IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibice 62 kw’ijana vy’abarundi ntibishigikiye ikiringo ca gatatu c’umukuru (...)

Ibice 62 kw’ijana vy’abarundi ntibishigikiye ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu

samedi 31 Nzero 2015, par Egide N

Amatohoza yakozwe n’ishirahamwe GRADIS yerekana ko abarundi babajijwe bagera ku bice 62 kw’ijana, badashigikiye ko umukuru w’igihugu yitoza ikiringo ca gatatu. Ayo matohoza nyene atanga amahirwe y’ugutsinda mu matora y’umukuru w’igihugu, kuwuzoba yatanzwe n’umugambwe CNDD FDD uri ku butegetsi.

Ishirahamwe GRADIS (Groupe de Recherche et Appui au Développement des Initiatives Démocratiques) rijejwe kugira amatohoza n’ubushakashatsi mu bihugu birimwo intwaro rusangi. Iryo shirahamwe, mu matohoza riherutse gukora mu mpera z’umwaka w’2014 mu kwezi kwa Gitugutu, ibice 62 kw’ijana vy’abarundi babajijwe, basanze aribo badashigikiye ko umukuru w’igihugu yorenza ibiringo bibiri atwara Uburundi, bakavuga ko umukuru w’igihugu ahari ubu atokwitoza mu kiringo ca gatatu.

Ibitigiri bigenda vyiyongera

Christophe Sebudandi, umuyobozi nshingwabikorwa w’ishirahamwe GRADIS amenyesha ko ibitigiri vy’abadashigikiye ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu mu Burundi bigenda birongerekana, kuko mu yandi matohoza iryo shirahamwe ryari ryakoze mu mwaka w’2012, basanze hari abantu bagera ku bice 51 kw’ijana bari badashigikiye ko ibiringo vy’umukuru w’igihugu vyorenga bibiri. Muri ayo matohoza yo mu 2014 yashizwe ahabona n’ishirahamwe GRADIS kuri uwu gatanu, basanze ivyo bitigiri vyarongerekanye cane, kuko ubu abantu bashigikiye ko ivyo biringo bitorenga bibiri bageze ku bice 62 kw’ijana, ni ukuvuga abarundi batandatu kw’icumi, nk’uko bishikirizwa na Christophe Sebudandi, umuyobozi nshingwabikorwa w’ishirahamwe GRADIS (Groupe de Recherche et Appui au Développement des Initiatives Démocratiques)

JPEG - 74.2 ko
Christophe Sebudandi, umuyobozi nshingwabikorwa w’ishirahamwe GRADIS

Amahirwe kuwuzoserukira CNDD FDD mu matora y’umukuru w’igihugu

Ku bijanye n’amatora yimirije mu Burundi, amatohoza y’ishirahamwe GRADIS yerekana ko uwuzoserukira umugambwe CNDD FDD mu matora y’umukuru w’igihugu ariwe ashobora gutorwa ku bice 56 kw’ijana, ariko iryo shirahamwe GRADIS rikavuga ko hari ibice bigera kuri 30 kw’ijana vy’abantu batavuze aho bahagaze, batashimye n’ukuvuga umugambwe barimwo hamwe n’aho botora, ariko bagashobora kuzoherekana umwanya uwariwo wose mu matora, kuko ivyiyumviro vy’abantu bihinduka ku munsi ku munsi.

Tubamenyeshe ko ayo matohoza ya GRADIS yerekana ko Rwasa Agathon azotorwa ku bice 3 kw’ijana, UPRONA, SAHWANYA FRODEBU, FRODEBU Nyakuri na MSD bose ibice 2 kw’ijana.

Messages

  • Ngivyorero ibiharuro mukuze gukoresha hagerigihe kamatura abantubatsinda bikabagora kwemera kubera ivyobagendabumva kurimwenebarya bahurira mubunwero bwizabwiza ntibamenyeko hariho abantu batigera babazwa nubwowobabaza bakavugana ubwenge , Aborero baragiye bigaririra nabamwe bomumashirahamwe ngwadaharanira ivyicaro, nabasenyeri, nabanyamigambe maze baraheza baronka ivyobice baraheza baraza baratangaza!!! Nimumbarire uwomwasanze hariwahepfomundimiro mu Rukaramu nahandiheshi mugihugu hameze nko Murukaramu kandarinaho havabatora beshi gusumba abomwabajije baho kwa Leonce Bujumbura wanashaka na Ngozi, Gitega kumirwamikuru gusa? Mbese sinzinigituma ndize kuvugameshi ariko nuko bituma habaho abantubajamumatora bararengewe nutwoduharuro twububeshi noneho bakayajamwo bibazango bagiyeguhangana nuwamaze kugaragarako atabantu bamukunda, nonehobatsindwa bakacabavugango batwivye ngokuko namatohoza yariyakozwe nabantuze yariyavuzeko abarundi badashaka Nkurunziza.

  • Hahahahhaa uyo mushakashatsi arashonje

  • Marge d’erreur nayo ingana gute?

  • Burya Aburundi benshi batanga ivylyumviro bidatomoye ndabatahura kuko ntibazi icarico démocratie.ntibazi niyo yavuye ! ntibazi kandi ko burya démocrasi ifise igipolisi! naho ububona atabutegetsi bugirukobugomba abanyagihugu ngw’amakungu avyihanganire! mbewarabonye inyifato yabulaya na letazunzubumwe za Amerika kwihohotegwa rya Mutama Mbonimpa Claver ! harya di muzungu no kukigendajuru Mars agerayo naho haruwabeshe abarundi ngo OBAMA ntazi Uburundi! amatora azoba mezacane kandi atanumwe akumiriyeAlexis Leonard nabandi bazoba barimuriyo!

  • ayomatohoza wagize gawamugabow huuuuu urabesha sha ko jewe mfise abantu benshi tukaba tutagukubise nurugohe none wagendeye abarundi bomwitiro ahokugendera abomumubiri

  • Hahhahahahhaha bakinda bagaramye,canke bubamye CNDD FDD iratsinda.naho kugenda I Bururi ni Muramvyaka ibice bizotora Nkurunziza ko mutabajije abanya Cibitoke,Bubanza,Bujumbura,rumonge,Ngozi,karuzi,Rutana Cankuzo,muyinga mukibanda kuri muramvya,bururi,mwaro hamw nagace ka Gitega!!! Hahhahaha murasetsasbarundi arashigikiwe tuzomwongera iyindi myaka 5 uwubabara ahonda agatwe kwibuye gasanzare

  • urashonje, nibaguhe warugerageje kubesha, mbega aya matohoza yabereye he? kututigeze tukubona aho tubaye

  • ubwo bushakashatsi sindabutahura ariko ariko jewe mbona ko umukuru w’igihugu atogaruka.ndizera ko CNDD-FDD Ifise abandi bagabo bijunja boshobora gutwara igihugu.namba i arusha bavuze ko umuntu amaze imyaka cumi kubutegetsi aba ageze kuruhurirwa nibaza ko twoza turubahiriza amasezerana.jewe ntamugambwe ndimwo ariko batanze uwundi atari NKURUNZIZA nzomutora kugira nawe agerageze.mbe nka Rufyikiri Gerv ko mbona ari intwari umunyamahoro kubera iki batomutanga?canke barondere uwundi yoshobora kugerageza.nizeye ko bazoduha umucandidat w’intungane nkuko na Nkurunziza yari intungane ariko singomba ko yogaruka.
    igituma ntagomba ko yogaruka kandi nemera CNDD-FDD NI ibi bikurikira:
    - Nkurunziza yakoze vyishi kandi yaravyerekanye,ntabindi bishsha ndamwitezeko mugihe uyo wundi yoheza akazana imigambi misha.
    - vyoshobora gutera imigumuko mugihugu ugasanga abarundi tuhagiriye ingorane na we nyene arimwo kuko ivyokwononekara vyohava vyonona ubuzima bwiwe.
    - amakungu ntamukeneye ko yitoza.ndabona ko umengo twinjiye en conflit n’amakungu arico gituma n’infashanyo zigabanuka.sinhima ko twobandanya turwana n’amakungu mugihe botanga uwundi agashobora gutsind.kuko igihugu ntigishobora gutera imbere kitaronka infashanyo.

    ivyo nivyo bituma 4 ngomba kobaduha uwundi atari Nkurunziza Pierre

  • Ayo maso akanura harigihe azo yakanura uburundi bugona buri maso??ngo ngenda basha urumugabo, ngonomusi munkaragire,ibiyoba ,ntabavye ndababwa, ngenga nkuru urumugabo

  • murivyo biharuro murongeramwo rwanje.ese ukuntu twari dufise icizere mu 2005 none ubu ndavye aho igihugu kigeze nshaka no KUDAHWA,nyakwubahwa akazi twaguhanye karakunaniye PE!Uburundi bwaramyeho mutaraza kandi buzokwamaho n’inyuma yanyu.nimutekere utwanyu.

  • @ Tururwane, ibiwanditse mukuvyandika ayomaso wariwayagizegute? Birabagoye kabisa ubunyene muzogenda kwiyamamaza mubanyagihugu mubabwirango Nkurunziza arakanuramaso bizocebituma mutsi CNDDFDD!!!???

  • Erega Peter naho yosubira kwitoza nubundi twomutora kuko abarundi turibijuju bimwe vya nyuma muri kano karere kibiyaga binini. Tumeze nkabantu bigwariye mumitwe kuko iyaba dukomeye mumitwe tuba dutora abarongozi bingirakamaro. Mwibukeko abo bose birigwa baricwa, banyuruzwa bongera banafungwa, burya abenshi muribo bari batoye CNDD FDD. Urumva rero abanyagihugu ntitugashavure kuko nitwe tuba twabitoreye.....

  • La reine Elidabeth de united kingdom a plus de 50 ans au regne. Et pourtant cette dite union europeene ne l’a jamais critique. Notre jeune President n’a que 10 ans. Comment va-t-il developper alors que chaque minute il est en train d’etudier les strategies de maintenir la aix?
    Donnez-lui d’ autre mandat ....
    Sinon meme ceux qui vont le remplacer au lieu d’amelioret la situation, ils vont l’empiret.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.