IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibarabara BUJUMBURA - RUMONGE ntirihita kubera umusozi wariguyemwo

Ibarabara BUJUMBURA - RUMONGE ntirihita kubera umusozi wariguyemwo

vendredi 21 Ruhuhuma 2014

Ibarabara RN1 Bujumbura – Rumonge ntirirengana guhera ku munsi w’ejo kuwa kane. Ahantu hangana imitero 200 harazibiye kubera ko umusozi Kijejeti uri muri zone Mubone komine Muhuta uri ku birometero 29 uvuye mu gisagara ca Bujumbura waguye mw’ibarabara, ivyo bikaba vyavuye ku mvura yaguye ku munsi wa gatatu igenekerezo rya 19 Ruhuhuma 2014.

Imvura yaguye ku munsi wa gatatu yatumye umusozi Kijejeti uri muri komine Muhuta zone Mubone utembagarira mw’ibarabara. Ivyahononekariye bikaba ari vyinshi cane, igice c’ibarabara kingana n’imetero 200 ntikiboneka mbere n’imirima yaratwawe n’uwo musozi. Inzu zari zisanzwe ziri kuri uwo musozi nazo nyene zirabangamiwe muri kino gihe. Ingaruka zikaba zatanguye kwibonekeza muri kino gihe, kuko imodoka ntizishobora kurengana, abanyagihugu bavuye mu Rumonge baja mu gisagara ca Bujumbura bategerezwa kuriha amafaranga 500 canke amafaranga 1000 kugira babunguruze mu mato asanzwe akorera mu kiyaga Tanganyika.

Umushikiranganji ajejwe ibikorwa vya Reta, Ciza Virginie, ku munsi w’ejo kuwa gatatu igenekerezo rya 20 Ruhuhuma, akaba yarishikiye aho ku Mubone kugira yirabire ivyahononekariye. Mu buyobozi bukuru bw’amabarabara (Office Nationale des Routes) bakaba barungitseyo imashini kugira kigerageze gukuraho ivu. Uwo mushikiranganji akaba yamenyesheje ko n’ibindi bikorwa vyihutirwa biriko birakorwa no ku yandi mabarabara imisozi yaguye mu mabarabara kubera imvura imaze iminsi igwa.

Mu gihe imvura imaze iminsi igwa itikiza inganda n’ibintu bitari bike bikahononekarira, abahinga batandukanye bavuga ko kubera itunganywa ribi ry’igisagara, mu gihe imvura yobandanya irwa ku rugero iriko ubu, ibintu bishobora kwunyuka.


Floxella Karire

Messages

  • ivyo nibimenyetso vyibihe biraboneka none abarundi niduhaguruke dusenge cane kugira dutururuze ishavu ry Imana nayahandi hoho ibimenyetso nivyonyene tubona ehe raba namwe muburaruko mbigisagara c Bujumbura munyuma bukeye mukajaga kwibarabara ryBujumbura Gatumba umwizure batabona iyo wazananye nguyo uradutse munyuma ibarabara ry Bujumbura Rumonge uyumunsi naho abarabara ry Bujumbura Musaga Jenda ryari ryazibiwe rindahita none gayemwe bit Vyivyobintu biriko bishikira Iguhugu cacu ?uwufise umutima nubwenge niyiyubare kimwe gusa nukija kumavi bishobotse twambare amagunira kugira Imana igire imbabazi kuko ninyenimbabazi n ikugongwe kuko ubu niyo isagaranye ijambo ryanyuma kubantu ntagisagaye twakora ibicumuro ibibona ikihorera twibaza ngo ntibibona niduhaguruke rero twihane ningoga ikiri kuntebe y imbabazi!

  • Numva muburundi ari hatari!

  • kuva mvuka ntavyo naribwabon mu burundi ivyo ni vyaha vy’umurengera abadutwara bakora bakagira ngo Imana ntibibona.nugusenga nayo ahandi Imana izodukubita inkoni.

  • None iryobarabara bizoshoboka korikorwa?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.