IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibikorwa vyo gusukura ahaguye imvura y’isegenya vyitabwe n’abategetsi (...)

Ibikorwa vyo gusukura ahaguye imvura y’isegenya vyitabwe n’abategetsi batandukanye

samedi 15 Ruhuhuma 2014

Ibikorwa rusangi vyo kuri uwu wa gatandatu vyatumye imigende y’amazi yari yazivye kubera imvura y’isegenya yaguye ku munsi w’Imana iziburwa. Abategetsi bo muri Reta n’abahurikiye mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike bose uwu munsi wa gatandatu bawuhariye ivyo bikorwa vyo gusibura uturere twasinzikajwe n’iyo mpanuka y’imvura y’isegenya.

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, ari kumwe n’abandi bategetsi nk’umukuru w’inama nshingamateka, Piyo Ntavyohanyuma, uwuserukira umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi Parfait Onanga Anyanga, bakoreye ivyo bikorwa muri komine Kamenge, imwe muma komine yasinzikajwe n’iyo segenya y’imvura.

Abandi bategetsi bo muri Reta, hamwe n’abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi muri uwo mwanya nabo bari mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura mu bikorwa vyo gukura urwondo rwugarije amabarabara n’amazu kubera iyo mvura yaguye mw’ijoro ryo ku mu munsi w’imana ushira umunsi wa mbere igenekerezo rya 10 Ruhuhuma 2014.

Abo mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike nabo ntibasigaye inyuma muri ivyo bikorwa vyo gusibura n’ugusukura ibibanza vyasinzikaye. Mw’ishirahamwe FOCODE (Forum pour la Conscience et le Dévéloppement) ryari muri ivyo bikorwa bakaba baranatanguje isekeza, bari kumwe n’umuryango utabara imbabare CROIX Rouge, ryo kwegeranya ibifungurwa, impuzu, amafaranga bizofashishwa abanyagihugu bahuye n’ivyago.

Iyo mvura y’isegenya ntiyasinzikaje amakomine ari mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura gusa kuko hari n’amakomine nka Mutimbuzi na Isare zo mu ntara ya Bujumbura rural yashikiwe n’iyo mpanuka.


Egide Nduwimana

Messages

  • Ooooh nuwuserukira umunyamabanga mukuru wa UN mu burundi numukuru wigihugu cu Burundi nabandibanyacubahiro baserukira ibihuguvyabo cokimwe nabanyacubahiro bagize reta yu Burundi nabandi bomumashirahamwe yose mpuzamakungu akorera muburundi, tutibagiwe abanyacubahiro babakuru bimigambwe yomu Burundi,Mwese abarundi nincutizabarundi mbonye ukuntu mwitanze bimwevyhatari Imana ikomeze kubahezagira.

  • Ahorero abategetse mwese mubisata vyinzego z,IGIHUGU mugahurira mubikogwa vyogusanura igihugu,atawisigaje inyuma nkakumwe bamwebamwe mubategetsi mwahora muvyifatamwo nabi mugusiganya Nyakwubahwa PRESIDANT NKURUNZIZA.ndabifurije kuzobandanye uko gushika 2020,akokamo ndagatuye pacifique nabandi ntiriw ndavuga.hama mumbwirire barya BAGORE biyambitse ubusa,bagahenera Abana na Bavyeyi na BAGABO babo,uti ntumuzosubire kuririmba ngo mukeney agateka kigitsina Gore,iryo segenya ryinvura nimwe mwariteye,mwashavuje IMANA,mwaratumaramaje tuburaho dukwigwa.murasa ikigongwe IMANA na BANTU.mwerekanye ahera hahera kizira.

  • mana fasha abarundi bagire amahoro n,okwihangana turabasengera

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.