyene gusa nzi kw IMANA izotwishura hama petero nkurunziza iyo nkoko ariko agererako abandi nawe niyo azogererwako

  • Nibakore ibishobok ikibazo catumye habonek impuzi zihunga gihagarar,iyintwar niyerekan umutima ifis kubanyagiy barik bafpa bazir ubusa.

  • uyo muvyeyi arzko umunt ashorey umubiri knd uruhigi ruhindukira naw yozohunga mumisi irimbere ham peter nindatwa yiw adorphe ntamaraso bava ntavyo bomenya rindira hamw imana yoyo yobonako impunzi nabariko baricwa ubutegetsi bwohinduka ham mpimba bakayagurira aba dede arko ntaco boba ntaho boba bagiye ahobwo bopfa nkuko bish abandi

  • uyu mushingamateka arasetsa, politike ye ayishiromwo ibishobisho, aziko mwikambi yimpunza hameze gute, kataj 1993 mu Rwanda, 1995 mu Zaïre, 1998 muri Tanzanie? Guhunga sicyoroshye! Politike nayirek katangiye kurira!

  • We Emma, ahubwo urayayata, uwishwe kubera politike canke umugambwe nuwishwe ahowe ubwoko ego bose nabababarenganijwe, ariko birababaje cane kubona wicwa uhogwa ubwoko kurusha ibindi, mubisanzwe mugambwe canke politike uyinjiramwo ushatse ariko ubwoko ubuhabwa n’Imana. abahutu rero baturatujwe kera bicwa eka bakoregwa amabi yose abaho kw’isi, kubera ubwoko bahawe n’imana kuva uburundi bwikukira kugeza aho bafatiye ibigwanisho, ahubwo abatutsi murabure kuba maso ko murabo bahutu bigize kubafasha urugamba ko nabo nyene atari umugambi bafise wo kubasuka kugirango babashushe rumaze kunekana bisubirire mubabo abatutsi basigare barawunwa bonyene, murabura kuhaganira, aho gutekereza ko abahutu twari twabaniye neza none muhaye mubibitsa ivyo bobabaribagiye, kuko ubu baramaze kubahinyura nimutumviriza izimpanuro "hazosigara uwufise inguvu" kuko naho mwoza kungumu ntimutsinda.

  • uyu muvyeyi imana imufash kubwurukundo akunda abarundi benewacu knd ukwashka kwimpunz zimererwa neza yonger asabr igihug cacu kib amahoro impunz zitah zisanzuy mugihugu cabo atawubirukako uwumu maman imana imuhezagre kub yarahishkiy akabasura.

  • uyu muvyeyi imana imufash kubwurukundo akunda abarundi benewacu knd ukwashka kwimpunz zimererwa neza yonger asabr igihug cacu kib amahoro impunz zitah zisanzuy mugihugu cabo atawubirukako uwumu maman imana imuhezagre kub yarahishkiy akabasura.

  • aha aho kwarize yerekanye impuhwe kuba dd ntampuhwe uyo agiy kubizira

  • vuganeza neza nagiye nanga ibyo uvuga kenshi kuko udhingira kubwoko ariko ubu ngeze aho ngukunda uwakunyereka urasekeje uri umunazi wujuje ibyangombwa ngira icyaguha kurandura umututsi aho ari wakubura kabisa hhhhhaaaa wabamesa

  • Erega Ivyobir Mubizotumatugendamwijuru Kuko Nigikogwa 1Mubitanga Umugisha

  • izompunzi zahunziki ko muburundi utekano usumba uwo murwanda?

  • izompunzi zahunziki ko muburundi utekano usumba uwo murwanda?

  • izompunzi zahunziki ko muburundi utekano usumba uwo murwanda?

  • Inumire sha wa mvyeyi niko bigenda mubuzima ariko abatumwe bine wacu babaho nkabancinyoni bazobibazwa

  • Muvyeyi hafsa birababaje cane,reka kurira urizwa natwe ubuzima bwimpunzi twarabumey kandi ubu nibwobuzima imana yaduteguriye,nkurunziza akwiy guhunga nawe,azosaza hama apfe katibaza kigih kimw azohwera

  • Ihorere Mama Burundi Imana Yaburemye Irabubona Ariko Ndazi Neza Ko Ibi Igihugu Kirimwo Bizorangira Ihorere Ihorere Urerekanye Ko Ufise Umutima W,urukundo Tembera N,ahandi Hari Impunzi Muzishikeko Muziremeshe Ihorerd Ihore Maman Burundi Ihorere Kuko Twese Turi Mumarira....

  • Yooo!!
    BIRUMVIKANA GOSI MUSHIKIRANGANJI WA KARERE DUSANGIYE . UKURIRA KWAWE NI NTANGERE KUKO URI UMUVYEYI UTANGA UBUZIMA . MURAZI UKUNTU IGISE KIRYANA .

  • Uko birikwose mwijuru hari IMANA kandi iriteguye gutabara UBURUNDI. Je nsenga ijoro numurango kugira IMANA Itabare UBURUNDI.

  • ntaworeka kurizwa nibiba muburundi afise umutma mugbo twihangane na herodi yarakukuruts

  • abarundi muri abasazi mwese, mushaka amaronko, ntanumwe akunda igihugu

  • Erega ababenedata bari mumakambi yimpunzi suko bakunda ama Voyage, icatumye bahunga namahoro make mugihugu, twarituzi ko uburundi twogoroye tuziyamira mumahoro noneraba, kimwegusa nah,Imana mugihugu cacu cuburundi.

  • nimbavyukuritwemerakw’IMANA,ibaho,ntakabuzamusengezishuribivyosebirikobiraberamwakinogihugucuburundi IMANA iritegu
    yeguhanaguramarirayabarirabose barizwanibirikobiraberamugihugucuburundi,musenge mwongeramukorantimutanekwimirarwe kubwurupfurwiwe,ntanumwazukuri,atar’IMANA,gusa hamwenuwamwishe ,ndahojeje umuryangowe bihangane umucamanzawukuri n’IMANA niwacimanzaziroranye.

  • Wamuvyiwe.Reka.Kurizwanubusa.Washaka.Nibagweyo.Bose.Ntawababwiyengo.Nibahunge.Amahoro.Nkaya.Arimuburndi.%

  • jewe kabisa najew narahabaye munkambi naciye mvamo ndya nyagatare gusa nibahane kuko baca umugani uvuga ngo nta mvura irwa idahita

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.