IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibibanza vy’ivyegera vy’umukuru w’igihugu vyoba bigiye guhinduka

Ibibanza vy’ivyegera vy’umukuru w’igihugu vyoba bigiye guhinduka

samedi 12 Gitugutu 2013

Inama nshikiranganji y’Uburundi, mu nama zayo zo kuwa gatatu igenekerezo ry’icenda, hamwe no kuwa kane igenekerezo rya cumi Gitugutu 2013, yarize integuro y’itegeko rijanye n’uguhindura ingingo zimwe zimwe zo mw’ibwirizwa nshingiro ry’igihugu c’Uburundi. Muri iyo nteguro, Leta y’Uburundi itegekanya gukuraho ibibanza vy’ivyegera vy’umukuru w’igihugu, bisubirizwe n’icegera kimwe gusa c’umukuru w’igihugu hamwe n’umushikiranganji wa mbere.

Ku mboneshakure y’igihugu, Phillipe Nzobinariba, umunyamabanga akongera akaba umuvugizi wa Leta y’Uburundi yamenyesheje ko bikenewe ko mu kwinjira mu ntwaro rusangi boza barubahiriza ivyanditswe mu masezerano y’i Arusha, ari naco gituma haje iyo nteguro y’itegeko rijanye n’ukwiga uko ibibanza vy’ivyegera vy’umukuru w’igihugu vyokurwaho, bigasubirizwa n’ivy’icegera kimwe gusa, hamwe n’umushikiranganji wa mbere.

Uko intwaro yari itunganije gushika ubu, Leta y’Uburundi igizwe n’umukuru w’igihugu kw’isonga, icegera ca mbere gikurikirana ubushikiranganji bujejwe politike n’imibano, hamwe n’icegera ca kabiri gikurikirana ubushikiranganji bwose buba busigaye, hamwe n’ubunyamabanga bukuru bwa Leta.

Turetse ukwo gufuta ibibanza vy’ivyegera vy’umukuru w’igihugu, hariho n’icipfuzo co gusubiramwo itegeko rigenga amatora mu Burundi. Kubwa Philippe Nzobonariba, itegeko rigenga amatora rigaragaza utunenge kuko ryateguwe bisunze ibwirizwa shingiro ryo mu mwaka w’2005 ryakurikiye amasezerano y’i Arusha yateweko umukono muri Tanzaniya ku genekerezo rya 28 Myandagaro umwaka w’2000.

Philippe Nzobonariba amenyesha ko ibwirizwa shingiro ryo mu mwaka w’2005 ryavuye mu masezerano y’i Arusha, ryatowe kugira ritunganye uko inzego zakurikiye ikiringo c’imfatakibanza zokora. Ingingo zimwe zimwe rero zo muri iryo bwirizwa shingiro zishobora guhindurwa kubera ikiringo cakurikiye intwaro mfatakibanza carangiye mu mwaka w’2010.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.