IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibikorwa vyo gusanura ibarabara Bujumbura - Bugarama birategekanijwe

Ibikorwa vyo gusanura ibarabara Bujumbura - Bugarama birategekanijwe

lundi 14 Mukakaro 2014

Ibarabara BUJUMBURA – BUGARAMA rigiye gukorwa mu minsi ya vuba. Ibikenewe vyose kugira rikorwe vyamaze gukwira, hasigaye gusa gutera igikumu ku masezerano hagati ya Reta y’Uburundi hamwe n’ishirahamwe rizokora iryo barabara RN 1.

Ibarabara RN1 Bujumbura Bugarama rigiye gukorwa mu minsi ya vuba, ivyo vyashikirijwe n’umuyobozi mukuru w’amabarabara Désiré Masumbuko, kuri uno wa mbere igenekerezo rya 14 Mukakaro 2014. Igikorwa kizokurikira, akaba ari ugutanguza ibikorwa imbere y’uko igihe c’imvura gishika.

Tubamenyeshe ko iryo barabara ryononekaye cane igihe hagwa ya mvura yo mu kwezi kwa Ruhuhuma yahitanye abantu n’ibintu. Ubu ndetse ibiduga binini binini bikaba vyarabujijwe kuhaca kugitinya ko vyogira amasanganya. Kuri iryo barabara uhaciye ahatari hato haramanyutse, ahandi naho huzuye imigaga. Hari aho ndetse imiduga ibiri idashobora kuhaca ibangabanganywe. Iryo barabara kandi riri mu mabarabara kirumara mu Burundi.


Floxella Karire

Messages

  • Iyo migambi izoherera munteguro.Ikizwi kiraje ishinga ubutegetsi is ineza y’abanyagihugu ni amatora bategura kujamwo no kuyaronsa uburyo.Aho hantu hose hashobora kuva financement barahabona kandi ubwo buryo barabunyuruza budkoze ico bwategerezwa gukora muntumbero yo kurondera amafranga ngo azokora amatora.Ngo n’aho amahanga atotanga ayo mafranga boba bariteze kuyitangira.None wumva boyakura he batagiye bakora uko!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.