IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibarabara rya Bujumbura Cibitoke na Makebuko Ruyigi agiye gusanurwa

Ibarabara rya Bujumbura Cibitoke na Makebuko Ruyigi agiye gusanurwa

mardi 18 Ntwarante 2014

Ibarabara rya Bujumbura –Cibitoke rigeze aho umwansi ashaka na cane cane ushitse i Gihanga, kw’ibarabara rya 10 gushika muri zone ya Kagweme rigiye gusanurwa mu minsi ya vuba, co kimwe n’irya Makebuko Ruyigi naryo nyene ryamaze gutabagara.

Umuyobozi mukuru w’amabarabara Desire Masumbuko, arahumuriza abakoresha iryo barabar rya Bujumbura Cibitoke ko rigiye gukorwa mu minsi ya vuba, mu ntumbero yo gufasha abaricamwo bose boroherwe. Umuyobozi avuga ko uburyo buhari, kandi n’ivyirwa vy’ukwo iryo barabara ryokorwa vyamaze kurangira, igisigaye ari kuraba abotsindira isoko yo gusanura iryo barabara.

Umuyobozi mukuru w’amabarabara akaba avuga ko n’ibarabara rya Makebuko Ruyigi naryo rigiye gusanurwa. Iryo naryo rikaba ryarononekaye, ku buryo n’abarwayi bavuga ko barembera muri ryo bariko barajanwa kwa muganga, kuko ibinogo biryuzuyemwo ari vyinshi cane.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.