IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibiro biserukira sentare nkuru y’ibihugu vya Afirika y’Ubuseruko vyaje mu (...)

Ibiro biserukira sentare nkuru y’ibihugu vya Afirika y’Ubuseruko vyaje mu Burundi

mercredi 27 Ruhuhuma 2013

Abarundi ngo bagiye kuronka aho bacisha ibirego vyabo kugira bishikire muri sentare nkuru y’umuryango w’ibihugu vya Afirika y’Ubuseruko kuko ibiro vy’iyo sentare bizokugururwa kuri uyu wa gatanu italike 1 Ntwarante 2013. Iyo sentare yakira imanza zijanye n’ihonyangwa ry’amategeko agenga umuryango wa EAC gusa.

Amategeko agenga umuryango wa Afirika y ‘Ubuseruko EAC ategekanya ko habaho sentare nkuru ihuza ibihugu bitanu bigize uwo muryango. Imaze imyaka irenga 10 ikorera i Arusha, ubu naho iyo sentare iriko irashiraho ibiro vy’iyandikiro mu bihugu bigize uwo muryango. Hari hasigaye u Burundi, none ivyo biro bizokugururwa ku munsi wa gatanu w’iyi ndwi italike 1 Ntwarante 2013.

Kuri uyu wa gatatu, abagize sentare nkuru ya EAC basiguriye abamenyeshamakuru akamaro k’iyo sentare n’ibiro vyayo mu Burundi. Umucamanza Jean Bosco Butasi yavuze ko ari akamaro kanini kubarundi bose n’abanyamahanga baba mu Burundi.

Ni bande bashobora kwitura iyo sentare ya EAC

Umucamanza Jean Bosco Butasi yamenyesheje ko sentare nkuru ya EAC yugururiwe bose.

Yavuze ati ’’ Igihugu kiri muri EAC gishobora kwitwarira ikindi kubera hari icarenze ku masezerano canke cahesheje mu kuyashira mu ngiro, umunyamabanga mukuru wa EAC ashobora kwitura iyo sentare mugihe hari igihugu carenze mu maserano ya EAC, Abakozi ba EAC bashobora nabo nyene kwitura iyo sentare mu gihe hari ingingo iyi canke iyi iriya yahonyanzwe’’.

Ikindi gikomeye yavuze n’uko abanyagihugu bo mu mubihugu vya EAC bashobora kwitwarira ama Leta yabo. Yavuze ati ’’Abandandaza b’abarundi barashobora guhungabanirizwa agateka mu gihe bari kurondera ibidandazwa mu bindi bihugu. Ahandi naho ni igihe bankiwe kuba mu gihugu kimwe co muri EAC canke naho ukwishira no kwizana kw’abo kugahungabanywa’’.

Akarusho ka sentare nkuru ya EAC n’uko umunyagihugu atabanza kwitura sentare yo mu gihugu ciwe ariko ngo yumvise yarengenijwe aca atumbera ibiro vy’iyo biserukira iyo sentare canke agashika i Arusha ku cicaro cayo.

Ikiringo gitegekanijwe n’amezi abiri umuntu adategerezwa kurenza ataritwara uhereye aho umunsi icaha cakoreweko.

Jean Bosco Butasi yavuze ko iyo sentare yakira ibirego vyose bijanye n’ihonyangwa ry’amasezerano y’umuryango wa Afirika y’Ubuseruko EAC gusa. Ngo iyo sentare nta bubasha ifise bwo kwakira ivyaha bijanye n’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu, ivya politike, ivyo mu ntambara, ivyerekeye ivyaha bikomeye vy’agahomerabunwa n’ivyaha vy’ihonyabwoko.

Yahamagariye abarundi kwitura iyo sentare mugihe uburenganzira bwabo bwahonyanzwe ku vyerekeye amategeko agenga umuryango wa EAC.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.