IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Impande zose zasabwe kuja mu biganiro bidakumira

Impande zose zasabwe kuja mu biganiro bidakumira

mardi 17 Munyonyo 2015, par egide

Inama y’ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya yasubiriye kwibutsa impande zose, yaba Reta canke abatavuga rumwe n’ubutegetsi ko ibiganiro arivyo vyonyene bizotorera umuti ibibazo vya poritike biri mu Burundi.

Ubumwe bwa buraya busaba impande zose kwirinda imvugo ziturira, Reta y’Uburundi ikibutswa ko ariyo ijejwe ubwa mbere igikorwa c’ugukingira abanyagihugu.
Muri iyo nama yabaye kuri uwu wa mbere, ubumwe bwa buraya bwariyamirije ihohoterwa rya kiremwa muntu hamwe n’ibikorwa vy’ubugizi bwa nabi bibandanya kwibonekeza mu Burundi. Ubumwe bwa buraya bukaba bwamenyesheje ko butewe umutima uhagaze n’ukubona impande zegwa n’ibibazo vy’Uburundi zitaratangura ibiganiro.

Mw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya bibukije ko ibiganiro bihuza bose arivyo vyonyene bizoheza ibibazo biri mu Burundi, hamwe n’umwumvikano kw’iyubahirizwa ry’amasezerano y’i Arusha n’ibwirizwa shingiro ry’Uburundi.

Ubumwe bwa buraya buragabisha ko ibindi bihano bishobora gufatirwa abantu bakoresha imvugo canke ibikorwa vyatumye canke vyotuma haba ubugizi bwa nabi.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.