IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Hussein Radjabu yahaye ikiganiro abamenyeshamakuru

Hussein Radjabu yahaye ikiganiro abamenyeshamakuru

lundi 9 Ntwarante 2015

Inyuma y’aho Hussein Radjabu yahoze arongoye umugambwe CNDD FDD atorokeye ibohero rikuru rya Mpimba, asaba umukuru w’iihugu Petero Nkurunziza kurekura abapfungiwe imvo za Poritike, bakidegemvya.

Hussein Radjabu (hagati), Manassé Nzobonimpa (i buryo) hamwe na Ribakare Beaudouin batazina NDINDI

Mu kiganiro yahaye umumenyeshamakuru w’Ijwi ry’Amerika (voaswahili) hamwe na BBC, umushingamateka Hussein Radjabu yahoze arongoye umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD, yavuze ko yafashe ingingo yo gutoroka bitewe n’uko ubuzima bwiwe bwari bugeramiwe. Radjabu avuga ko vyageze aho bamupfungira ahantu ha wenyene, aca asanga gutoroka ariwo muti wonyene wo gukingira ubuzima bwiwe.

Avuga ko yipfuza ihinduka mu gihugu, abarundi bose bagatera imbere.Yavuze kandi ko akiri mu mugambwe CNDD FDD, kandi kimwe mu vyo agiye kurangura, ari ukugarukana umwuka mwiza muri uwo mugambwe. Yongeyeko, ko bitifashe neza mu gihugu ku batavuga rumwe na Reta co kimwe na bamwe mu bari mu mugambwe uri ku butegetsi, ku buryo amatora atoba hari umwuka nk’uwuhari ubu, bigomba kubanza bigatorerwa umuti.

Radjabu amenyesha ko atahunze, ariko ko yasohohotse ibohero rikuru rya Mpimba n’iteka, amatara yaka ibohero ryose, abagenzi biwe bagoranywe mw’ishamba, aribo bamufashije, kugira ashobore gusohoka iryo bohero, yidegemvye. Avuga ko abarizwa ahaba abarundi, abo nabo bakabarizwa mu Burundi.

Hussein Radjabu agasaba ibihugu bibanyi hamwe n’amakungu, ko bomenya ayagowe abarundi, intwaro rusangi yubahirizwe, ubutunzi bw’igihugu bugarukirwe, co kimwe n’ukwubahiriza amasezerano yumvikanyweko. Umushingamateka Hussein Radjabu, akipfuza ko abarundi bose bari mu mirwi yose, bokwitabira amatora, atagitsure, maze haboneke inzego zotuma abarundi bashobora guhema, bikijije intwaro z’umukazo.

Uwo yahoze ari umushingamateka w’umugambwe CNDD FDD akaba abeshuza amakuru avuga ko ari muri gihugu caTanzaniya, ariko akavuga ko atimiriwe kuja muri ico gihugu, ariko ntiyemanga ko ariyo ari.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.