IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibihushane mugufatanya amakomine hamwe ahandi bakarwiza intara

Ibihushane mugufatanya amakomine hamwe ahandi bakarwiza intara

mercredi 15 Gitugutu 2014

Reta y’Uburundi yarihutishije imigambi ibiri iheruka gushikirizwa mu bijanye n’ugufatanya amakomine yo mu gisagara ca Bujumbura, hamwe n’ugushiraho intara ya Rumonge. Mw’ishirahamwe FOCODE bamenyesha ko integuro z’amategeko nk’ayo araba iterambere ry’abanyagihugu zobanza kuganirwa n’abahinga imbere y’uko zishikirizwa inama nshingamateka.

Kw’igenekerezo rya 27 Myandagaro 2014, inama nshingamateka yaremeje integuro y’itegeko ritunganya gushasha amakomine agize igisagara ca Bujumbura, agakoranirizwa mu makomine atatu gusa. N’ukwezi kutarakwira, inama nshikiranganji yaciye ishikiriza iyindi nteguro y’ugushiraho intara ya Rumonge. Mw’itangazo ryasohowe n’ishirahamwe FOCODE (Forum pour la Conscience et le Développement), bamenyesha ko haboneka ibihushane, aho hamwe bagabanya amakomine, ahandi bakarwiza intara. Pacifique Nininahazwe umukuru w’ishirahamwe FOCODE amenyesha ko bitangaje kubona ata kiganiro na kimwe cigeze gitegurwa mu bijanye n’ayo mategeko ategurirwa mu kinyegero, akamenyeshwa abanyagihugu hageze ko mu nama nshingamateka bayaharira. Kubwa Pacifique Nininahazwe, integuro z’amategeko nkayo zari zikwiye kumenyeshwa ubwa mbere mu majambo ahambaye ashikirizwa n’umukuru w’igihugu, Pacifique Nininahazwe agatangazwa n’ukubona mw’ihimbazwa ry’umunsi mukuru wahariwe amakomine, umukuru w’igihugu atigeze ashikiriza mw’ijambo ryiwe ko hari umugambi wo gufatanya amakomine yo mu gisagara ca Bujumbura.

JPEG - 151.4 ko
Pacifique Nininahazwe arongoye ishirahamwe FOCODE

Mu gihe igihugu c’Uburundi cimirije amatora, mw’ishirahamwe FOCODE babona ko uwo mugambi wo gufatanya amwe mu makomine yo mu gisagara ca Bujumbura n’ugushiraho intara ya Rumonge woba ari nk’umukenyuro wa poritike, ivyo bakabivuga bisunze ko uwo mugambi wa Reta wo gufatanya amakomine wakoreye ku ntara umugambwe CNDD FDD waronsemwo amajwi atari menshi, izo nazo akaba ari nk’intara za Bujumbura Mairie, Bururi na Bujumbura rural.

Pacifique Nininahazwe amenyesha ko mw’ishirahamwe arongoye bashigikiye ko amakomine yoshirwa hamwe kugira aronke ubwigenge muvy’ubutunzi, ariko akavuga ko bitumvikana ingene hamwe boyagabanya, ahandi bakarwiza intara. Umugambi woba umwe, kandi ugakwira igihugu cose.


Egide Nduwimana

Messages

  • Gufatanya Amakomine Ya Mairie Ntanzitizi Bizana Atari Inyungu Kubenegihugu.Ko hoba Amakenga Nivyo Ariko Ntakibuzako Dushigikirana Tugaterera MuKwiteza Imbere Aho Kwiyamiriza Ibikorwa Vyiza Bikorwa.Ko Habaho Intara Ya Rumonge Vyasabwe Kuva Kera.Ntabwo Zigiyeho Kugira C N D D- F D D Itsinde.Oyaye.Ni Kwegereza Intwaro Ibereye Abarundi.Vyemere Amatora Cndd-fdd Izotsinda Naho Ivyo Bitoba Vyarabaye.Aho Fasha Muguterera Imigambi Ihari .

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.